Ni igiki coba catumye umukuru w'igihugu ca Irani yasavye imbabazi koko?

Pezeshkian yambaye kositime

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ejo ku wa gatandatu mu gitondo, Perezida Pezeshkian yasavye imbabazi ibihugu bibanyi vyatewe na Irani mu kwihora ibitero vya Amerika na Israel
    • Umwanditsi, Amir Azimi
    • Igikorwa, BBC Persian
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Perezida Masoud Pezeshkian wa Irani yatangaje benshi cane igihe yasaba imbabazi ibihugu bibanyi vya Irani ku bitero yaheruka kubikorako, hari mw'ijambo yashikirije ejo ku wa gatandatu mu gitondo nk'uwurongoye ubutegetsi mfatakibanza.

Gusabana imbabazi hagati y'ibihugu ni ikintu kidakunze kuba, cane cane nko mu gihe intambara ikibandanya, kandi amajambo yakoresheje ntasanzwe. Akenshi abategetsi bakora ivyo "kwicuza" canke kwerekana ko ibiriko biraba ata ruhara babifisemwo.

Pezeshkian wewe yaremanze atarya umunwa ko ibihugu bibanyi vyiziziwe, aca avuga ko ingabo zahawe itegeko ryo kudasubira kubirasa kiretse hari ibitero bivuye ku butaka bwavyo.

"Mbona ari ngombwa ko nsaba imbabazi ku bihugu bibanyi vyatewe", ni ko yavuze. "Nta mugambi dufise wo gutera ibihugu bibanyi".

Aya majambo yonyene gusa atuma hibazwa ikibazo: uku kwari ugusaba imbabazi koko, hanyuma kandi kubera iki ubu?

Ikintu kimwe gishoboka ni uko ubutegetsi mfatakibanza buriko bugerageza kurondera ko akarere katosenyuka.

Ibihugu bimwe bimwe mu karere vyisanze biguye mu mporero inyuma y'ibitero vyakozwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Israel ku wa gatandatu igenekerezo rya 28 Ruhuhuma (2).

Pezeshkian avuga ko inyuma y'aho ubuyobozi n'abategetsi ba Irani bari batewe, ingabo zabandanije kurasa uko bashatse, aho bashatse n'igihe bashakiye, kuko ibitero vya mbere vyahitanye intwazangabo nkuru, bihungabanya inzego zitanga amabwirizwa.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu gusaba imbabazi, ashobora kuba ariko yerekana ko Tehran (ubutegetsi bwa Irani) idashaka ko iyi ntambara yadukamwo intambara y'akarere kose.

Ubutumwa kandi burerekana ukuri kanaka muri poritike: naho ibihugu bibanyi bimwebimwe vyemereye ingabo za Amerika gukoresha ibigo biri ku butaka bwavyo, Irani ishobora kwisanga isigaye yirebanga mu gihe yobitera mu buryo bweruye.

Ariko ntibisobanutse neza nimba koko izi mbabazi zizoherekezwa n'ingingo nyazo.

Amakuru ava mu karere avuga ko ibitero vya Irani bitarahagarara. Qatar na Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu vyompi vyavuze ko vyasamiye mu kirere ibisasu vya misire vyari birashwe ku butaka bwavyo ku mugoroba w'ejo ku wa gatandatu.

Mu gihe ibitero nk'ibi vyobandanya, vyoteza ikibazo gikomeye co kumenya uwufise ububasha mu butegetsi bwa Irani bwahungabanye.

Kuva ibitero vya mbere bihitanye abategetsi bakuru, harimwo indongozi y'ikirenga Ayatollah Ali Khamenei, ingingo zisigaye zifatwa n'Inama mfatakibanza irongoye igihugu.

Mu yandi majambo, iyi ntunganyo y'ubutegetsi ituma abantu nka Pezeshkian bagira ububasha busumbirije gusumba ubwo bari bafise ku ngoma yahora yiganziwe n'indongozi y'ikirenga imwe rudende.

Gusa rero, biragoye kumenya ko bashobora guha amategeko inzego za gisirikare n'iz'umutekano ziganje muri ico gihugu, nk'ikizwi nk'Ingabo zijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu, IRGC.

Mu gihe ibitero vya Irani vyobandanya ku bihugu bibanyi inyuma y'amabwirizwa yatanzwe n'umukuru w'igihugu, vyoba vyerekana ko mu butegetsi batavugana canke naho hakaba hari impande ziterekwa ivyo gutezura muri iyi ntambara.

Ibihangange bigendera ku vyiyumviro bikaze mu nzego z'umutekano kuva kera bamye babona ko uburyo bwonyene bwo kuzibira Amerika na Israel ari uko Irani ibandanya itera igitsure akarere kose.

No mu gihugu hagati biraboneka ko icuka Atari ciza. Bamwe muri ibi bihangange baramaze kunegura ijambo rya Pezeshkian ko ryerekanye ko ataco ashoboye.

Iki ni igihe kidasanzwe kuri poritike ya Irani: benshi mu bihangange vyari bigize ubutegetsi barishwe, ariko hari benshi mu bategetsi n'intwazangabo za gisirikare zo hasi baterekwa ibijanye n'ugusubiza hamwe.

Kuri bo, gusaba imbabazi ibihugu vyo hanze bishobora gufatwa nk'ukumanika amaboko mu gihe igihugu kiri mu kaga.

Hanze ho havugwa ibindi. Aciye ku rubuga hwaniro rwiwe, Truth Social, Donald Trump yaciye yihutira kuvuga ko Irani "yasavye imbabazi kandi yamanitse amaboko" ku bihugu bibanyi, avuga ko ibitero vya gisirikare vya Amerika na Israel vyariko birakora neza.

Trump abandanya ashimangira ko kugira ngo ibintu bihere ari uko Irani "imanika amaboko ataco irinze gusaba".

Iki ni ikintu kitumvikana mu bijanye na diporomasi.

Kuva muri kahise, ni gake ibihugu vyemera kumanika amaboko ataco bisavye ku bitero vyo mu kirere vyonyene, uko vyoba bikomeye kwose. Ata ntambara yo ku butaka ibaye, iki ni ikintu kigoye cane rwose gushikwako.

Gusa kuri Trump, amajambo yo gusaba imbabazi ya Pezeshkian nk'uko yoba yamanitse amaboko ashobora kuba igikoresho gikomeye ciwe ca poritike mu kerekana ko yasghitse ku ntsinzi.

Kuri Pezeshkian n'inama y'ubutegetsi mfatakibanza, bobo bafise kuba bari mu bindi biharuro.

Intambara iramutse ihagaze, koba ari akaryo keza ko kurondera iyindi ndongozi nyayo.

Mu gihe umutegetsi mushasha yoba ari uwugendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini, ibintu bishobora kutoroha mu bijanye n'imigenderanire.

Iki naco kandi kizana ikindi kibazo gikomeye: ubwo Pezeshkian yoba ariko arondera kwibonekesha nk'umuntu yipfuza amahoro, nk'umutegetsi ibihugu vy'uburengero bishobora kuba bibona ko yokorana na vyo?

Gusa mw'ijambo ryiwe, yerekanye ko atagugumwa ariko kandi yerekana ko ari umunyamahoro, aho yamirira kure ivyo kumanika amaboko, hanyuma akerekana ukwigumya ku bihugu bibanyi.

Ni mu gihe nyene, urugamba rwo kurondera gufata mu minwe ubutegetsi rwatanguye hagati mu bihangange vya Irani.

Abatari bake mu bategetsi no mu barongozi b'idini, co kimwe n'intwazangabo muri IRGC no mu nzego z'umutekano, bashobora gufata iki gihe c'akaga nk'akaryo ko kwiha ikibanza gikomeye.

Bamwe bariko basaba Ikoraniro ry'Abahinga kugira hagenwe vuba indongozi nshasha.

Mu gihe Pezeshkian yonanirwa no kugarukana ituze canke kugenzura ingabo, abakeba biwe bashobora kumufata nk'umuntu ataco amaze, ko hakenewe umutegetsi w'inguvu.

Muri iki gihe, inyishu ku bushobozi bwiwe ishobora kuva hanze y'imbibe za Irani.

Gushika ubu, vyinshi mu bihugu bibanyi biracinengesereye, mu gihe birindiriye kubona nimba koko imbabazi yasavye zizotuma ibintu bihinduka ku rubuga.

Kuri Israel yoyo ibona iyi ntambara nk'akaryo keza ko guhasha umwansi ageramiye ukubaho kwayo kuva kera na rindi, aya majambo yo gusaba imbabazi afise kuba ataco ayibwiye.

Rero, amajambo ya Pezeshkian yo gusaba imbabazi ashobora gufatwa mu buryo butandukanye: ubwa mbere ashobora gufatwa nk'ukugerageza kugarukana icuka ciza mu karere, canke naho agafatwa nk'amayeri y'ubutegetsi mfatakibanza bwa Irani kugira ngo bubanze bwiyubake, canke naho kugira ngo habe impinduka zikomeye mu butegetsi bwa Tehran bwo nyene ukwabwo.