Perezida wa Irani yasavye imbabazi ibihugu bibanyi mu gihe ibitero vya Amerika na Israel bibandanya
Umukuru w'igihugu ca Irani Masoud Pezeshkian mu mwanya uheze yashikirije ijambo ryacishijwe ku mboneshakure ya reta ya Irani inyuma y'ibiturika bikomeye vyagigimbije ikibuga c'indege ca Tehran, asaba imbabazi ibihugu bibanyi.
Muri ubu butumwa, agira ati: "Mbona ari ngombwa ko nsaba imbabazi ku bihugu bibanyi vyatewe.
"Nta mugambi dufise wo gutera ibihugu bibanyi", niko yavuze, aca asaba ko akarere gakorana kugira ngo "haboneke amahoro n'ituze".
Ni mu gihe igisirikare ca Israel kivuga ko catanguye "umupfunda munini" w'ibitero ku bigo remezo vy'umugwa mukuru wa Irani Tehran hamwe no mu gisagara ca Isfahan.
Perezida Pezekshian yavuze ko ingingo yafashwe n'ubutegetsi yamaze gushikirizwa ingabo: "Kuva ubu, ntimusubire gutera ibihugu bibanyi kiretse mutewe".
"Abo bose biyumvira kwikika mu kiza kugira ngo batere Irani bararaba neza ntibahave baba ibikoresho vy'ibihugu vyiganza", ni ko uno mukuru w'igihugu yavuze, yongerako ko gushigikira Israel canke Amerika atari "yo nzira ihesha iteka n'ubwigenge".
Nubwo yasavya imbabazi ibihugu bibanyi, ararahira akarengwa ko Irani izobandanya urugamba rwayo rwo kwivuna, akavuga ko abansi bayo "bazohambanwa ivyipfuzo vyabo vyo kwiyumvira ko Abanya Irani bomanika amaboko".
Hagati aho, mu bitero bibandanya, igisirikare ca Israel, IDF, kivuga ko cakubise "ibigo vya gisirikare bitari bike" harimwo "ishure kaminuza nyamukuru ya gisirikare yegukira ingabo zijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu, kaminuza ya Imam Hossein, yahora yigishirizwamwo ingabo za IRGC".
IDF ivuga kandi ko yakubise "ikigo kibikwamwo ibisasu vya misire vya Irani" hamwe kandi n'ikigo co mu kuzimu c'ibisasu vya misire biraswa kure, "ari naho hakorera amajana n'amajana y aba maneko b'ubutegetsi".
Mu yandi makuru, ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Qatar buvuga ko igisirikare cayo casamiye mu kirere ibisasu vya misire vyari bitewe kuri iki gihugu.
Hari haciye akanya gato gusa Perezida Pezeshkian ashikirije iryo jambo ko atazosubira gutera ibihugu bibanyi.
Imbere y'aha, Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu, ikindi gihugu kiriko cihorerwako na Irani, yatangaje ko mu gaturuturu yasamiye mu kirere igisasu ca misire kandi ko n'ibipandepande vyaco ata kinini vyononye.
Hagati aho kandi, ishami rya gisirikare rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu, Islamic Revolutionary Guard Corps (IRGC), rivuga ko ryakubise ubwato bwunguruza igitoro mu Kigobe c'abarabu bwari buciye mu Muhor awa Hormuz.
Mw'itangazo ryacishijwje ku rubuga rwa Telegram, IRGC ivuga ko ubu bwato buzwi kw'izina rya "Prima" bwatewe na drone inyuma y'uko "bwirengagije ubutumwa bwo kugabisha bubandanya butangwa" n'ingabo za IRGC zirwanira mu mazi, bubuza ingendo zica muru uwo muhora.
IRGC itangaza ko idashobora kwemerera amato yunguruza igitoro canke yunguruza abantu n'ibintu "afitaniye isano n'ibihugu vy'abansi" guca muri uwo muhora.
Umuhora wa Hormuz ni imwe mu mayira akomeye cane kw'isi acishwamwo igitoro, ica gatanu (1/5) c'igitoro na gaze bikoreshwa kw'isi bikaba bica muri uno muhora.
Iyi ntambara yo mu Buseruko bwo Hagati yatumye ingendo z'ubwato zihagarara, mu ntango z'ino ndwi ubutegetsi bwa Irani bukaba bwagabishije ko buzoturira amato azogerageza guca muri uno muhora.
Perezida Donald Trump wa Amerika yaciye avuga ko ingabo za Amerika zirwanira mu mazi zishobora guherekeza amato aca muri uno muhora "mu gihe vyoba nkenerwa".











