Inyuma ya Venezuela, ni ibihe bihugu bishobora gukurikira mu burakari bwa Trump?

Donald Trump mw'ijaketi yirabura

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Tom Bennett

Ikiringo kigira kabiri ca Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika kiriko kirarangwa n'ivyipfuzo vyiwe muri poritike mpuzamakungu.

Yashize mu ngiro amajambo yiwe y'iterabwoba kuri Venezuela mu gufata umukuru w'igihugu wayo n'umugore wiwe aho bari bari mu rugo rwabo rwari rucungerewe cane ku mugwa mukuru Caracas mu gitero rurangiza mw'ijoro ryo ku wa gatanu buca ari ku wa gatandatu w'indwi iheze.

Mu gusigura iki gitero, Trump yagarutse kw'ibwirizwa rya Monroe ryo mu 1823, rizwi nka 1823 Monroe Doctrine, hamwe n'ico ryari ryiyemeje ico gihe co kwiganzira akarere k'uburengero bw'isi - maze aca arahindura inyito yaryo, mu kuryita Donroe Doctrine.

Ng'aya amwe mu majambo aherutse kuvuga mu kugabishaibindi bihugu bikurikiranwa na Washington.

Groenland/Greenland

Amerika isanzwe ifise ikigo ca gisirikare muri Groenland/Greenland – ikigo ca Pituffik Space – ariko Trump arashaka iri zinga ryose uko ryakabaye.

"Turakeneye Greenland ku mvo z'umutekano w'igihugu", ni ko yabwiye abanyamakuru, avuga ko ako karere kari "kuzuye amato y'Uburusiya n'Ubushinwa mu duce twose".

Iri zinga rinini ryo mu karere ka Arctic, rikaba ryegukira Ubwami bwa Danemark, riri ku ntera y'ibirometero vyababa 3.200 mu buraruko bushira ubuseruko bwa Amerika.

Ryicaye ku butare bwa 'terres rares', ubutare nkenerwa cane mu guhingura amaterefone ngendanwa, amamodoka akoresha umuyagankuba hamwe n'ibikoresho vya gisirikare. Muri iki gihe, umwimbu w'Ubushinwa wa 'terres rares' usumba kure cane uwa Amerika.

Greenland iri kandi ahantu hakomeye cane mw'ibahari Atlantiki y'Uburaruko, ikaba ari umuhora ushikana ku muzingi wa Artic (cercle polaire arctique). Mu gihe ibarafu y'umuzingi wa Artic rizoba rimaze gushonga mu myaka iri imbere, bizotuma haboneka ayandi mayira y'amato.

Izinga rya Greenland rifise uburinganire bw'ibirometero kwadarato 2,166,086 rituwe n'abanyagihugu 57,000 baba ahanini ku mugwa mukuru Nuuk
Insiguro y'isanamu, Izinga rya Greenland rifise uburinganire bw'ibirometero kwadarato 2,166,086 rituwe n'abanyagihugu 57,000 baba ahanini ku mugwa mukuru Nuuk

Umushikiranganji wa mbere wa Greenland Jens Frederik Nielsen yishuye Trump mu kuvuga ko iciyumviro c'uko Amerika yokwihagira iri zinga ari "ukuyayata".

Ati: "Nta vyo kubandanya duterwa igitsure. Nta yandi majambo. Nta bindi bintu vyo kwihagira ubutaka bwacu. Turiteguriye kuvugana nabo. Turiteguriye ibiganiro. Ariko ibi bitegerezwa gukorwa biciye mu nzira zibereye kandi amategeko mpuzamakungu yubahirijwe".

Ejo ku wa mbere, umushikiranganji wa mbere wa Danemark Mette Frederiksen yavuze ko Trump "akwiye gufatwa n'umwitwarariko iyo avuze ko ashaka Greenland".

Uno mupfasoni yabwiye ikimenyeshamakuru ca reta DR ati: "Naratomoye neza aho Danemark ihagaze, kandi na Greenland ntihengeshanya kuvuga ko idakeneye kuba agace ka Reta Zunze Ubumwe za Amerika".

Frederiksen agabisha ko ari nka hamwe Amerika yotera ikindi gihugu ca OTAN/NATO "vyose bica bihagarara". Avuga ko iciyumviro ca Danemark gishigikiwe cane ku mugabane wa Bulaya.

Izinga rya Greenland ubusanzwe ryegukira igihugu ca Denmark
Insiguro y'isanamu, Izinga rya Greenland ubusanzwe ryegukira igihugu ca Denmark

Colombia

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Amasaha make inyuma y'igitero kuri Venezuela, Trump yaburiye Perezida Gustavo Petro wa Colombia ngo 'yiyubare cane'."

Nk'igihugu kibanyi ca Venezuela kiri mu burengero, Colombia itunze igitoro kitari gike, kandi irimbura cane ubutare bw'inzahabu, ifeza, emeraude, platinumn'ibizuku (charbon/coal).

Ifise kandi ikibanza kidasanzwe mu karere mu rudandazwa ry'ibiyayuramutwe – cane cane kokayine.

Kuva Amerika itanguye ibitero ku mato mu karere ka Karayibe n'ubuseruko bw'ibahari Pasifike muri Nyakanga (9) – ivuga, ariko ata vyemezo, ko yari yikoreye ibiyayuramutwe – Trump ari mu mpari zikomeye n'umukuru w'iki gihugu yegamiye ivyiyumviro vya gisosiyalisti.

Muri Gitugutu (10), Amerika yafatiye ibihano Petro, avuga ko yariko yorohereza imirwi ya magendo idandaza ibiyayuramutwe.

Igihe yari mu ndege irerura umukuru w'igihugu Air Force One ku wa Mungu, Trump yavuze ko Colombia "iyobowe n'umurwayi akunda kwimbura kokayine akayishora muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika".

Yagize ati: "Ntazobikora igihe kirekire cane". Abajijwe nimba Amerika ishobora gukora igitero kuri Colombia, Trump yishuye ati: "Ni ikintu ciza kuri jewe".

Kuva muri kahise, Colombia yari ncuti ya Washington mu rugamba ku biyayuramutwe, aho yaronka buri mwaka amamiriyoni n'amamiriyoni y'amadorari y'imfashanyo ya gisirikare mu kurwanya imirwi ikora magendo y'ibiyayuramutwe.

Iran

Irani ubu ihanzwe n'imyiyerekano ikomeye yo kwiyamiriza reta, Trump akaba aherutse kugabisha abategetsi ko "bashobora gukubitwa bikomeye" ari nka hamwe hoba abandi banyagihugu bari mu myiyerekano bicwa.

Ati: "Tubikurikiranira hagufi cane. Ni batangura kwica abantu nk'uko babigize muri kahise, nibaza ko bazokubitwa bikomeye na Reta Zunze Ubumwe za Amerika".

Irani mu bisanzwe iri hanze y'akarere kagengwa na "Donroe Doctrine", ariko nticabujije ko Trump agabisha ubutegetsi bwa Irani ko bushobora gufatirwa izindi ngingo, inyuma y'uko mu mwaka uheze ateye ibigo vyayo vya nikleyeri.

Ivyo bitero vyakozwe inyuma y'aho Israel ikoreye ibitero bikomeye vyari bifise intego yo gusambura ubushobozi bwa irani bwo guhingura ikirwanisho ruhonyanganda c'ubumara, ibitero vyavuyemwo intambara y'imisi 12 hagati ya Israel na Irani.

Mu nama yabereye ku rugo rwa Trump i Mar-a-Lago hagati ya we n'umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu mu ndwi iheze, vyavuzwe ko Irani yari ku rutonde rw'ibibazo nyamukuru vyaganiriweko. Ibinyamakuru vyo muri Amerika vyavuze ko Netanyahu yashikirije ko hashobora kuba ibindi bitero kuri Irani muri uno mwaka wa 2026.

Mexique

Igihe Trump yashika ku butegetsi mu 2016 yashitse atera akamo ko "Kwubaka Uruzitiro" ku rubibe Amerika ihana na Mexique mu bumanuko.

Ku musi wa mbere agarutse ku butegetsi mu 2025, yateye igikumu kw'itegeko bwirizwa ryo guhindura izina ry'Ikigobe ca Mexique maze citwa Ikigobe ca Amerika.

Akunze kwagiriza abategetsi ba Mexique ko batariko barakora ibikwiye kugira ngo bahagarike ibiyayuramutwe vyinjira muri Amerika canke abimukira barondera kwinjira muri Amerika badafise ivya ngombwa.

Mw'ijambo yashikirije ku wa Mungu, yavuze ko ibiyayuramutwe bicisukira biciye muri Mexique kandi ko ari "ngombwa ko tugira ico dukoze", hanyuma yongerako y'uko imirwi ikora magendo y'ibiyayuramutwe muri ako karere "ikomeye cane".

Umukuru w'igihugu ca Mexique, Claudia Sheinbaum yamirira kure igikorwa ca gisirikare ico ari co cose ca Amerika ku butaka bwa Mexique.

Cuba

Iri zinga riri ku birometero 145 mu bumanuko bw'intara ya Florida isanzwe iri mu bihano yafatiwe na Amerika kuva mu myaka ya 1960. Ifitaniye ubucuti bwa hafi cane na Nicolás Maduro wa Venezuela.

Ku wa Mungu, Trump yavuze ko igitero ca Amerika muri ico gihugu kidakenewe kuko Cuba imerewe nabi ku bwiwe.

Ati: "Nibaza ko ata gikorwa dukeneye. Biboneka ko iriko iratembagara".

Yongerako ati: "Sinibaza ko bazoshobora kwihagararako, ariko Cuba ubu ntakintu yinjiza.

"Ivyo baronka vyose vyava muri Venezuela, mu gitoro ca Venezuela".

Vyavugwa ko hafi 30% vy'igitoro ca Cuba cava muri Venezuela, bigatuma La Havane/Havana (ubutegetsi bwa Cuba) ishobora guhura n'ingorane mu gihe itosubira kuronka igitoro Maduro amaze kugenda.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio – uyu akaba afise abavyeyi b'abimukira ba Cuba – kuva kera yamye asaba ko intwaro ya Cuba ihinduka, aho ku wa gatandatu yabwiye abanyamakuru ati: "Iyaba naba i La Havane, kandi nkaba ndi mu ntwaro, mba mfise impungenge bukebuke".

Ati: "Iyo umukuru w'igihugu avuze, ukwiye gufata nka nkama ivyo avuze".