Kim Jong-un: Korea ya Ruguru 'iri mu ngorane zikomeye' kubera amakosa kuri Covid

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibinyamakuru vya reta ya Koreya ya Ruguru bitangaza ko Kim Jong-un yahambariye abategetsi bakuru bakuru kubera amakosa yateje "ikibazo gikomeye" atavuze ico ari co gifitaniye isano na Covid-19.
Cabaye ikimenyetso kidasanzwe cerekana ubukari bw'iki kiza muri Koreya ya Ruguru yamye ihakana yivuye inyuma ko ata n'umwe yigeze yandura Covid mu gihugu - abahinga bakaba bagumye bafise amakenga.
Iki gihugu kiracugaye imbibe zaco mu ntumbero yo kuzibira uwu mugera.
Ariko bivuye ku bihano cafatiwe n'amakungu, iyi ngingo yatumye imfungurwa zikena mu gihugu, ibintu birayangara mu bijanye n'ubutunzi.
Mu misi iheze Kim yaremeye ko hari ikibazo c'imfungurwa "giteye ubwoba" aca abwira abanyagihugu kwitegurira ingaruka "zitari bwigere zibaho", aho yazigereranije n'amapfa yo mu myaka ya 1990 yihaye inkumbi muri ico gihugu.
Mu ntango z'ino ndwi, imboneshakure y'igihugu yerekanye amashusho adasanzwe y'umunyagihugu yavuga ko Kim aboneka ko "afise intege nke", amasanamu aheruka akaba yamwerekanye yaratakaje ibiro.
Kim Jong-un yavuze iki neza na neza?
Mu majambo yacishijwe ku kinyamakuru ca reta KCNA, Kim yagirije abategetsi bakuru ko babaye abanyarwangara, hari mu nama idasanzwe y'abarongoye umugambwe.
Ingaruka ni uko "bateje ikibazo gikomeye mu kubungabunga umutekano w'igihugu n'umutekano w'abanyagihugu kandi bikagira ingaruka zikomeye".
Iyi nkuru ivuga kandi ko abategetsi batari bake b'uwo mugambwe bakuwe - harimwo n'umwe ari muri komite ntayegayezwa - igizwe n'abantu batanu, harimwo na Kim ubwiwe.
Ariko, iyi nkuru nta zindi nsiguro itanga ku vyabaye canke kuri abo bategetsi bakuwe.
Aya majambo asigura iki?
Umushakashatsi yahunze Koreya ya Ruguru, Ahn Chan-il, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko iyi nkuru yerekana ko iki gihugu gisa n'icemera ko hari abanduye Covid.
Ni icerekana kandi ko "Pyongyang ishobora kuba ikeneye imfashanyo mpuzamakungu", nk'uko abivuga.
"Ahandi ho ibi ntibari kubikora kubera harimwo, vyanka bikunze, ingingo ya reta yo kwemera ko ubutegetsi bwananiwe mu twigoro twayo two kuzibira iki kiza".
Iyi nkuru ni icerekana ko ibintu vyifashe "nabi cane" mu gisata c'amagara y'abantu muri Koreya ya Ruguru, nk'uko bivugwa na Dr Leif-Eric Easley, umwigisha wa kaminuza Ewha Womans University i Seoul muri Koreya y'Epfo.
Ati: "Kim ategerezwa kurondera abo atako impfane kuri izi ngorane, mu kwirukana abategetsi b'abahemu no mu kubatako amakosa.
"Iki kirashobora kuba ishingiro ya Pyongyang mu gusaba abanyagihugu kwifatafata gusumba, ariko kandi kigashobora kuba gisigura ko iki gihugu kigiye kwemera incanco ziva mu mahanga".
None ibintu vyifashe gute muri Koreya ya Ruguru?
Koreya ya Ruguru yarafashe ingingo ruhasha, ibinyamakuru vya reta navyo bikaba bibandanya bisaba abanyagihugu kuba maso kugira ntibinjiranwe n'umugera.
Mu mpera z'umwaka uheze ibi binyamakuru bikaba vyagabishije abanyagihugu kwirinda "umukungugu w'umuhondo" (yellow dust/tempête de sable jaune) uva mu Bushinwa. Nta sano rizwi riri hagati y'ibicu vy'umukungugu biza mu gihe kanaka c'umwaka na Covid-19.
Urudandaza hagati ya Koreya ya Ruguru n'incuti yayo nyamukuru, Ubushinwa, rwaragabanutse kuva ico gihugu cugara imbibe zaco, imfungurwa zimwe zimwe n'imiti bikaba bitashoboye kwinjira mu gihugu.
Amashirahamwe y'abagiraneza aragabisha ko hashobora kuba ikibazo gikomeye c'imfungurwa n'ubutunzi.
Amakuru yasohotse mu mezi aheze avuga ko ibiciro vy'ibifungurwa vyadutse cane, ko hari n'abapfuye bahitanywe n'inzara, ibitigiri vy'abantu basegerereza indya navyo bikaduga.











