Ivyamamare Meagan Good na Jonathan Majors baronse ubwenegihugu bwa Guinée inyuma y'ibipimo vya ADN

Meagan Good (i buryo) mw'ikanzu yirabura ariko ifise ibirabagu vyera, hamwe na Jonathan Majors (i bubamfu) yambaye umupira usa n'umuhondo

Ahavuye isanamu, Mohamed Finando / Oxygen Africa

    • Umwanditsi, Makuochi Okafor
    • Igikorwa, BBC Africa

Umugabo n'umugore bakina amafilime, ivyamamare Meagan Good na Jonathan Majors, bafashe urugendo rwabashikanye muri Guinée, aho bahawe ubwenegihugu, inyuma yo gukurikirana amamuko yabo biciye mu bipimo vya ADN/DNA bagasanga ni ayo muri ico gihugu co muri Afrika y'Uburengero.

Majors, icamamare mu mafilime Creed na Ant-Man, abona ubu bwenegihugu bahawe nk'inzira yo guhuza umwuga wabo n'akaranga kabo ka Afrika, bikazotuma ubucuti hagati yabo nk'abagize umuryango w'Abanyafrika bari mu mahanga (diaspora) n'umugabane w'Afrika bukomera.

Good, azwi cane muri filime yitwa Think Like a Man, avuga ati: "Nta kindi twipfuza atari ukubashimira cane". Yongerako ko ari bwo bwa mbere ashitse muri Guinée.

Ibirori vyo guhabwa ubu bwenegihugu vyasa n'ibindi bikorwa bimaze kubera muri ako karere mu ntumbero yo guhimiriza abantu bakomoka muri Afrika guharanira iragi ryabo no gushira imitahe yabo kuri uno mugabane.

Ibi birori vyari vyateguwe n'ubushikiranganji bujejwe imico n'akaranga vyabereye ku kigo c'ingenzi n'akaranga, Gbassi Kolo, ku wa gatanu.

Djiba Diakité, umushikiranganji akongera akaba umukuru w'ibiro vy'umukuru w'igihugu, yashikirije ibitabo vy'inzira aba bakinyi b'amafilime kw'izina ry'umukuru w'igihugu Mamadi Doumbouya.

Yagize ati: "Twese turizera ko muri mu bahungu n'abakobwa ba Guinée bakwiye guserukira igihugu cacu n'ibendera ryacu kw'isi yose".

Babajijwe imigambi yabo y'igihe kirekire muri Guinée, babwiye BBC babicishije mu butumwa muravyo (email) bati: " Turabona neza ko twoshobora kugira inzu hano kandi tukamara umwanya utari muto muri Guinée".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Ubu si ubucuti bw'akanya gato- ni ikintu tubona ko kizomara igihe kirekire kandi kigatera imbere".

Good w'imyaka 44 na Majors w'imyaka 36 batanguye kureshanya muri Rusama (5) 2023 hanyuma bubaka urwabo mu mwaka uheze.

Barongoranye inyuma y'igihe kitoroshe c'ubuzima bwa Majors. Mu 2024, yaragiriwe n'icaha co gukubagura umwigeme yahoze ari umukunzi wiwe, umwongerezakazi Grace Jabbari maze ahabwa igihano c'ibikorwa nsimburagipfungo. Yategetswe kumara amayinga 52 yigishwa ibijanye n'ihohotera ryo mu rugo.

Aba bakinyi b'amafilime bashitse ku kibuga c'indege ca Conakry, Gbessia International Airport, mu gatondo ko ku wa gatanu aho bakiriwe n'abategetsi, za tarumbete n'abanyamuziki.

Mu gihe bari muri Guinée, bitegekanijwe ko bazogendera Boké, akarere kari ku nkengera y'ibahari kazwi muri kahise nk'igituro cashikizwamwo abajanwa kugurishwa nk'abacakara. Ntibizwi neza nimba bategura gushinga imitahe yabo muri Guinée canke nimba bazokwimukira muri iki gihugu.

Muri iyi myaka ya vuba, ivyamamare bitari bike vyagiye bifata ubwenegihugu bwa Afrika.

Vyatanguye cane mu 2019, igihe Ghana yatanguza ikizwi nka "The Year of Return" (twogereranya na "Umwaka wo Gutahuka"), itera akamo abo bose bafise amamuko muri Afrika gutahuka bagashinga imitahe yabo muri Afrika. Umwe muri ibi vyamamare yumvise aka kamo yabaye Steve Wonder mu 2024.

Mu bandi bazwi cane harimwo Umunyamerika w'umunyamuziki, Ciara, yafashe ubwenegihugu bwa Bénin mu mwaka uheze, hamwe n'umukinyi w'amafilime wa Hollywood Samuel L Jackson, yahawe igitabo c'inzira ca Gabon mu 2020.

Guinée isanzwe ifise akahise karekare ko kwakira abarwanira agateka ka muntu be n'abantu bafise amamuko ya Afrika.

Mu myaka ya 1960, umunyamuziki wa Afrika y'Epfo Miriam Makeba n'umugabo wiwe, Umunyamerika yaharanira uburenganzira bwa muntu akaba n'umukuru w'umuhari Black Panther Stokely Carmichael, barimukiye muri Guinée.

Makeba yaratswe ubwenegihugu bwa Afrika y'Epfo kubera yarwanya ya ntwaro y'ivangura, apartheid, inyuma y'uko yubakanye na Carmichael, yamamaje cane icivugo ngo "black power" (twogereranya na "ububasha bw'umwirabure"), aho yatswe visa yiwe ya Amerika.

Yafatwa nk'umwenegihugu w'icubahiro wa Guinée akaba n'intumwa y'umuco, mu gihe Carmichael, yari yafashe izina rya Kwame Ture, yagumye muri Guinée mbere n'inyuma y'aho bahukaniye, apfira ng'aho mu 1998.

Muri iyi myaka ya vuba, Guinée yaciye mu ndyane za poritike - mbere muri iki gihe irongowe n'ingabo zashitse ku butegetsi zitembagaje intwaro yari ihari mu 2021 ntikunze kwihanganira abayinegura.

Umukuru w'abo batembagaje ubutegetsi Mamady Doumbouya yarazibiye ibinyamakuru yongera abuza n'imyiyerekano.

Iki gihugu giherutse gushiraho ubutegetsi bwa gisivirie inyuma y'amatora yo mu kwezi guheze yatsinzwe na Doumbouya ku majwi 87%.

Mu bitandukanye n'ibindi bihugu vyo mu karere biherutse kubamwo itembagazwa ry'ubutegetsi, Guinée yagumanye ubucuti n'ibihugu vy'uburengero, cane cane Ubufaransa.

Iki gihugu gikungahaye ku butare bwinshi harimwo bauxite, inzahabu, icuma, diyama na uranium, ariko abanyagihugu baco baracari mu bantu bakenye cane muri Afrika y'uburengero.

Meagan Good na Jonathan Majors bakirwa ku kibuga c'indege ca Gbessia i Conakry .

Ahavuye isanamu, Mohamed Finando / Oxygen Africa

Insiguro y'isanamu, Imbere y'ibirori, ibi vyamamare bahawe udutete two gufungura "kola nuts" - ikimenyetso co kubaha ikaze hakurikijwe umuco