European Super League: FIFA iragabisha abatanguje iri higanwa

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru, FIFA, asaba abateguye ihiganwa European Super League kwiyumvira neza imbere y'ugufata ingingo.
Gianni Infantino agabisha ko abari inyuma yavyo bashobora kwisanga bari hanze yaryo.
Mu gihe abatari bake cane cane abakunzi b'umupira w'amaguru biyamiriza iyo ngingo bakavuga ko ifashwe ku ntumbero zo kurondera amaronko, Florentino Perez, umukuwu w'umurwi Real Madrid, we avuga ko iri higanwa rizorokora umupira w'amaguru.
Ku mugoroba w'uyu musi, vyitezwe ko umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson agiriranira inama n'abarongoye umupira w'amaguru hamwe n'abaserukira abafana kuri iki kibazo.
Mw'ijambo yashikirije mu nama nkuru y'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru i Bulaya, Gianni Infantino yavuze ko abatanguje iri higanwa, bazotegerezwa kwemera ingaruka z'iyi nzira bazoba bahisemwo.
Yashimangiye cane ko FIFA idashigikiye iyo ngendo.
'ESL yashinzwe kugira irokore umupira w'amaguru'
Florentino Perez, umukuru w'umurwi Real Madrid, umwe mu mirwi 12 ya Buraya yatanguje iri higanwa, avuga ko ryashinzwe kugira ngo "rirokore umupira w'amaguru".
Avuga ko iyi ngingo yafashwe kubera urwaruka "rutari rugikunda umupira w'amaguru" kubera "ubuhinga buke burangwa mu nkino zitandukanye".
Ati: "Igihe cose habaye impinduka, hama hari abantu bazirwanya".
Imirwi itandatu ikomeye yo mu Bwongereza, Arsenal, Chelsea, Liverpool, Manchester City, Manchester United na Tottenham yaremeye kwinjira muri iryo higanwa.
Iyi ngingo iranegurwa cane n'abarongoye umupira w'amaguru hamwe n'abashikiranganji bamwe mu Bwongereza, ikaba kandi yiyamirizwa cane n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru i Buraya, UEFA, hamwe n'amashirahamwe y'umupira w'amaguru.
Kuri uyu wa kabiri umushikiranganji wa mbere Boris Johnson yagiranye inama n'abarongoye amashirahamwe y'umupira w'amaguru muri ico gihugu kugira ngo bavugane kuri iki kibazo, mu gihe imirwi 14 ya Premier League itari muri uwo mugambi vyitezwe ko nayo nyene ikorana.
Perez avuga ko imirwi mikuru mikuru iriko iratakaza amahera, ko rero inkino z'imirwi ikomeye zizoshobora kunagura ubutunzi bwayo.
Perez yabwiye televiziyo yo muri Espagne El Chiringuito de Jugones ati: "Turiko dukora ibi kugira ngo turokore umupira w'amaguru muri iki gihe gikomeye."
"Tubandanije n'iri higanwa ry'imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League), ibintu bizogenda biyangara, hayuma bipfe burundu".
"Iyi nteguro nshasha izotangura mu 2024 ntitomoye. Mu 2024, twese kazoba kabaye".
Integuro yo gusubiramwo Champions League ku buryo izohora ihuriramwo imirwi 36 ikaba izotangura mu 2024, yaremejwe na UEFA ejo ku wa mbere.
Yongerako ati: "Mu myaka ya 1950, vyari co kimwe. UEFA na FIFA zariyamirije ihiganwa rishasha rya Buraya, ariko ryarahinduye urukino rw'umupira w'amaguru".
Kubera iki ESL?
Perez avuga ko iyi ngingo yatumwe n'ikiza karanda ca coronavirus, catumye inkino zikinwa ata barorerezi bari mu kibuga.
Avuga ko ibice 40% batagikunda umupira kandi ko Real ubwayo yatakaje imiriyoni 400 z'ama euros kubera ingaruka za coronavirus.
Perez ati: "Iyo udafise ayandi mikoro uretse ayava kuri tereviziyo, ni ngombwa ko urondera inyishu kugira ngo haboneke izindi nkino zihuza imirwi yose ikomeye kugira abafana kw'isi yose bashobore kurorera".
"Abakiri bato ntibagikunda umupira w'amaguru. Baca bigira ku zindi mbuga zibamara irungu".
"Dushobora kugarura amwe mu mafaranga twatakaje kubera iki kiza. Ni ngombwa ko turondera amahera mu gutegura ayandi mahiganwa".
Abatanguje iri higanwa bavuga ko imirwi yose yatakaje amafaranga kubera ikiza ca coronavirus.
Ingene ubutunzi bwamanutse mu 2020 ugereranije na 2019:

Ariko abanegura iyi ngingo bavuga ko ata kindi igamije atari ukurondera amahera gusa, ko izokwica amahiganwa y'ibihugu kandi ko idahesha iteka uru rukino.
Uwahoze ari kizigenda w'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza, Alan Shearer avuga ko yizeye neza ko imirwi y'Ubwongereza izofata nkama ivyo abafana bazovuga, aba nabo bakaba bavyiyamiriza bikomeye.
Shearer yabwiye ikiganiro Breakfast ca BBC ati: "Imirwi yama ivuga ko ari umuryango kandi ko abafana ari wo mutima w'umurwi".
"Rero, reka turabe ico biyumvira ku bafana, kubera ubu abafana bamaze kuvuga aho bahagaze".
"Biraboneka neza ko iki kintu batagishaka, rero reka turabe ikibanza abafana bahabwa n'imirwi y'umupira w'amaguru".
Perez avuga ko iyi mirwi yagiye hamwe yipfuza ko iri higanwa rishasha ritangura mu kw'umunani mu gihe bokwumvikana na UEFA, vyanse rikarindirizwa umwaka umwe.
Umukuru wa UEFA, Aleksander Ceferin, avuga ko iri higanwa ari umugambi "uteye isoni, wo kwigungirako" kandi ko ari "ugucira amate mu maso abakunzi b'umupira w'amaguru".
Ceferin avuga kandi ko abakinyi bazoba bari muri iri higanwa bashobora guhagarikwa mu yandi mahiganwa ya UEFA, ivyo Perez abeshuza.
Ati: "Ibi ntibizobaho, amategeko aradukingira".
"Nta mpari zo mu mategeko tuzojamwo. Ntibishoboka. Abakinyi botekana kuko ibi ntibizoba".
"Si ihiganwa ry'abatunzi, ni ihiganwa ryo kurokora umupira w'amaguru".
Iri higanwa ritegekanywa guhuza imirwi 20 yose hamwe kandi ribangabanganwe n'ayandi mahiganwa y'ibihugu nk'akarorero Premier League.










