North Korea yagirizwa kwiba ubuhinga bwo gukora urucanco rwa Pfizer rwa Covid-19

Pyongyang

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igisata kijejwe igendereza ca Koreya y'Ubumanuko cagiriza Koreya y'Uburaruko kwiba ubuhinga bwo gukora urucanco rwa Pfizer rwa Covid-19

Abajejwe igendereza muri Koreya y'Ubumanuko bavuga ko Korea y'Uburaruko yagerageje kwiba ubuhinga bwo gukora urucanco rwa Covid-19 rwakozwe n'ikompanyi ya Amerika ikora imiti Pfizer.

Gusa gushika ubu ntibiratomoreka neza urugero yoba yari imaze gushikako mu kwiba ubwo buhinga.

Ikinyamakuru Yonhap gitangaza ko igisata kijejwe igendereza ca Koreya y'Ubumanuko cashikirije ico kibazo abashingamateka.

BBC yashatse kumenya ico Pfizer ivuga kuri ubu busuma ariko ntirishura.

Koreya y'Uburaruko ivuga ko ata munyagihugu n'umwe wayo arigera yandura coronavirus.

Hagati aho, iki gihugu citeze kuronswa incanco zingana na miriyoni zibiri z'urucanco rwa AstraZeneca-Oxford mu ndwi ziri imbere.

Kuva umugera wa coronavirus utanguye kwibonekeza mu kwa mbere kw'umwaka uheze mu Bushinwa, Koreya y'Uburaruko yaciye yugara imbibe zayo.

Mu kwa cumi na rimwe, ikompanyi Microsoft ihingura inyabwonko yatangaje ko n'imiburiburi amakompanyi icenda ahingura imiti harimwo na Pfizer yinjiriwe n'amashirahamwe yegukira reta z'ibihugu vya Koreya y'Uburaruko n'Uburusiya.

Microsoft yavuze ko hari amashirahamwe yo muri Koreya y'Uburaruko azwi nka Zinc na Cerium, hamwe n'irindi ryo mu Burusiya ryitwa Fancy Bear, abifisemwo uruhara.

Uburusiya burahakana ko butinjirira ubushakashatsi bw'ibindi bihugu ku vyerekeye incanco.

N'aho utwigoro twinshi two kugerageza kwiba ubu buhinga ataco twashitseko, Microsoft yagabishije ico gihe ko hari hamwe hamwe vyashobotse.

Presentational grey line

Umwihwezo w'mumenyeshamakuru w'umuhinga mu bijanye n'umutekano Gordon Corera

Kuva iki kiza caduka hari ibihugu vyagumye birungika aba hackers babo mu rwego rwo guhangana na coronavirus.

Kimwe muri ibi harimwo kwegeranya amakuru y'igendereza hakaba kandi no kwiba ubuhinga kugira babukorereko.

Korea y'Uburaruko yamye iboneka ko ari kimwe mu bihugu bikomeye cane muri iki gisata.

Ni igihugu ciyugaye ariko gifise abahinga bakomeye mu busuma bwo mu nyabwonko bamye barondera kwinjirira ibindi bihugu, atari ukwiba amabanga gusa, ariko kandi no kurondera amafaranga.

Mu mwaka uheze mu Bwongereza, vyabaye ngombwa ko ikigo kijejwe umutekano w'inyabwonko ( National Cyber Security Centre) gishiraho uburyo bwo gukingira ubushakashatsi ku ncanco.

Ntagushidikanya ko kubera ibikorwa bihari bikomeye, inzego zijejwe imiti n'amagara y'abantu zigiye kwitaho gusumba umutekano w'inyabwonko kugira zikingire kazoza.