"Isi iriko iraca mu bikomeye" - Macky Sall yamenyesheje imigambi yiwe aramutse atorewe kurongora ONU

Macky Sall w'imyaka 64 aripfuza gusubirira Antonio Guterres

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Macky Sall w'imyaka 64 aripfuza gusubirira Antonio Guterres
Igihe co gusoma: iminota 2

Uwahoze ari prezida wa Senegal, Macky Sall, yamenyesheje ko yipfuza kuba umunyamabanga mukuru mushasha w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mw'ikete yarungikiye inama nkuru y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Urwo rwandiko rw'impapuro zitanu, rwo kw'igenekerezo rya 2 Ntwarante (3) , ruherekejwe n'igitabo cerekana uburambe afise (CV), rwarungitwe n'uwuserukira Uburundi muri ONU. Igihugu c'Uburundi ubu ni co kirongoye ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika.

Muri iryo kete, Sall avuga ko isi iriko iraca "mu bibazo bikomeye", yerekana ko intambara ziguma zongerekana, hakaduka ibibazo bishasha ku rwego rw'isi, hamwe n'ukwiyongera kw'amadeni ku bihugu vyinshi biri mu nzira y'amajambere.

Naho avuga ko ukwizera inzego mpuzamakungu kuguma kugabanuka, Sall ashimangira ko ONU iguma ari "ikibanza rusangi c'ibiganiro n'ibikorwa vyose vy'isi," mu gihe yoba "yahinduwe, yoroshe kandi igahindurwa ku buryo bujanye n'igihe turimwo" kugira ishobore guhangana n'ibibazo nk'ivy'indwara zishobora gukwiragira kw'isi yose hamwe n'ubuhinga bwa none bushasha, nk'uko abivuga.

Ikete uburundi bwandikiye ONU

Ahavuye isanamu, BURUNDI GOV

Insiguro y'isanamu, Ikete Uburundi bwandikiye ONU

Sall yashize imbere umugambi ushingiye ku bintu bitatu nyamukuru aramutse atorewe gusimbura Antonio Guterres:

  • Ubwa mbere ni uguteza imbere iciyumviro gihuriza hamwe amahoro, umutekano, iterambere n'ugufashanya hagati y'ibihugu;
  • Ubwa kabiri ni ugusubira kugarukana imigenderanire hagati y'ibihugu vyinshi mu gihe ugufashanya kw'isi hasigaye harimwo ibibazo;
  • Ica gatatu ni gukomeza ubutegetsi bw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, harimwo n'ico yise "impinduka nyayo kandi yumvikanyweko" y'akanama ka ONU kajejwe umutekano, n'aho adatomora uko yobigenza.

Arerekana kandi uburambe bwiwe mu vya politike na diplomasi.

Muri CV yiwe, aravuga urugendo rwiwe kuva aho yabaye umukuru w'igisagara ca Fatick gushika abaye Perezida wa Sénégal kuva mu 2012 gushika mu 2024.

Avuga ko uburyo bwiwe bwo kurongora buzoshira imbere "ugutega amatwi, ibiganiro n'ukugira ivyiyumviro bifadika."

Gushika ubu ntibizwi neza nimba ibihugu vyose vya Afurika bizoja inyuma ya Macky Sall naho nta wundi mukandida arava kuri uyu mugabane ngo yitoze mu matora ategekanijwe mu mpera z'uyu mwaka.

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU mushasha azoja ku butegetsi itariki 1 z'ukwezi kwa mbere 2027, asubirira António Guterres.

Gushika ubu, hari abandi bahiganwa bamaze kubimenyesha kumugaragaro.

  • Michelle Bachelet yahoze arongoye Chili akaba n'uwahoze ari komiseri mukuru wa ONU ajejwe agateka ka zina muntu, ukwitoza kwa Michelle kwatanzwe na Chili, Brezil na Mexique
  • Rafael Grossi wa Argentine, umukuru w'ikigo mpuzamakungu kijejwe inguvu za nikleyeri, uyu yamuka muri Argentine.
  • Rebeca Grinspan yamuka muri Costa Rica, Rebeca uyu asanzwe ari umunyamabanga mukuru w'ishami rya ONU rijejwe Ubucuruzi n'Iterambere.

Ariko muri Senegal, uguhiganwa kwa Macky Sall kwateje impari za politike.

Bamwe mu batavuga rumwe n'ubutegetsi bashimagije ubunararibonye bwiwe mu makungu, mu gihe abari mu mugambwe uri ku butegetsi muri kino gihe banegura ivyo yakoze igihe yari ku butegetsi, na cane cane imishamirano ya politike hamwe n'imyiyerekano yahitanye abantu batari bake, mu myaka ya nyuma y'ubutegetsi bwiwe.

Reta ya Senegal ntiragira icishikirije kuri ukwo guhiganwa kwiwe.