'Nta bandi dukeneye mu ntambara twamaze gutsinda' ni ko Trump yabwiye Starmer w'Ubwongereza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yagirije umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer ko ariko arondera "kwinjira mu ntambara twamaze gutsinda", yongerako ko amato y'Ubwongereza yikorera indege z'intambara adakenewe mu karere.
Ubu ni ubutumwa yacishije ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social ari mu ndege irerura umukuru w'igihugu Air Force One, igihe yariko aja muri Florida, aho yavuze ko Amerika idakeneye amato abiri yikorera indege Ubwongereza bugomba kurungika mu Buseruko bwo Hagati.
Ejo ku wa gatandatu, bumwe muri aya mato abiri yikorera indege, HMS Prince of Wales, bwategetswe kwitegura gufata urugendo mu misi itanu aho buri i Portsmouth, nk'uko amasoko ava mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Ubwongereza bubivuga.
Hari ababona ko ubu bwato bushobora kurungikwa mu kiyaga Mediterane gufasha gukingira amatungo y'Ubwongereza ashobora guhura n'akaga muri iyi ntambara yo mu Buseruko bwo Hagati.
Muri ubu butumwa bwa nijoro ku wa gatandatu, Perezida Trump yaneguye uno mushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza kubona atarungitse aya mato kuva mu ntango.
Yagize ati: "Ubwongereza, bwahoze ari incuti magara yacu, kumbure incuti ya mbere gusumba izindi ncuti zose, ubu niho bugaruye akenge ko kurungika amato abiri yikorera indege z'intambara mu Buseruko bwo Hagati.
"Ni vyiza, ariko Mushikiranganji wa mbere Starmer, ntabwo tukiyakeneye – gusa tuzokwama tuvyibuka. Ntidukeneye abantu binjira mu ntambara mu gihe twamaze gutsinda!"
Ni inyuma y'uko Starmer yankiye Trump gukoresha ibigo vy'Ubwongereza mu gutera Irani. Mu nyuma, Trump yavuze ko ataco yabafashije.
"Ntaco yadufashije", ni ko Trump yabwiye ikinyamakuru the Sun. "Sinashobora kwibaza ko ikintu nk'ico cobaye. Sinibaza ko nshobora kubona ikintu nk'ico ku Bwongereza".
Keir Starmer ntaco arishura Trump ku majambo yiwe, ahubwo akaba yibanze ku kwishura umutegetsi wo mu mugambwe utavuga rumwe nawe Kemi Badenoch.
Mu butumwa yacishije mu kinyamakuru Sunday Mirror, Starmer yagirije uno mukuru w'umugambwe w'aba- Conservative ko ari mu mikino ya poritike no kugerageza "gusuzuguza Ubwongereza ku rwego mpuzamakungu".
Ku wa gatanu, umupfasoni Badenoch yaraneguye ingene reta yavyitwayemwo, aho yabwiye BBC ati "ntushobora kwama urindiriye ko abantu bagutera", anongerako ati: "None ikindi indege zacu ziriko zirakora ni igiki, atari ukuyerera gusa hariya?"
Mu kumwishura, Stamer yanditse ati: "Mu bihe nk'ibi igihugu gikeneye gufata nkama ibintu, atari imikino ya poritike".
Hagati aho, intambara zibandanya zibica bigacika, aho ibitero ari urutavanako.
Mu gatondo ko kuri uno wa Mungu, igisirikare ca Israel (IDF) catangaje ku rubuga rwa X ko catanguye urundi rukurikirane rw'ibitero muri Irani, mu gihe umugwa mukuru Tehran wavyutse usanga uruganda ruhingura igitoro ruriko rurarurumba kubera ibitero vy'ijoro vya Israel.
Israel kandi igabisha ko izoguma ihiga buhongo umutegetsi wese azosubirira ya ndongozi y'ikirenga yagandagurwa ku musi wa mbere w'iyi ntambara, Ayatollah Ali Khamenei.
Mu butumwa kuri X, konte ya IDF ikoresha ururimi rw'igi-Farsi yanditse iti: "Ikoraniro ry'Abahinga ba Irani, ryari rimaze imyaka mirongo ata gakacira, vuba riraterana mu gisagara ca Qom.
"Twashaka kubabwira ko ukuboko kwa Israel kuzobandanya guhiga umuntu uwo ari we wese azomusubirira hamwe n'umuntu uwo ari we wese arondera kugena umusubirizi.
"Turagabishije abo bose bipfuza kuja muri iyo nama yo kugena umusubirizi ko tutazohigitanya kubakubita. Aho turabagabishije!"
Israel kandi irabandanya ibitero vyayo ku mugwa mukuru wa Libani, Beirut, aho igisirikare cayo kivuga ko cateye ikigo c'umuhari "Hezbollah mu karere ka Dahiyeh i Beirut".
Hagati aho, nubwo umukuru w'igihugu ca Irani yasavye imbabazi ibihugu bibanyi avuga ko bitazosubira guterwa kiretse hari ibitero bivuye ku butaka bwavyo, ibihugu bimwe bimwe birabandanya guterwa, harimwo Koweit na Bahrain.
Abantu batatu bakomeretse igihe ibirombora vy'igisasu ca misire vyagwa ku nyubakwa ya kaminuza iri ahitwa Muharraq muri Bahrain, nk'uko bitangazwa n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati.
Mu butumwa ku rubuga rwa X, ubu bushikiranganji bwongeyeko buti: "Irani iratera mu rudavagi mu bibanza vya gisivire, aho nk'igitero ca drone cononye ikigo gihingura amazi".
Muri Koweit naho, igisirikare cayo gitangaza ko ingunguru z'ibitoro vy'ikibuga c'indege ca Koweti zatewe n'indege zitajamwo abadereva (drone).
Umuvugizi w'iki gisirikare avuga ko ingabo z'igihugu zahanganye n'umupfunda w'amadrone yavogereye ikirere c'igihugu.
Mu gaturuturu ko kuri uno wa Mungu, inyubakwa ya reta yabonetse iriko irarurumba inyuma y'ibitero vya drone.












