Mojtaba Khamenei yatowe gusubirira se muri Iran mu gihe ibiciro vy'ibitoro vyaduze kuri uyu musi wa 10 w'intambara
Khamenei yatangajwe nk'usubiriye se, Ayatollah Ali Khamenei, yiciwe mu bitero vya mbere vya Amerika na Israel.
Incamake
- Amafoto mashasha ava mu karere karimwo intambara mu gihe ibitero bikibandanya
- Ishirahamwe ry'ibitoro muri Bahrain ryamenyesheje ko riri 'mu bibazo bikomeye' inyuma y'igitero
- DR Congo: Indi nkangu yishe 'abantu benshi' mu kirombe cya Rubaya
- Iran yagavye ibitero bishasha kuri Israel no mu Kigobe c'abarabu
- Imvura nyinshi n'imyuzure vyahitanye n'imiburiburi abantu 42 i Nairobi
- Trump ati: Guhagarika intambara bizoba ku "mwumvikano" na Netanyahu
- Starmer na Trump bavuganye bwa mbere kuva Trump amunenze ku bijyanye na Iran
- Ibiciro by'ibitoro byazamutse kurushaho Trump ati: "ni ikiguzi gito isi igomba kwishyura ku mahoro n'umutekano"
- Umuntu umwe aba i Tehran ati: 'Ntibakeneye no guhindura indirimbo'
- Mojtaba Khamenei agiye kuba umukuru w'ikirenga mushasha wa Irani
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana, Didier Bikorimana na Samba Cyuzuzo
Tanzania yacyuye abaturage bayo 236 bari baraheze i Dubai kubera intambara
Indege ya kompanyi ya Tanzania imaze kugeza Aba-Tanzaniya babarirwa kuri 236 mu mujyi wa Dar es Salaam nyuma y'uko bari baraheze i Dubai muri Emira Zunze Ubumwe z''Abarabu kubera intambara ya Amerika, Israel na Iran.
Kompanyi y’ingendo z’indege ya leta ya Tanzania yohereje indege yihariye kubakura mu mujyi wa Dubai aho bari bari bamaze iminsi barabuze uko bataha.
ATCL iravuga ko bidasanzwe ko yohereza indege nini mu gihugu mu mujyi wa Dubai ariko kubera ikibazo cy’iyi ntambara, bashobora kohereza indi ndege nini kugarura abandi basigayeyo mu minsi ya vuba aha.
Umuyobozi ushinzwe ingendo muri iyi kompanyi Captain Arif Jinnah yavuze ko abagenzi bose bari bateganyijwe gukurwa i Dubai uyu munsi bose bageze mu gihugu, n’ubwo yavuze ko byabaye ngombwa ko basiga ibicuruzwa byabo.
Abanyamahanga benshi baheze mu bihugu byo mu burasirazuba bwo hagati kubera iyi ntambara ubu imaze iminsi 10.
Umunyamakuru wa BBC Eagan Salla yari kukibuga cy'i ndege cya Dar es Salaam maze atwoherereza aya mafoto:

Ahavuye isanamu, BBC/EAGAN SALLA
Insiguro y'isanamu, Abagenzi bakiriwe n'imiryango yabo yavuze ko yari ifite impungenge z'umutekano bwa bavandimwe bari baraheze i Dubai 
Ahavuye isanamu, BBC/ EAGAN SALLA
Insiguro y'isanamu, Bamwe mu bari baje kwakira abanyamuryango babo ku kibuka cy'i ndege cy'i Dar es Salaam ‘Nizeye ko uzakomeza umurimo wa so’ – Putin yashimiye umutegetsi mushya w’ikirenga wa Iran

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Putin yabwiye Mojtaba Khamenei ko azakomeza kuba "umufatanyabikorwa wo kwizerwa" wa Iran Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya yashimye itorwa rya Mojtaba Khamenei nk’umutegetsi mushya w’ikirenga wa Iran anemera ubufasha bwa Moscow kuri Tehran.
Mu butumwa bwashyizwe ku rubuga rwa Kremlin (ibiro bya perezida w’Uburusiya), Putin yagize ati: “Akira ubutumwa bwanjye bw’ishimwe ku gutorerwa kuba umutegetsi w’ikirenga wa Repubulika ya Kislamu ya Iran”
Putin yavuze ko ashimangira “ubufasha buhoraho kuri Tehran no kwifatanya n’inshuti zacu z’abanya-Iran”, ndetse abizeza ko azakomeza kuba “umufatanyabikorwa wo kwizerwa”.
Asa n’ubwira Khamenei, Putin yagize ati: “Muri iki gihe Iran irimo guhura n’ibitero by’ubushotoranyi, ibikorwa byawe muri uyu mwanya wo hejuru nta gushidikanya ko bizasaba ubutwari bukomeye n’ubwitange”.
Yongeraho ati: “Nizeye ko uzakomeza mu cyubahiro umurimo wa so kandi ugakomeza kunga ubumwe bw’abanya-Iran imbere y’iki kibazo gikomeye”.
Uburusiya ni umufatanyabikorwa ukomeye wa Iran kandi mu byumweru bicye mbere y’uko Iran iterwa na Amerika na Israel, ibyo bihugu byombi byari byakoze imyitozo ihuriweho y’ingabo zirwanira mu mazi.

Ahavuye isanamu, AFP
Insiguro y'isanamu, Putin hamwe na Ayatollah Ali Khamenei mu 2022 Guinea yahagaritse amashyaka agera kuri 40 yakoreraga mu gihugu

Ahavuye isanamu, Presidence de la Guinée
Insiguro y'isanamu, Perezida Doubouya yarahiye mu kwezi kwa Mutarama(1) uyu mwaka nyuma yo gutsinda amatora mu Ukuboza Leta ya Conakry yahagaritse amashyaka agera kuri 40 mu gihugu mu cyo abatavuga rumwe na yo bise umuhate wa perezida Doumbouya wo “gushinga ubutegetsi bw’ishyaka rimwe”.
Mamady Doumbouya wagiye ku butegetsi kuri coup d’état mu 2021, mu Ukuboza(12) gushize yatsinze amatora ku bwiganze, ibyayavuyemo byamaganwe n’abatavugarumwe na we.
Mu ijoro ryo ku wa gatanu, minisitiri w’ubutegetsi w’iki gihugu yatangaje ko amashyaka agera kuri 40 ibiro n’ibirango byayo bifunzwe kandi bitemerewe gukora no gukoreshwa.
Iryo teka rya minisitiri ryavuze ko ayo mashyaka yananiwe kubahiriza ibisabwa nko gutanga raporo y’uko abona akanakoresha imari.
Amashyaka menshi muri ayo yamaganye icyo cyemezo cyo kuyabuza gukora.
Mu butumwa bw’amashusho yatangaje ku cyumweru, Cellou Dalein Diallo wo mu ruhande rutavugarumwe n’ubutegetsi, yavuze ko ibi ari “intambara yatangajwe ku mugaragaro” ku badashyigikiye Doubouya.
Diallo, uba mu buhungiro, avuga ko Doumbouya ashaka gukuraho imbaraga zose zishobora kurwanya “icyifuzo cye cyo gushyinga ubutegetsi bw’ishyaka rimwe”.
Soma izindi nkuru:
Amafoto mashasha ava mu karere karimwo intambara mu gihe ibitero bikibandanya

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Umuriro wadutse ahari inyubakwa yasenyutse inyuma y'igitero c'indege za Israel mu bumanuko bw'igisagara ca Beirut muri Libani 
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Abantu bagiye mu maziko i Tehran, muri Irani, ku bantu bishwe n’ibitero vya Israel na Amerika 
Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Ibisasu vya misile mu kirere hejuru y'igisagara ca Netanya kiri ku nkengera za Israel mu gitero ca Irani co mw'ijoro ryakeye 
Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Umwotsi uduga hejuru y'uruganda rutunganya ibitoro rwa Bapco mw'izinga rya Sitra muri Bahrain, inyuma y'igitero ca Irani Izindi nkuru wosoma:
Ishirahamwe ry'ibitoro muri Bahrain ryamenyesheje ko riri 'mu bibazo bikomeye' inyuma y'igitero

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Igitero cagabwe kw'ishirahamwe Bapco Energies riri muri Bahrain Ishirahamwe ry’igihugu rya Bahrain rijejwe ivy’igitoro, Bapco, ryatangaje ko rishizeho ingingo y’uko riri mu bibazo bikomeye canke “force majeure”, inyuma y’uko ibikorwa vyaryo bihungabanyijwe n’intambara iri mu Burasirazuba bwo Hagati hamwe n’igitero giherutse kugabwa ku ruganda rwaryo rutunganya igitoro.
Gutangaza ko iri mu bibazo bikomeye (force majeure) bituma ishirahamwe rishobora kutubahiriza amasezerano riba rifise mu gihe habaye ikintu kidasanzwe kandi kitari mu bushobozi bwaryo.
Force majeure ni ingingo iba iri mu masezerano ituma impande ziri mu masezerano zidahanwa canke ngo zibazwe ku kutubahiriza ayo masezerano igihe habaye ibintu bitari vyitezwe kandi bitari mu bubasha bwazo, nk’ivyago vy’ibidukikije, intambara canke indwara z’ivyaduka, bituma izo mpande (canke uruhande) zitarangura ivyo ziba ziyemeje.
Nk’uko twagiye tubitangaza, igiciro mpuzamakungu c’igitoro carenze amadolari 100 ya Amerika ku kagunguru kamwe, kubera ibitero biri kubera mu bice bitandukanye vy'ako karere bigabanya itangwa ry’ico gitoro, kandi bigatuma bigora cane no kugishikana ku masoko, ibituma n’igiciro co gutwara ico gitoro kiduga.
Izindi nkuru wosoma:
DR Congo: Indi nkangu yishe 'abantu benshi' mu kirombe cya Rubaya

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Insiguro y'isanamu, Leta ya DRC ivuga ko ubucukuzi bw'amabuye y'agaciro i Rubaya "bunyuranyije n'amategeko" (ifoto mbarankuru yo mu bubiko) Leta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) ivuga ko ibabajwe cyane n’abandi bantu benshi bapfiriye mu bucukuzi bw’amabuye y’agaciro “bunyuranyije n’amategeko” mu kirombe cya Rubaya, kigenzurwa n’inyeshyamba za M23, mu burasirazuba bw’icyo gihugu.
Mu bapfuye harimo abana n’impinja, naho abandi benshi bakomeretse, nkuko itangazo rya minisiteri y’itangazamakuru ya DRC ribivuga.
Leta ivuga ko abo bantu, itaramenya umubare, bapfuye mu gitondo cyo ku wa gatandatu, ahagana saa kumi za mu gitondo (4:00), kubera inkangu nini yatewe n’imvura nyinshi.
Iyo nkangu yazibye inzira z’imbere mu kirombe cya Gakombe, kinazwi ku rindi zina rya Gatambi Kalambairo, kiri mu gace ka PE-16159 ka kompanyi y’igihugu yitwa SAKIMA (Société Aurifère du Kivu et du Maniema), i Rubaya, muri teritwari ya Masisi, mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Nta cyo umutwe wa M23 – ugenzura Rubaya n’ibindi bice byinshi byo muri Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo – wahise utangaza kuri iyo nkangu yatangajwe na leta ya DRC.
Leta ya DRC ivuga ko kubera ko “umutekano w’ako karere ugihungabanyijwe n’urugaga rw’ubushotoranyi no kwigarurira [ubutaka] rwa M23/AFC/RDF”, kugera aho byabereye bigoranye, ibyo bikaba byatumye leta idashobora kuvugana n’abariyo n’abigenga ngo imenye umubare nyawo w’abapfuye.
U Rwanda rushinjwa n’Amerika no muri raporo za ONU gufasha umutwe w'inyeshyamba wa M23 urwanya ubutegetsi bwa DRC, mu kuwuha abasirikare, ibikoresho n'amategeko.
Leta y'u Rwanda ihakana gufasha M23, ikavuga ko yashyizeho "ingamba z'ubwirinzi". Mu ntangiriro y'uyu mwaka, ambasaderi w'u Rwanda muri Amerika yemeje ko u Rwanda rufitanye ubufatanye na M23 mu by'umutekano.
Ubu ni ubwa gatatu mu minsi 37 ishize abantu bapfiriye mu bucukuzi bw’amabuye y’agaciro “bunyuranyije n’amategeko” mu kirombe cya Rubaya, nkuko leta ya DRC ibivuga.
Icyo kirombe cyaherukaga guhirima ku itariki ya 3 Werurwe (3) no ku itariki ya 28 Mutarama (1) uyu mwaka – amahirima bigereranywa ko yapfiriyemo abantu barenga 500 bose hamwe.
Leta ya DRC yagize iti: “Ukwisubiramo kw’ibi bintu bipfiramo abantu kongeye kugaragaza ibyago bikomeye cyane abaturage b’abasivile bahura na byo muri aka karere k’ubucukuzi, nk’abacukuzi gakondo n’abana, bahatirwa gukorera mu birongozi [nzira] bidatekanye.”
Ibirombe by'i Rubaya birimo hafi 15% bya coltan yose icuruzwa ku isi, ndetse birimo kimwe cya kabiri cya coltan yose iboneka muri DRC.
Iryo buye ry'agaciro ririmo tantalum yifashishwa mu gukora ibikoresho bya elegitoronike, nka telefone zigendanwa.
Leta ya DRC yihanganishije imiryango y’abishwe n’iryo hirima rya vuba aha ry’ikirombe i Rubaya, yibutsa ko akarere k’ubucukuzi ka Rubaya gasanzwe kari mu cyiciro cy'"akarere gatukura", bivuze ko bibujijwe gucukuramo amabuye y’agaciro no kuyacuruza.
Yongeyeho ko "ubucukuzi bukomeje kuhakorerwa burenze mu buryo bugaragara ku mategeko ya Congo no ku mategeko y’ibanze y’umutekano".
DRC ivuga ko ubwo bucukuzi "bunyuranyije n'amategeko" bugamije gushakira M23 amafaranga yo gukoresha mu ntambara, ikavuga ko yafashe ingamba zo kugeza mu nkiko abo bose babyungukiramo mu buryo butaziguye cyangwa buziguye, ndetse ko izakomeza guharanira gusubizaho ubusugire ku butaka bwayo bwose kugira ngo ubwo bucukuzi buhagarare.
Izindi nkuru wasoma:
Iran yagavye ibitero bishasha kuri Israel no mu Kigobe c’abarabu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Amafoto yerekana inyubakwa y'icicaro gikuru c'ingabo za Amerika muri Bahrain Igihugu ca Bahrain kivuga ko iki arico gitero cahitanye kandi gikomeretsa abantu benshi kurusha ibindi vyose vyabaye muri ivyo bihugu vyo mu Kigobe kuva iyi ntambara itanguye.
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri ico gihugu buvuga ko igitero cakozwe hakoreshejwe indege zitajamwo abadereva (drones) cakomerekeje abasivire 32, harimwo abana bane, muto kurusha abandi akaba afise amezi abiri gusa.
Kuva intambara itanguye, abantu n’imiburiburi 10 ni bo bamaze gupfa mu bihugu vyo mu bigobe vy’abarabu, benshi muri bo bakaba ari abajejwe umutekano canke abakozi b’abanyamahanga.
Ibihugu vya Qatar, Kuwait, Leta Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE) na Arabie Saoudite na vyo vyamenyesheje ko vyatewe ibitero bishasha mw’ijoro ryakeye.
Arabie Saoudite yavuze ko yafashe yongera irasambura imirwi ibiri y’ama drone yari yerekeje ku kigo gihingura igitoro. Ikindi gitero ca drones cabaye ubwambere cari catewe ku nyubakwa ya ambasade ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bituma ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika butegeka ko abakozi ba Leta batari ngombwa cane bava muri ico gihugu.
Abategetsi bo muri Irani baragabishije ko bashobora kwagura ibitero ku bikorwa remezo vyo muri ako karere mu gihe Israel na Amerika bobandanya gutera ku nyubakwa zabo.
Izindi nkuru wosoma:
Imvura nyinshi n'imyuzure vyahitanye n'imiburiburi abantu 42 muri Kenya

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Bimwe mu vyononekaye kubera imvura Abantu 42 ni bo bamaze kumenyekana ko bapfuye muri Kenya inyuma y’imvura nyinshi yaguye mu mpera z’indwi iheze igatera imyuzure ikomeye, mu murwa mukuru Nairobi abashika 28 barapfuye.
Abategetsi bavuga ko abantu nka 30 bashoboye gutabarwa i Nairobi mu bikorwa vy’ukurokora vyakozwe n’inzego z’umutekano, ariko abandi benshi batwawe n’amazi y’imyuzure canke bagapfa batewe n’umuyagankuba mu gihe amazi yakwiragira mu bice bitari bike vy’ico gisagara.
Igipolisi kivuga ko imvura nyinshi yaguye cane mw’ijoro ryo ku wa gatanu rishira ku wa gatandatu yatumye inzuzi zuzura zigaseseka, amazi akuzura mu mabarabara, mu nzu z'abantu no mu nzu z’ubucuruzi.
Mu bibanza bimwebimwe, abantu basanze bafatiwe mu modoka zabo kubera amazi yaduga ningoga.
Igisirikare ca Kenya carungitswe gufasha mu bikorwa vyo gutabara no gukura abantu mu bibanza vyari vyuzuyemwo amazi.

Ahavuye isanamu, EPA
Insiguro y'isanamu, Ibarabara ryuzuyemwo amazi. Amabarabara akomeye arimwo ayitwa Mombasa Road, Uhuru Highway, Kirinyaga Road hamwe n’ibice bimwe vy’igice citwa Westlands yararengewe n’amazi, bituma ingendo z’abantu n’imodoka zihagarara mu mpera z’indwi.
Ku kibuga c’indege ca Nairobi, indege zimwe zarahagaritswe izindi zirungikwa kugwa i Mombasa kubera ikirere kibi.
Abajejwe intwaro bavuze kandi ko n’ibintu vyinshi vyononekaye cane kandi ko hari abanyagihugu bavuye mu mazu yabo.
Ikigo kijejwe ivy’ikirere muri Kenya caburiye ko imvura ishobora kubandanya, bigatuma inzuzi zishobora kwongera kuzura, kandi ko abanyagihugu basabwe kwirinda amabarabara yuzuyemwo imyuzure n'imifurege itwara amazi. imigwi y'ubutabazi yo ivuka ko iri maso, yiteguriye gutabara.
Izindi nkuru wosoma:
Trump ati: Guhagarika intambara bizoba ku “mwumvikano” na Netanyahu

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Trump na Netanyahu bari kumwe mu kiganiro bagiranye n'abanyamakuru Umukuru wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yavuze ko ingingo yo kumenya igihe intambara na Iran izorangirira izofatwa ku mwumvikano hagati yiwe n’umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu, nk’uko vyatangajwe n’ikinyamakuru Times of Israel.
Mu kiganiro kuri telefone, Trump yavuze ko abo bagabo babiri "bariko baravugana", yongerako ko "azofata ingingo hageze".
Abajijwe nimba Israel ishobora kubandanya intambara na Iran mu gihe Amerika yofata ingingo yo guhagarika ibitero vyayo, Trump ntiyashatse kwinjira muri ico kibazo, yongerako ati: "Sinibaza ko bizoba bikenewe".
Abajijwe ku bijanye na Mojtaba Khamenei yogenwa (ubu yamaze kugenwa) nk'umukuru w'ikirenga wa Irani, Trump yaranse kugira ico abivugako, avuga ati: "Tuzoraba uko bizogenda".
Imbere y'aho, Trump yari yarerekanye ko adashigikiye Mojtaba, aho yavuze ati: “Umwana wa Khamenei ntashoboka kuri jewe.”
Ayandi makuru wosoma:
Starmer na Trump bavuganye bwa mbere kuva Trump amunenze ku bijyanye na Iran

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y'isanamu, Perezida w'Amerika Donald Trump (ibumoso) na Minisitiri w'intebe w'Ubwongereza Sir Keir Starmer, mu kiganiro n'abanyamakuru muri Nzeri (9) mu 2025 Minisitiri w’intebe w’Ubwongereza Sir Keir Starmer na Donald Trump bavuganye bwa mbere kuva uwo Perezida w’Amerika anenze n’umujinya igisubizo cy’Ubwongereza kuri Iran.
Ibiro bya Minisitiri w’intebe w’Ubwongereza – byitwa No 10 – byatangaje amakuru macye kuri icyo kiganiro cyo kuri telefone, bivuga ko abategetsi bombi baganiriye ku kuntu ibintu bimeze mu burasirazuba bwo hagati, no ku bufatanye hagati y’Ubwongereza n’Amerika.
Ku wa gatandatu, Perezida Trump yavuze ko Ubwongereza bwari burimo butekereza ku kohereza mu burasirazuba bwo hagati amato atwara indege z’intambara ariko arabipfobya, yandika ku mbuga nkoranyambaga ati:
“Ntiducyeneye abantu baza mu Ntambara twamaze kuzitsinda!” – nuko yita Ubwongereza “uwahoze ari inshuti ikomeye cyane yacu.”
Mbere, Sir Keir yavuze ko Ubwongereza butazajya mu bikorwa byo kugaba ibitero, ariko yemera ko Amerika ikoresha ibigo bya gisirikare by’Ubwongereza mu bitero byo kwirwanaho ku bigo bya misile bya Iran.
Trump yakomeje kugaragaza ko ababajwe na Minisitiri w’intebe w’Ubwongereza nyuma yuko yanze ubusabe bw’Amerika bwo gukoresha ibigo bya gisirikare by’Ubwongereza mu bitero bibanza kuri Iran.
Mu cyumweru gishize, Trump yavuze ko atishimiye Ubwongereza, yongeraho ko Sir Keir “si Winston Churchill [wari Minisitiri w’intebe w’Ubwongereza mu ntambara ya kabiri y’isi]”.
Izindi nkuru wasoma:
Ibiciro by’ibitoro byazamutse kurushaho, Trump ati: “ni ikiguzi gito isi igomba kwishyura ku mahoro n’umutekano”

Ahavuye isanamu, NurPhoto via Getty Images
Ibiciro by’ibitoro ku masoko mpuzamahanga byakomeje kuzamuka hejuru ya 100$ ku kagunguru (kaba karimo hafi 159L) k’ibitoro bitunganyije mu gihe intambara hagati ya Amerika ifatanyije na Israel kuri Iran igeze ku munsi wa 10.
Impamvu nyamukuru ni uko umuhora wa Hormuz w’ingenzi cyane mu gukura ibitoro mu bihugu byo mu burasirazuba bwo hagati bikagera ku isoko ry’isi ukomeje gufungwa.
Ku isoko ryo muri Aziya muri iki gitondo akagunguru k’ibitoro kazamutseho 24% kagera ku $114.
Ingaruka z’izamuka ry’ibi biciro zitezwe kugera no ku masoko mu bihugu byinshi ku isi niba nta gihindutse.
Iri zamuka ni ryo rya mbere rinini ribayeho kuva muri Gashyantare 2022 ubwo Uburusiya bwateraga Ukraine.
Ibitoro bigera kuri 20% bigurishwa ku isi bica muri uriya muhora wa Hormuz Iran yafunze kuva iyi ntambara yatangira.
Abasesenguzi bamwe bavuga ko ibi nibikomeza kugera ku mpera z’uku kwezi akagunguru k’ibitoro gashobora kugera ku 150$, igiciro katigeze kageraho na rimwe mbere.
Perezida Donald Trump kuri iri zamuka ry’ibiciro by’ibitoro yavuze ko ari “iby’igihe gito” ko “bizamanuka vuba” nibamara gusenya ingufu kirimbuzi za Iran.
Mu butumwa yanditse ku rubuga rwe Truth Social yongeyeho ko iki giciro cyazamutse ari “ikiguzi gito Amerika n’Isi bagomba kwishyura, amahoro n’umutekano”.
Izindi nkuru wasoma:
Umuntu umwe aba i Tehran ati: 'Ntibakeneye no guhindura indirimbo',

Ahavuye isanamu, Getty Images
Insiguro y'isanamu, Mojtaba Khamenei, umukuru w'ikirenga mushasha wa Irani Mu kanya nabajije abantu batatu baba ku murwa mukuru wa Irani, Tehran, bose bakaba ari abagabo bari mu myaka 30, ingene biyumva ku bijanye n’ugushirwaho kwa Mojtaba Khamenei ngo abe umurongozi mukuru wa Irani.
Biragoye cane kuyaga n’abantu bari imbere muri Irani kubera internet yacitse, ariko hari bamwe bashobora kuronka akanya gato ko kwinjira kuri internet. Nagerageje kudatanga amakuru yabo mu buryo butomoye cane kugira ngo ndinde umutekano wabo.
Umwe muri abo bagabo yavuze ati:“N’amahirwe make cane yari asigaye y’impinduka ntayakihari. Inama y’abarongozi ntiyari guhitamwo uwundi muntu yoba hafi cane n’uwahoze ari umukuru w’ikirenga wa mbere. Ivyo bisigura ko ibintu vyose bizoguma uko vyari; ntibakeneye no guhindura amajambo y’indirimbo zabo zo kumushigikira.”
Uwundi mugabo yavuze ati:“Ni umuntu yihora cane. Barishe se wiwe kandi ntazobireka. Nimba adashoboye kwihora kuri Amerika, azokwihora kuri twebwe abantu basanzwe. Nizeye ko Israel na Amerika bazomugirako ibitero.”
Uwa gatatu na we yavuze ati: “Ibi bisigura ko ata kintu na kimwe kizohinduka. Ni ya nzira nyene yari ihasanzwe, mbere ishobora kuba mbi kurushiriza. Ariko naho biri uko, sinibaza ko ibintu bizoguma gutyo igihe kirekire. Sinibaza ko azomara igihe kinini ku butegetsi.”
Izindi nkuru wosoma:
Mojtaba Khamenei agiye kuba umukuru w'ikirenga mushasha wa Irani

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inama y'abahinga muri Irani yagenye Mojtaba Khamenei w'imyaka 56 ngo asubirire se wiwe, Ayatollah Ali Khamenei, mu mabanga y'umukuru w’ikirenga mushasha, nk'uko bivugwa n'ibimenyeshamakuru vya reta.
Mojtaba Khamenei ni muntu ki? Inkuru yose ufyonze ngaha
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’aka kanya.
