North Korea: Amashusho atamenyerewe y’abanyagihugu kuri Kim Jong-un yatakaje ibiro

Itororokanirizo ry'amakuru rya Koreya ya Ruguru KCNA ryasohoye ifoto ya Kim Jong-un ari mu nama y'umugambwe wiwe ku wa 18 z'uku kwa gatandatu

Ahavuye isanamu, EPA/KCNA

Insiguro y'isanamu, Itororokanirizo ry'amakuru rya Koreya ya Ruguru KCNA ryasohoye ifoto ya Kim Jong-un ari mu nama y'umugambwe wiwe ku wa 18 z'uku kwa gatandatu
    • Umwanditsi, Na Alistair Coleman
    • Igikorwa, BBC Monitoring

Koreya ya Ruguru yerekanye amashusho adakunze kwerekanwa y'umwe mu banyagihugu bayo ashikiriza amakenga ko indongozi y'iki gihugu Kim Jong-un yatakaje ibiro giturumbuka.

Kuvuga ku magara y'iyi ndongozi ntivyemewe muri ico gihugu, aho ibivugwa ku buzima bwiwe bicungwa cane n'imboneshakure y'igihugu.

Imboneshakure nkuru y'igihugu yerekanye kandi amashusho ya Kim asa n'uwonze ugereranije no mu myaka iheze.

Iyi ni isanamu ya Kim Jong-un yo mu kwa kabiri uno mwaka wa kabiri 2021

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Iyi ni isanamu ya Kim Jong-un yo mu kwa kabiri uno mwaka wa kabiri 2021

Hari ibihuha bimaze igihe bivuga ku bijanye n'amagara y'iyi ndongozi ya Koreya ya ruguru mu myaka cumi amaze ku butegetsi, ariko ni gake vyigezwe vyemezwa na reta y'iki gihugu ivuga gake.

Abanya Koreya ya Ruguru babonye iki?

Amareresi abiri aherutse kwerekanwa ku mboneshakure nkuru y'igihugu, Korea Central Television, avugwa ko yateje impungenge ku bijanye n'amagara y'iyi ndongozi y'ikirenga.

Ireresi imwe imwerekana yijiira mu giteramo yonze mu buryo budasanzwe.

Uyu munyagihugu wo muri Pyongyang avuga ko "abantu bose baciye batangura kurira" babonye Kim

Ahavuye isanamu, Korea Central TV

Insiguro y'isanamu, Uyu munyagihugu wo muri Pyongyang avuga ko "abantu bose baciye batangura kurira" babonye Kim

Iya kabiri - idasanzwe na gato - ni iy'umunyagihugu aba ku mugwa mukuru Pyongyang atavuzwe izina yabwiye imboneshakure Central TV ku wa gatanu ati: "Kubona [Kim] yabaye magara make gutya, twese vyatubabaje cane.

Ati: "Abantu bose baciye batangura kurira".

Imbere y'aha, amashusho n'amasanamu yavuye mu manama y'umugambwe Workers Party muri kuno kwezi yerekanye ko Kim yariko aratakaza ibiro.

Umwihwezo w'ikinyamakuru co ku rubuga ngurukanabumenyi NK News werekana ko umukanda w'isaha yiwe izimvye wari ukakijwe gusumba uko vyahora, iki kinyamakuru kikerekana ko yariko aratakaza ibiro.

Gushika ubu ntibizwi igituma iyi reresi yerekana amakenga y'uyu munyagihugu yerekanywe.

Ariko Kwak Gil Seob arongoye One Korea Center, urubuga ngurukanabumenyi ruvuga ibijanye n'ivya Koreya ya Ruguru, yabwiye BBC ko ubutegetsi bwa Pyongyang "butari gushobora kureka ngo ibintu bibi kuri Kim Jong-un vyerekanwe" - bisigura ko iyi reresi yerekanywe "kugira ngo Kim Jong-un we nyene ubwiwe yerekane ko ariko aratakaza ibiro".

Kwak ati: "Iyi reresi yerekana ko yitayeho abantu biwe. Kim Jong-un ariko arikoresha nk'urubuga rwo kwamamaza isura nk'iyo umutegetsi ariko yitangira abanyagihugu biwe ijoro n'umurango".

Kubera iki ibi ari bintu bikomeye ?

Amagara ya Kim amaze igihe ateza impungenge mu gihe kitari gito amaze ku butegetsi bw'iki gihugu.

Yashikiriye ubutegetsi asubiriye uwari se wiwe Kim Jong-il mu kwa cumi na kabiri 2011 kandi abakurikirana ivya Koreya ya ruguru bagiye babona ibiro vyiwe bigenda vyongerekana mu myaka cumi amaze ku butegetsi.

Kim ni uwo mu gisekuru kigira gatatu mu muryango ukomoka kuri Kim arongoye iki gihugu kigendera ku ntwaro ya gikomunista, kandi ubutegetsi bwa Koreya ya Ruguru bubonwa ko ari umurage ukomoka ku co reta yita "abanyacubahiro bo ku musozi wa Paektu" - umusozi wubashwe uri mu buraruko, aho uwatanguje iki gihugu Kim Il -Sung avugwa ko ariho yari yashinze ikirindiro mu ntambara ya kanyeshamba yo kurwanya intwaro ya gikoloni y'Ubuyapani .

Ntibiboneka neza umuntu ashobora gusubirira Kim Jong-un kandi bishitse agapfa canke akananirwa no kurongora igihugu bishobora gutuma habura uburongozi muri ico gihugu gifise inguvu z'ubumara, bigashobora gutuma umutekano uusubira guhungabana muri Aziya y'Ubuseruko.

Hari abibaza ko mu gihe mushikiwe Kim Yo-jong yoboneka ko adashoboye kurongora igihugu ubutegetsi bushobora kwimukira mu wundi muryango ku ncuro ya mbere.

Imbere y'aha amagara yiwe yoba yarigeze kuba ikibazo?

Mu 2014, Kim Jong-un yaramaze imisi 40 ataboneka, bituma haba amajambo menshi yavuga ko yoba yari arwaye cane canke mbere yanapfuye.

Igihe asubiriye kwiyerekana, yabonetse agenda yishimikije inkoni, abihweza ibintu n'ibindi bakaba bavuze ko yari umurwaruke inyuma y'aho abagiwe ijisho ry'ikirenge.

Harabaye ibihe yagiye azimangana bituma reta ya Koreya y'Epfo yemeza ko hari mu ntumbero yo kwivuza.

Kimwe mu bintu nk'ibi cabaye mu 2020, Kim yagiye kuboneka afise ibimenyetso ku gikonjo, ivyashobora kuba vyerekana ko yariko aravurwa.

Avugwa ko afise imyaka 37, kandi akaba azwi ko anywa itabi ryinshi. Avugwa kandi ko anywa inzoga nyinshi.

Iyongerekana ry'ibiro vyiwe uko imyaka yagenda vyatumye abihweza ibintu n'ibindi bibaza ko yashobora kuba afise ibibazo vy'amagara, aho bibaza ko yoba arwaye igisukari na goutte.

Ariko, bitumwe n'uko gushika ubu ibinyamakuru vya reta bitigera bivuga ku magara y'uyu mutegetsi, ibi biragoye kwemezwa.