Venezuela: Kuki ubuhinga bwo gukingira ikirere bw'Uburusiya n'Ubushinwa bwananiwe no kuzibira igitero ca Amerika?

Maduro afise inkoho

Ahavuye isanamu, JUAN BARRETO/AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Nicolàs Maduro afise inkoho

"Igihugu cacu ntikivogerwa, nta n'umwe azoshobora gukora no kw'isantimetero n'imwe yaco, kuko kirahezagiwe".

Kuri aya majambo yavuze mu 2013, Nicolás Maduro yahumurije igihugu ko reta yiwe yari yubakiye ku "buhinga bwa mbere bukomeye gusumba ubundi bwose kw'isi bwo kwivuna ibitero vy'indege" ku buryo ata "ndege n'imwe mvamahanga yohunahuna mu kirere ceranda c'igihugu cacu".

Ariko, ku wa 3 Nzero (1), inyuma y'imyaka hafi 13 Maduro avuze aya majambo, indege z'intambara, zose hamwe zishika 150, si imwe gusa, zarinjiye mu kirere ca Venezuela, zirashika no ku mugwa mukuru Caracas mu gitero c'akataraboneka cagiye kurangira Maduro n'umugore wiwe Cilia Flores batwawe muri Amerika.

Amashusho yafashwe agahanahanwa ku mbuga hwaniro yerekana ko ubu buhinga bwa Venezuela bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere buzimvye cane ata kintu bwashoboye gukora, ibi bikaba bitsimbataza ibivugwa ko hashobora kuba hari bamwe mu gihugu bakoranye na Amerika, ibi bikaba bihakanwa n'abategetsi.

"Hano, nta n'umwe yishikanye, harabaye intambara, harabaye intambara yo kurwanira iki gihugu c'amavukiro, abaturwanira barahanganye n'umwansi", vyavuzwe n'umukuru w'igihugu mfatakibanza Delcy Rodríguez mu birori vyo kwibuka ingabo zahasize ubuzima inyuma y'imisi itanu.

  • None ni ibiki vyabaye?
  • Ni ibiki bitagenze neza?

Igisata ca BBC gikoresha ururimi rw'iki-Espangol, BBC Mundo, caregereye abahinga mu vya gisirikare mu kugerageza kwishura ibi bibazo.

Ibikoresho biteye ubwoba ku rupapuro

Fort Tiuna, ikigo nyamukuru ca gisirikare ca Caracas, caratewe na Amerika kandi igisirikare ca Venezuela kirwanira mu kirere nta co cashoboye gukora

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Fort Tiuna, ikigo nyamukuru ca gisirikare ca Caracas, caratewe na Amerika kandi igisirikare ca Venezuela kirwanira mu kirere nta co cashoboye gukora

Mark Cancian, umukukuruke mu gisirikare ca Amerika kirwanira mu mazi ubu akaba ari umushakashatsi mu kigo Center for Strategic and International Studies (CSIS), agira ati: "Ukunanirwa gukingira ikirere kw'ubuhinga bwa Venezuela kuracari amayobera, kuko mu majambo, bwari buteye ubwoba".

Ariko, imbere yo kwinjira mw'ido n'ido ry'imvo nyamukuru zatumye ubu buhinga bunanirwa, ni vyiza kubanza kwihweza ibibugize.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kuva mu 2009, Caracas (ubutegetsi wa Venezuela) yatanguye kuronswa ibi bikoresho vya none, harimwo nk'ivyo mu bwoko bwa S-300 na Buk-M2, vyahinguriwe mu Burusiya, mu rwego rw'amasezerano atari make ubutegetsi bw'umuhisi Hugo Chávez bwagiriraniye na Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya).

S-300 ni ibikoho birekura ibisasu vya misire bipima 1480kg, bifise uburebure bwa metero indwi, bishobora kumanura indege, kajugujugu canke ibindi bisasu vya misire, biri ku birometero 150, nk'uko ikigo CSIS kivyerekana. Ibi bifatwa ko ari mukeba w'ibisasu vya misire vya Amerika vyo mu bwoko bwa Patriot.

Ku rundi ruhande, Buk-M2 ni ibisasu vya misire biraswa ku ntera iciriritse, bishobora gusambura indege canke ibisasu vya misire vy'umwansi biri ku birometero 40.

Hanyuma kandi, hari ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Pechora na Igla-S, vyompi biraswa ku ntera ngufi.

Nka Igla-S ni ngendanwa kandi ishobora kuraswa n'umuntu umwe, ikaba ifise ubuhinga ntahusha, kandi ifise ubushobozi bwo gukorora indege, kajugujugu hamwe na za ndege zitajamwo abadereva (drone) zigendera hafi.

Mu mayinga makeya imbere y'ico gitero, Maduro yagize ati: "Nta gisirikare na kimwe kw'isi kitazi ubushobozi bwa Igla-S, kandi Venezuela ifise izitari musi ya 5.000".

Hejuru y'ibi vyose, hiyongerako ama-radars y'Ubushinwa n'ama-drone ya Irani.

Thomas Withington, umuhinga mu vy'intambara z'ubuhinga bwa elektroniki n'ivy'ama-radar ku kigo Royal United Services Institute (RUSI) mu Bwongereza, yabwiye BBC Mundo ati: "Ku bakeba bamwebamwe, ibi bikoresho birateye ubwoba, ariko kuri Amerika ni ubusa".

Eka na Cancian ni ko abibona.

Ati: "Ibi bikoresho bisa n'ibikora neza cane muri Ukraine, ariko ku bakeba bakomeye nka Israel, hamwe na Amerika ubu, nta co bishoboye".

Ubuhinga bwa Irani bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere, co ikimwe n'ubwa Venezuela, bugendera ku bikoresho vy'Uburusiya, bukaba ari ubuhinga bwananiwe kuzibira Israel igihe yacucagira ibibombe ku bigo vya nikleyeri vya Irani, mu nyuma ivya Amerika bikaza gukurikira.

Ibishobora kuba vyarabaye

Abasirikare bakeyi gusa ba Venezuela ni bo bashoboye kugerageza gukoresha Igla-S, ibisasu bishobora gukorora indege zigendera hafi

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abasirikare bakeyi gusa ba Venezuela ni bo bashoboye kugerageza gukoresha Igla-S, ibisasu bishobora gukorora indege zigendera hafi

Gushika ubu, abategetsi ba gisirikare ba Venezuela ntibarasigura igituma ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere ataco bwakoze.

Hagati aho, abahinga babona ko habaye uruvangatirane rw'imvo zitandukanye.

Withington ati: "Mu mezi atandatu aheze, Amerika yatanguye kwegeranya amato y'intambara mu karere ka Karayibe, ibi bikaba vyayihaye akaryo nyako ko kwiga neza uburyo Venezuela ifise bwo kwivuna ibitero voy mu kirere hamwe n'inguvu n'intene nke zayo".

Kandi, uravye ingene iki gitero cagenze, biraboneka neza ko Amerika yari yabonye aho Venezuela irwaye.

Abandanya ati: "Birashoboka ko habaye ibitero vyo ku buhinga nyabwonko bwayo, hongera haba ibitero vyo guhungabanya ubuhinga bwa radar n'itumatumanako".

Iki ciyumviro kiremezwa n'intwazangabo yo mu gisirikare ca Venezuela.

Uno yahoze arongoye igisata c'igisirikare ca Venezuela gikoresha ibimodoka bitamenwa n'amasasu asanzwe yabwiye BBC Mundo ati: "Ubuhinga bwa elektroniki bwa Amerika bukoreshwa mu ntambara ni ubwo ku rwego rwo hejuru cane. Bafise ivyuma bishobora guhagarika radar bigatuma indege zabo zitaboneka".

Abandanya ati: "Ama-radar amaze kuneshwa, ibisigaye vyari vyoroshe cane kuko umwansi yatewe atiteguye".

Ku ruhande rwiwe, Cancian avuga ko, iruhande y'ubuhinga bwa none bwa Amerika bwisumbuye, ingabo za Venezuela zakoze amakosa akomeye cane mu kwitegurira guhangana na Amerika.

Ati: "Vyinshi mu bikoresho vyabo vyari vyandagajwe ku mugaragaro, ata n'ubuhinga bwo kubiyoberanya, ivyatumye vyoroha kubisambura".

Amasanamu yasohotse inyuma y'iki gitero yerekana vya muzinga vyo mu bwoko bwa Buk-M2 vyasamburiwe iruhande y'ibarabara ry'ikibuga c'indege c'ikigo ca gisirikare ca La Carlota.

Yongerako ati: "Imyimenyerezo n'imyiteguro y'igisirikare ca Venezuela ishobora kuba itari ihagije, uravye ingene ibi bikoresho vyo gukingira ikirere vyari bihagaze".

Nubwo mu mezi make imbere y'iki gitero abategetsi ba Venezuela batangaje imyimenyerezo ya gisirikare itari mike, ivyabaye ku wa 3 Nzero vyerekanye ko itari ikwiye.

Umusirikare yarokotse iki gitero yabwiye ikinyamakuru Tal Cual c'i Caracas ati: "Nta mwanya ukwiye wo kwivuna wahabaye. Cabaye ku muvuduko w'umuravyo".

Sereja-majoro Ricardo Salazar yakomerekeye mu bibombe vyacucagiwe ku kigo c'igisirikare kirwanira mu kirere La Carlota, mu buseruko bwa Caracas, na we nyene ni ko yabwiye ikinyamakuru Telesur.

Ati: "Narafashe Iglas yanje ndayambika ivya nkenerwa kugira ndase, ariko igihe nayishira ku rutugu ikibombe canguye iruhande kinterera nka hariya (…) nca ndata ubwenge".

Cari nk'igiporisi aho kuba igisirikare nyaco

Uburongozi bw’igisirikare ca Venezuela ntibwashoboye guhangana n’igitero ca Amerika.

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uburongozi bw'igisirikare ca Venezuela ntibwashoboye guhangana n'igitero ca Amerika

Cancian abona kandi ko ivyabaye ku wa 3 Nzero vyavuye ku mpinduka mu gisirikare ca Venezuela ku butegetsi bwa Chávez .

Ati: "Mu myaka itari mike, igisirikare cibanze cane ku mutekano wo hagati mu gihugu gusumba kwitaho ibitero vyari gushobora kuva hanze".

Ibi kandi biremezwa na Jenerali Hebert García Plaza wo mu gisirikare ca Venezuela.

"(Muri Amerika) bari babonye ko igisirikare ca Venezuela cari citeguriye intambara yo kwirwanako, ariko kititeguriye intambara isanzwe hagati y'ibisirikare bibiri", niko uwahoze ari umushikiranganji ajewe kwunguruza abantu n'ibintu ku butegetsi bwa Maduro yabwiye ikinyamakuru Infobae.

Uno mutegetsi yegeka ivyabaye ku mushikiranganji wo kwivuna abansi ahari ubu, Jeneral Vladimir Padrino López.

"Padrino hamwe na (Domingo) Hernández Lárez ni bo bazanye iyi poritike y'intambara yo kwirwanako, iyi na yo mu bisanzwe ikaba yari iyo gucuvya abatavuga rumwe n'ubutegetsi no gukingira abari ku butegetsi muri Venezuela".

Hagati aho, ibinyamakuru vyo hanze nka The New York Times na vyo nyene vyatangaje ko bumwe mu buhinga bwo gukingira ikirere butariko burakora igihe Trump yagomora iki gitero. Kubera iki? Kubera ibibazo vy'ubutunzi vyamugaje iki gihugu muri ino myaka ya vuba, vyafatanye n'ubutegetsi bubi.

Withington agira ati: "Igiturire ntaco gifasha, cane cane iyo hageze ivy'ukwivuna abansi n'umutekano w'igihugu".

Mu mayinga make aheze, Andrei Serbin Pont, umuhinga mu bijanye na poritike mpuzamakungu n'ivyo kwivuna abansi, akaba arongoye ikigo Regional Coordinator of Economic and Social Research (CRIES mu mpfunyapfunyo y'iki-espagnol), aribaza nimba koko ubuhinga bwa Venezuela bwo gukingira ikirere bukora koko uko bikwiye.

Yabwiye BBC Mundo ati: "Hari itandukaniro rinini hagati y'ivyo Venezuela ifise ku mpapuro be n'ibigikora".

Carahungabanye cane, ariko nticasambutse

Nubwo ibibombe vya Amerika vyasinzikaje cane ubuhinga bwa Venezuela bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere, si ukuvuga ko bwasambuwe.

Withington agira ati: "Amerika yashaka gusambura ubuhinga bwose. Yashizeho umuhora kugira ngo kajugujugu zishobore kwinjira zigatora Maduro".

Venezuela iracafise ibikoho bitari bike birasa ibisasu vya muzinga. Vyongeye, ububiko bw'ama-drone busa n'uko ata na kimwe bwabaye, co kimwe n'indege z'intambara zayo zo mu bwoko bwa Sukhoi 30-MK2.

Hagati aho, ivyabaye ni ikimenyetso ko abarongoye igisirikare ca Venezuela bategerezwa kwirimbura.

Ati: "Ntituzi ibiriko biraba imbere mu gisirikare, nimba uburongozi buriko burahindurwa, ariko ata guca iruhande, ni ngombwa ko busubirwamwo".

Gushika ubu, ikimaze kumenyekana ni ibogozwa rya Jenerali Javier Marcano Tábata yari arongoye igisirikare kijejwe gucungera umukuru w'igihugu, ubu hakaba hari ibihuha vy'uko na Jenerali Majoro José Luis Tremont Jiménez, arongoye igisirikare kirwanira mu kirere (CODAI) yoba na we nyene yabogojwe.

Gushika ubu, ntibizwi neza nimba hazoba impinduka mw'itunganywa ry'igisirikare inyuma y'iki gitero ca Amerika cashize ku mugaragaro intege nke zaco ata n'umwe yari yiteze, imbere y'uko ico gitero kiba.