Ubukene bw'ibitoro: Bimwe mu vyogufasha kumaza umwanya munini igitoro ufise

Umuntu ariko arashika ibitoro mu modoka

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, U Burundi bumaze imyaka ibiri bufise ikibazo gikomeye c'ubukene bw'ibitoro

Mu gihe muri kino gihe mu Burundi ibitoro bigoye cane kuronka, ibibonetse kuri magendo navyo bikazimba cane, abahinga mu buryo bwo kugendesha imodoka baratanga impanuro zotuma ugabanya igitoro ukoresha uriko uratwara imodoka, bigatuma gike ufise ushobora kukimarana umwana munini gusumvya.

Ubu ni bumwe mu buryo buhanurwa n’ikigo AA, kijejwe igendesha ry’imiduga n’ubutabazi bwo mw’ibarabara co mu gihugu c’Ubwongereza.

Imbere yo gufata ibarabara

  • Kura mu muduga wawe ico cose kidakenewe congereza ibiro: kiretse ko vyorosha uburyo imodoka yawe igenda, binagabanya umwanya imara kugira ihagarare iyo ufashe ifire. Rero kuramwo utwo twose tudakenewe turi mu bubiko bw’imodoka yawe.
  • Kurako bwa bubiko bwo hejuru ku modoka (porte-bagage/roof racks). Ubwo bubiko bukureko ubugumize muhira gushika igihe uzobukenera – kuko bwongera inguvu imodoga ikoresha mu gukwega uwo mutwaro.
  • Tegura inzira yawe hakiri kare. Fatanya ingendo ngufi uzigire urugendo rumwe kandi uhitemwo inzira za hafi zigushikana aho uja.

Igihe uriko uratwara

Umuntu ariko aratwara imodoka

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kugendesha n'akariro gake biri mu bifasha kugabanya igitoro ukoresha
  • Guma utekanye. Ibi birashobora kugorana rimwe na rimwe, ariko uko utwara uhuzagirika, niko ukoresha ibitoro vyinshi. Gerageza gutwara woroheje, ukate amakona witonze, kandi uhonyore buke buke ku muriro (accelerateur).
  • Guma wandaza imodoka – bikoresha igitoro gike kurusha guhagarara wongera usubira kugenda, rero raba neza imiduga iri imbere yawe, ugabanye umuvuduko kare imbere yuko ushikira ya matara y’ibarabara canke urukurikirane rw’imiduga myinshi (file).
  • Imodoka yawe yoba ifise uburyo bwo kuziganya igitoro buzwi mu congereza nka eco canke fuel saver mode? Iki nico gihe co kubukoresha.
  • Gumiza imodoka ku muvuduko werekanwa n’ivyapa vyo mw’ibarabara.
  • Iyubare mu gukoresha uburyo bukanyisha mu modoka (climatiseur/air conditioning). Mu gihe bidakeneye gukanyisha mu modoka, ugurura ibiyo iyo uriko uragenda bukebuke hanyuma ukoreshe air conditioning iyo uriko uranyaruka kuko ico gihe ata budasa bunini buhaba mw’ikoreshwa ry’igitoro.

Gukingira birazimbuka kurusha kuvura mu bijanye no kwitaho imodoka yawe

Umuntu ariko aratwara imodoka

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Gutwara neza imodoka no kuyisuzumisha kenshi bigabanya ikiguzi c'ibitoro no kuyikoresha

Imodoka ifashwe neza ikoresha ubushobozi bwayo neza. Kujana imodoka yawe kuyisuzumisha kenshi (canke service), bituma ubona kare ingorane zitaraba ikibazo gikomeye. Niwarindira gushika imodoka yawe yanse kwaka canke ikagupfirako mw’ibarabara, kuyikoresha birashobora gutwara amahera menshi gusumba, kandi woyakoresheje ku bitoro.

Umwuka (ipepu) wo mu mapine ni ikintu nyamukuru mu bijanye no kuziganya igitoro. Amapine adafise umwuka ukwiye, kiretse ko agushira mu ngorane zo guturika kw’ipine (ibintu bizimba cane), ashobora no gutuma igitoro wari gukoresha ciyongerako 4%.

Muri rusangi, nta ngorane n’imwe gukurikiza izi mpanuro bishobora gutera, kandi inyungu zizana zirashobora kuba nyinshi cane. Fagitire ntoyi y’igitoro ituma uziganya amahera, kandi n’igiciro co kwitaho imodoka kikagabanuka, bikanatuma wirinda impanuka zivuye ku muvuduko mwinshi, bikabaganya kandi vya vyuka vya carbone bihumanya ikirere.