FIFA yahagaritse Prezida wa CAF Ahmad imyaka itanu

Ahmad

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku burongozi bwa Ahmad, ishirahamwe CAF ryaramaze igihe rigirwako amatohoza

Ahmad, umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika (CAF), yahagaritswe imyaka itanu na FIFA kubera kurenga ku mategeko atandukanye ajanye n'inyifato nziza.

Uwo mugabo asanzwe ari icegera c'umukuru w'urwego nshingwantwaro rwa FIFA, w'imyaka 60, yahamwe n'icaha co kurenga ku mategeko ajanye no kwizigirwa ku kazi, gutanga no kwakira utuganuke, gukoresha nabi ikibanza arimwo hamwe no gukoresha nabi ubutunzi bw'iryo shirahamwe.

Itangazo ryashikirijwe na FIFA rigira riti:

"Amatohoza yakozwe ku nyifato ya Ahmad … kuva mu 2017 gushika mu 2019 yerekeye ibintu vyinshi bijanye n'intwaro muri Caf, harimwo itegurwa n'irihwa ry'urugendo rweranda yagize i Maka [Mecca], uruhara yagize mw'ikorana rya Caf n'ishirahamwe ridandaza ibikoresho vyo kwinonora imitsi, Tactical Steel, hamwe n'ibindi bikorwa."

Mu kwezi guheze, igisata ca BBC Sport Africa cari camenyesheje ko ihagarikwa ryiwe rishobora kuba igihe ico ari co cose. Yaciwe kandi amande y'amadolari ya Amerika 200.000. Yaramaze guhakana ko ata tegeko yarenze.

Ashobora kwunguruza muri sentare ijejwe kwihweza ingorane zadutse muri 'Sport', Court of Arbitration for Sport (CAS), igihe azoba amaze kumenya neza ivyo bafatiyeko mu gufata iyo ngingo, bikaba bishobora gufata ikiringo c'imisi 60.

Mu kwezi guheze, uwo yahoze arongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Madagascar, yaramenyesheje ko ashaka kwitoreza ikiringo ca kabiri mu gihe amatora ya CAF ategekanijwe mu kwezi kwa gatatu.

Aha hari amadidane kuri Ahmad yatorewe kurongora CAF mu 2017, kuko ategerejwe kubanza gutorera inyishu ikibazo c'isubira gutorwa, kugira abandanye amabanga yiwe mu kanama karongoye FIFA.

Kugira asubire gutorwa ntibizovana gusa n'uko yatsinze urubanza mw'iyungururizo muri CAS, ahubwo n'ukuraba ko urwo rubanza rwoburanishwa hakiri kare kugira aje ku rutonde rw'abazohiganwa.

Ahmad yabaye arakinjura mu mabanga yo kurongora CAF, avuga ko abitewe n''ibibazo vy'amagara' mu gihe yaheruka kugwara coronavirus, asiga icegera ciwe ca mbere, Constant Omari, ari we aramutswa iryo shirahamwe.