Umunyamabanga mukuru wa FIFA aje kuyobora ibikorwa vyose vya CAF

Ishirahamwe rijejwe umupira w'amaguru kw'isi, FIFA, hamwe na CAF ijejwe umupira w'amaguru muri Afrika vyumvikanye kugena umunyamabanga mukuru wa FIFA, Fatma Samoura, nk' "umugenzuzi mukuru ajejwe Afurika" kubera ibibazo vy'uburongozi kuri uyu mugabane.
Samoura azorangura ayo mabanga mu kiringo n'imiburiburi c'amezi atandatu, kuva kw'igenekerezo rya mbere ukwezi kw'umunani gushika ku wa 31 z'ukwa mbere 2020.
Ico kiringo gishobora kwongerezwa mu gihe aho mashirahamwe yompi yovyumvikanako.
Afatanije n'umukuru w'ishirahamwe CAF Ahmad na komite yiwe, uyo munyasenegali Samoura azokorana n'umurwi w'abahinga mu bikorwa bitandukanye, harimwo:
- Kuyobora ibikorwa vyose vya CAF
- Kugenzura itunganywa ry'amahiganwa yose ya CAF hisunzwe ubuhinga
- Gufasha mu guteza imbere umupira w'amaguru mu gihugu vyose
Iyo ngingo ifashwe inyuma y'inama ya komite nyobozi ya CAF yabaye ejo ku wa gatatu i Cairo mu Misiri.
Muri iyi nama Ahmad Ahmad arongoye CAF yasavye ko FIFA yorungika abahinga boza gufasha kwihweza ingene ibintu bimeze muri iryo shirahamwe.
Ishirahamwe CAF rigize iminsi mu bibazo, aho umukuru waryo, Ahmad yarengukishijwe n'abategetsi b'Ubufaransa mu ntango za kuno kwezi "mu matohoza ya ruswa, gukora impapuro za magendo no gukoresha ububasha afise mu bitajanye n'amategeko".
Uyo mutegetsi w'imyaka 59 y'amavuko yararekuwe ata caha yagiriwe, inyuma y'ibiganiro i Paris. Ahmad Ahmad yarahakanye ivyo yagirizwa vyose avuga ko ari "ibinyoma".
Hagati aho, komite ijejwe inyifato mw'ishirahamwe FIFA iriko imukorako amatohoza.
Mu bindi bibazo bihanze CAF, harimwo ingingo y'ugusubiramwo urukino rwa nyuma rw'igihanwa rihuza imirwi yabaye iya mbere muri Afrika muri uku kwezi.
Uru rukino ntirwashoboye kurangira inyuma y'aho bwa buhinga bwa videwo bufasha mu buhagarikizi (VAR) bwankiye.
Hariho kandi n'ikibazo c'isubirwamwo ry'ikirangaminsi c'ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu y'umupira w'amaguru muri Afrika ryo mu 2019, 2021 na 2023.
Impuzamashirahamwe FIFA na CAF yariyemeje gukorera hamwe ku nyungu z'amashirahamwe y'umupira w'amaguru muri Afrika mu ntumbero y'ukugarukana icizere n'uguteza imbere umupira w'amaguru ku mugabane wa Afrika.










