Trump aragabisha indongozi nshasha ya Venezuela mu gihe Maduro yiteze kurengutswa imbere ya sentare

Donald Trump yagabishije umukuru w'igihugu mushasha wa Venezuela Delcy Rodríguez ko ashobora "guhabwa igihano kinini, kumbure kinini gusumba Maduro" ari nka hamwe "atokora ikibereye".
Yabibwiye ikinyamakuru co muri Amerika The Atlantic mu gihe umukuru w'ico gihugu aherutse kubogozwa n'ingabo za Amerika Nicolás Maduro yitezwe imbere yasentare y'i New York kuri uno wa mbere.
Amerika yagiriza Maduro ko ayoboye "umurwi w'iterabwoba ukoresha ibiyayuramutwe", mu gihe asanzwe yagirizwa ivyaha vya magendo y'ibiyayuramutwe n'ibirwanisho.
Maduro yamirira kure ibi vyaha yagirizwa, akagiriza Amerika ko yakoresheje "intambara ku biyayuramutwe" nk'icitwazo mu kugerageza kumubogoza kugira ngo ishikire igitoro ca Venezuela.
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio ashimangira ko Amerika itari mu ntambara na Venezuela, inyuma y'uko ibitero vyo mu kirere ku mugwa mukuru Caracas ku wa gatandatu vyavuyemwo ifatwa rya Maduro n'umugore wiwe bagatwarwa muri Amerika.
Bamwe mu bashingamateka b'Abademokarate bavuga ko iki ari "igikorwa c'intambara".
Avuga kuri Rodríguez muri ico kiganiro yagiriraniye na The Atlantic ejo ku wa Mungu, Trump yagize ati: "Ari nka hamwe atokora ikibereye, azohabwa igihano kinini, kumbure kinini gusumba Maduro".
Yongerako ko kuri Venezuela, "Guhindura ubutegetsi, uko woshaka kuvyita kwose, ni co ciza gusumba ivyo ubona ubu. Nta kibi coza gisumba ikihari". ivyoshobora kuba bibi kurusha uko biri".
Ku wa gatandatu, Trump yatangaje ko Amerika "izorongora" Venezuela gushika "habonetse intwaro nziza kandi itunganye".
Trump yavuze ko amakompanyi y'igitoro ya Amerika azoja muri ico gihugu gutunganya ibikorwa remezo "hanyuma atangure kwinjiriza amahera igihugu".
Nubwo avuga ibi, abegereye Maduro ni bo baramutswa igihugu.
Reta ya Cuba ivuga ko "abarwanyi ba Cuba 32 b'ishirwarimenetse" bapfuye igihe ingabo za Amerika zatera zigafata Maduro n'umugore wiwe. Cuba – incuti ya gisosiyalisti y'igihe kirekire ya Maduro – yatangaje ikigandaro c'imisi ibiri.
Mu biganiro bitari bike ejo ku wa Mungu ku mboneshakure, Rubio yashigikiye igitero ca Amerika muri Venezuela, ariko ashimangira ko Amerika itari mu ntambara na kino gihugu co muri Amerika y'ubumanuko.
Mu kiganiro Meet the Press ca NBC mu gatondo k'ejo ku wa Mungu, Rubio yagize ati: "Turi mu ntambara n'imihari ikora magendo y'ibiyayuramutwe. Iyi si intambara na Venezuela".
Uno mushikiranganji w'imigenderanire wa Amerika, yabwiye kandi CBS ko ari nka hamwe Venezuela "itofata ingingo zibereye", Amerika " izoguma ifise inzira nyinshi zo gukingira inyungu zayo uko bishoboka kwose".

Ahavuye isanamu, Donald Trump
Aha harimwo "ingingo yo kwugarana" igitoro ca Venezuela yafashwe na Amerika, nk'uko abivuga.
Ati: "Tuzokwihweza buri kintu cose dufatiye ku vyo bakora, kandi tuzokurikirana ivyo bakora".
Trump agabisha kandi Colombia , igihugu kibanyi na Venezuela, mu majambo yavuze igihe yurira indege irerura umukuru w'igihugu ca Amerika, Air Force One.
Ntashira kure igitero ca gisirikare kuri Colombia, mu kuvuga ati "kuri jewe numva ari ikintu ciza", akaba mbere yise Perezida Gustavo Petro wa Colombia "umurwayi".
"Colombia na yo nyene irarwaye, irongowe n'umurwayi, akunda kwimbura kokayine no kuyishora muri Amerika, kandi ntazomara igihe kirekire abikora", ni ko Trump avuga.
Maduro yari arongoye Venezuela kuva mu 2013 akaba yari akunze kwagirizwa ko atoteza abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe be n'ababunegura muri Venezuela, rimwe na rimwe akoresheje igikenye.
Abatavuga rumwe mu gihugu hamwe n'amakungu babona ko yatsinze amatora yo mu 2024 mu manyanga.
Mu gihe abategetsi ba Amerika bobo bavuga ko ingabo za Amerika ataco zabaye muri ico gitero co ku wa gatandatu, umushikiranganji wa Venezuela ajejwe kwivuna abansi Vladimir Padrino avuga ko "igice kinini" c'ingabo zari zicungereye Maduro, "abasirikare hamwe n'inzirakarengane", bishwe muri ico gitero ca Amerika.
Igihe yabazwa igituma batabanje gusaba uruhusha inama nshingamateka na nkenguzamateka imbere y'iki gitero kuri Venezuela, Rubio yabwiye ABC ko bitari "nkenerwa kubera itari intambara".
Ntushobora kumenyesha inama nshingamateka na nkenguzamateka mu gikorwa nk'iki kubera "ibanga ryomeneka", nk'uko abandanya abivuga.
Icegera ca Maduro Delcy Rodríguez ubu ni we mukuru w'igihugu mfatakibanza inyuma yo kurahizwa na Sentare nkuru y'igihugu. Igisirikare c'igihugu na co nyene camenyesheje ko kimushigikiye. Bitegekanijwe ko yatirwa mu mabanga nk'umukuru w'igihugu kuri uno wa mbere i Caracas, isaha zibiri z'igitondo mu masaha yaho, (haza kuba ari isaha umunani z'umuhingamo mu masaha ya Gitega na Kigali).
Igihe yavugana n'ibinyamakuru vyo muri Amerika, Rubio yabajijwe nimba Amerika yemera Rodríguez nk'umukuru w'igihugu abereye wa Venezuela.
Yishuye ko ikibazo kitajanye n'uwutegerezwa kuba umukuru w'igihugu, kuko Amerika itemera ubutegetsi buhari.

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Bamwe mu bashingamateka b'Abademokarate baranegura ibi bikorwa vy'intwaro ya Trump.
Hakeem Jeffries arongoye Abademokarate mu nama nshingamateka avuga ko iki gitero co mw'ibanga cakozwe inama nshingamateka na nkenguzamateka zitagitangiye uruhusha atari "igitero gisanzwe ku biyayuramutwe".
Jeffries yabwiye ikiganiro Meet the Press ca NBC ati : "Yari intambara".
Ati: "Iki cari igikorwa ca gisirikare carimwo Delta Force, carimwo igisirikare, gisa n'icarimwo ibihumbi n'ibihumbi vy'ingabo, carimwo nibura indege za gisirikare 150, carimwo kumbure n'amato aharurwa muri mirongo hanze ya Venezuela na Amerika y'ubumanuko".
Jim Himes, umudemokarate wo muri komite y'inama nshingamateka ijejwe igendereza, yabwiye ikiganiro Face the Nation ca CBS ko ata muntu n'umwe wo mu butegetsi bwa Trump yigeze avugana na we, akongerako ati: "Nta mudemokarate n'umwe nzi yigeze avugana na bo".
Mu kiganiro This Week ca ABC, Chuck Schumer arongoye abakenguzamateka b'Abademokarate yavuze ko atabona nimba iki gikorwa ca Amerika cakozwe hakurikijwe amategeko.
Schumer yavuze ko nubwo yemera ko Maduro ari umuntu mubi cane, "Ntukwiye kurwanya ihonyangwa ry'amategeko ukoresheje irindi honyangwa ry'amategeko".
Yavuze ko Trump yahemutse ku vyo yiyemeje mu gihe c'imyiyamamazo, aho yemereye Abanyamerika ko ata "zindi ntambara zidahera" azosubira kwinjizamwo Amerika.
Eka n'ibihugu bitari bike biriyamiriza iki gitero. Mw'itangazo rusangi, ibihugu vya Brezili, Chili, Colombia, Mexique, Uruguay vyo muri Amerika y'ubumanuko, hamwe na Espagne, bivuga ko ivyakozwe na Amerika "bishobora guhungabanya amahoro n'umutekano w'akarere".
Ibi bihugu bivuga ko vyashaka ko ikibazo ca Venezuela gitorerwa umuti mu nzira y'ibiganiro.













