Putin yavuganye na Perezida wa Irani mu gihe Trump asaba Irani 'kumanika amaboko ata kirinze gusabwa'

Putin

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Putin ashimangira aho Uburusiya buhagaze ko intambara itegerezwa guhagarara vuba bwango
    • Umwanditsi, Daniel Bush
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Washington
    • Umwanditsi, Olivia Ireland
  • Igihe co gusoma: iminota 5

Ibiro vya Perezida Vladimir Putin ejo ku wa gatanu vyavuze ko uno mukuru w'igihugu c'Uburusiya yavuganye na Perezida Masoud Pezeshkian wa Irani kuri terefone, aho yamuhojeje kw'iyicwa ry'indongozi y'ikirenga ya Irani, abategetsi ba reta yiwe hamwe n'abasivire mu gihugu cose mu bitero vya Amerika na Israel bibandanya.

Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) ivuga ko Putin yashimangiye aho Uburusiya buhagaze ko iyi ntambara itegerezwa guhagarara vuba bwango, kandi ko hategerezwa kuronderwa inzira y'ibiganiro.

Pezeshkian yashimiye Uburusiya ingene bufashe mu mugongo igihigu ciwe yongera amubwira ingene ibintu vyifashe mu gihugu, nk'uko biri mw'itangazo, kandi ko Irani n'Uburusiya vyemeranije kubandanya bihanahana amakuru.

Ejo nyene ku wa gatanu, umuvugizi wa Kremlin Dmitry Peskov yavuze ko Uburusiya bubandanya buvugana n'ubutegetsi bwa Irani, ariko akaba atashatse kumenyesha nimba ibi bihugu bibiri bikibandanya bikorana mu vya gisirikare.

Abajijwe ku bivugwa ko Uburusiya bwoba buriko bufasha Irani, umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi Pete Hegseth yabwiye imboneshakure CBS ikorana na BBC muri Amerika, mu kiganiro cayo 60 Minutes, ko Trump azi "neza uwuvugana n'uwundi".

Ni mu gihe amasoko atatu, harimwo umutegetsi wo hejuru azi cane ivy'iyi ntambara, yabwiye CBS ko Uburusiya buha amakuru y'igendereza Irani ku bijanye n'ahari ibigo n'ibirindiro vy'igisirikare ca Amerika.

Aba bategetsi bavuga ko mu makuru Irani ihabwa n'Uburusiya harimwo ibibanza birimwo amato n'indege vy'intambara vya Amerika mu Buseruko bwo Hagati.

Abajijwe ivy'aya makuru, umuvugizi wa Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika), Karoline Leavitt yishuye ko ata na kimwe "biriko birahindura".

Kuva kera Uburusiya ni incuti ya Irani. Tehran (ubutegetsi bwa Irani) yarahaye Moscou (ubutegetis bw'Uburusiya) ibihumbi n'ibihumbi vya za ndege zitajamwo abadereva (drone) zo mu bwoko bwa Shahed zikoreshwa n'ingabo z'Uburusiya muri ino myaka ine iheze Perezida Putin agomoreye ingabo kuri Ukraine mu ntambara gushika ubu ibandanya.

Muri ico gihe cose, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zabandanije zifashisha Ukraine ibirwanisho, ariko cane cane n'amakuru y'igendereza ashoboza cane Ukraine gukora ibitero ku ngabo z'Uburusiya.

Perezida Donald Trump ariko avugira kuri micro

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Perezida Donald Trump asaba Tehran gushiraho abarongozi bashasha "bashobora kwizerwa" na Maison Blanche .
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Hagati aho, Perezida Donald Trump yasavye Irani "kumanika amaboko ata kirinze gusabwa" mu gihe ibisirikare vya Amerika na Israel ata gahengwe bira Irani mu bitero vyavyo.

Trump avuga ko Amerika n'incuti zayo bizokora ku buryo Irani "ikomera, ikameza neza kandi ikisununura cane mu vy'ubutunzi ku rugero itari bwigere ishikako" inyuma y'uko izoba ihisemwo ubuyobozi "bwizewe".

Mu gihe iyi ntambara igomba yinjire mu ndwi igira kabiri, ntibiratomoka neza uwuzohava arongora Irani inyuma y'iyicwa ry'indongozi yayo y'ikirenga Ali Khamenei haraciye hafi indwi, canke ibizosabwa na Amerika kugira ngo ihagarike ibitero vyayo kuri Tehran, vyatumye Irani nayo ikora ibitero vyo kwihora ku bihugu vy'akarere.

Mw'ijambo ryiwe ejo ku wa gatanu, Leavitt yavuze ko ubutegetsi bwiteze ko ibi bitero vya gisirikare bizomara hagati y'indwi zine gushika kuri zitandatu.

Ku rubuga hwaniro rwiwe, Truth Social, Trump yanditse ati: "Nta masezerano azohaba na Irani atari UKUMANIKA AMABOKO ATA KIRINZE GUSABWA !

"Inyuma y'aho, hamaze gushirwaho Abategetsi BAKOMEYE KANDI BIZEWE, twebwe, hamwe n'incuti be n'abandi dukorana b'inshirwarimenetse, tuzokora tutiziganya kugira ngo dushayure Irani, ikomere, imere neza kandi yisununure cane mu vy'ubutunzi ku rugero itari bwigere ishikako.

"IRANI IZOGIRA KAZOZA KEZA. 'GUSUBIRA KUGIRA IRANI IGIHANGANGE (MIGA!).'"

['MAKE IRAN GREAT AGAIN (MIGA!).'"]

Aya majambo ya Trump yerekana ko ivy'ibiganiro mu ntumbero yo kurangiza iyi ntambara ataco bimubwiye, nubwo ata kamo yateye ko guhindura ubutegetsi.

Kuva iyi ntambara itanguye, Trump yagiye yirinda gukoresha ijambo "guhindura ubutegetsi", icerekana ko ashobora kuba atinya ko hari abohava bagereranya iki gitero kuri Irani n'intambara za Amerika mu Burasirazuba bwo Hagati yahoze anegura imbere y'uko yinjira muri poritike.

Abandi bategetsi bakuru muri reta baratanze iyi nsiguro mu minsi iheze kw'izina rya Trump, bavuga ko umukuru w'igihugu cabo atazoreka ngo Amerika yinjire mu ntambara ndende kandi itagira iherezo nk'izo muri Iraki no muri Afghanistan.

Abajijwe igihe iki gitero kizomara, Leavitt yabwiye abanyamakuru ati: "Twiteze ko [iyi ntambara] izomara amayinga kuva kuri ane gushika kuri atandatu, kandi turi hafi yo gushika kuri izi ntumbero, gusambura igisirikare ca Irani kirwanira mu mazi".

Avuga kandi ko Trump adashaka ko Irani irongorwa "n'intagondwa ikoresha iterabwoba canke ngo igire ubutegetsi buririmba ngo urupfu kuri Amerika".

Uno munyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche yabwiye abanyamakuru ati: "[Trump] ashaka kwitaho no gukurikirana uwuzoba umuyobozi mushasha w'igihugu ca Irani. Ariko ntibiramenyekana, aracabiganirako n'abandi".

Mu ntango z'iyi ndwi, Trump yabwiye ikinyamakuru Axios co muri Amerika ko yiteze kuzogira uruhara mw'igenwa ry'umutegetsi mushasha wa Irani.

Mu kwishura ku makuru avuga ko umuhungu wa Khamenei Mojtaba – agendera ku mico ya kera kandi akaba yegamiye rya shami rya gisirikare rikomeye rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu, Islamic Revolutionary Guard Corps – ashobora kwimikwa nk'umutegetsi mushasha, Trump yavuze ngo "ntawovyemera".

Umwotsi inyuma y'igitero co mu kirere hagati mu gisagara ca Tehran

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Umwotsi inyuma y'igitero co mu kirere hagati mu gisagara ca Tehran ejo ku wa gatanu

Inyuma y'indwi iyi ntambara itanguye, imaze gukwirakwira mu karere kose k'Ubuseruko bwo Hagari inyuma y'uko umuhari Hezbollah ufashwe mu mugongo na Irani ukoze ibitero kuri Israel, ivyatumye reta ya Israel ikora ibitero kuri Libani ku wa mbere.

Ejo ku wa gatanu, habonetse ibiturika bikomeye ku mugwa mukuru wa Libani, Beirut. Imbere y'aho, igisirikare ca Israel cari categetse ibihumbi vy'abanyagihugu kuva muri iki gisagara kiri mu bumanuko.

Hezbollah yagabishije kandi abanyagihugu ba Israel baba ku birometero bitanu uvuye ku mupaka na Libani, ibasaba gukura meza.

Mu bitero vya Irani vyo kwihora ibitero vya Amerika na Israel, za ndege zitajamwo abaderev (drone) hamwe n'ibisasu vya misire, vyararekuriwe ku bihugu bitunze ibigo vya gisirikare vya Amerika, harimwo Qatar, Bahrain, Yorodaniya, Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu na Koweit – hamwe n'incuti za Amerika Omani na Arabia Sawudite.

Mu yandi makuru, ikigo ca gisirikare c'Ubwongereza muri Chypre caratewe na drone ku wa Mungu, nk'uko vyatangajwe n'umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi.