Ni ubuhe bushobozi bwa gisirikare Venezuela ifise bwo kwivuna mu gihe Amerika yoyitera?

Ingabo ziri mw'ikarashishi zifise ibikoresho vyo mu matora rusangi i Fuerte Tiuna, Caracas, yabaye itariki 24 z'ukwezi kw'indwi mu 2024.

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Norberto Paredes
    • Igikorwa, BBC News Mundo

Igihe ubwato bwa USS Gerald R. Ford bwashika mu mazi hafi ya Amerika y'ubumanuko, vyunyuye icuka kibi kiri hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Venezuela.

Nico gitigiri kinini c'ingabo za Amerika muri ako karere ko muri Amerika y'ubumanuko kuva mu 1989 igihe Panama yavogerwa, kandi, nk'uko vyagenze kuri Manuel Antonio Noriega, haraciye imyaka irenga 30, Nicolás Maduro yagirijwe gucuruza ibiyayuramutwe, mu gihe wewe abihakana.

Amerika ntitomora neza imigambi yayo mu kurungika ubwato burerura indege bugezweho kandi bunini kuruta ubundi bwose kw'isi hafi y'inkengera za Venezuela.

Ariko Caracas (ubutegetsi bwa Venezuela) isa n'iyamaze kwitegurira igitero.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Venezuela, Vladimir Padrino López, yatangaje ku wa kabiri ko "bazorungika mu gihugu cose ingabo nyinshi" zigwanira ku butaka, mu mazi, mu kirere, izikoresha vya muzinga, hamwe n'imirwi y'abasivire bahawe inyigisho za gisirikare mu gihugu cose, kugira ngo bazibire ivyo abona nk'akaga kageramiye reta ya Nicolás Maduro.

Padrino López yavuze kandi mu kiganiro yashikirije ku mboneshakure ko Maduro yategetse ko ingabo "hafi 200.000" zirungikwa muri ico gikorwa.

Irungikwa ry'ubwato "rutura bwa Amerika burerura indege bunini cane kuruta ubundi kw'isi" rifatwa nk'iyindi ntambwe ya gisirikare yo hejuru ya Perezida Donald Trump mu gikorwa co kurwanya abo afata ko bacuruza ibiyayuramutwe bakorera muri Venezuela, igikorwa kimaze kwicirwamwo abantu barenga 75 bari mu bwato bugendera hejuru y'amazi no mu munsi yayo.

Ariko rero, abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko bishobora kuba ari ubundi buryo bwo guca intege, canke mbere bwo gutembagaza Nicolás Maduro, mu gihe reta yiwe ifatwa ko itemewe n'amategeko na Washington inyuma y'uko abatavuga rumwe n'ubutegetsi n'amashirahamwe mpuzamakungu batangarije ko amatora rusangi yabaye mu mwaka uheze yaranzwemwo ubusuma.

None ubwo igisirikare ca Venezuela kirongowe na Nicolás Maduro kirashobora guhangana n'igisirikare rutura gikomeye kuruta ibindi vyose kw'isi?

'Igisirikare kitagifise inguvu'

Maduro yavuze mu kwezi kw'icenda ko abantu barenga imiriyoni umunani biyemeje kurwanira Venezuela, aca avuga ko ashobora gushinga umurwi w'abasivire bahawe inyigisho za gisirikare ungana n'ico gitigiri.

Abahinga bafise amakenga kuri ico gitigiri.

James Story, yahoze ajejwe ibibazo vya Venezuela mu buserukizi bwa Amerika i Bogotá kuva mu 2020 gushika mu 2023, yabwiye BBC Mundo igisata ca BBC gikoresha ururimi rw'iki-espagnol ati: "Ivyo si vyo. Igitigiri nyaco kiri munsi y'ico. Kandi ni igisirikare igifise urugero rwo hejuru cane rw'abatoroka.

Icegeranyo c'ikigo International Institute for Strategic Studies (IISS) kivuga ko Venezuela ifise abasirikare 123.000 bakiri mu mwuga, hakongerwako imirwi y'abasivire yahawe inyigisho za gisirikare 220.000 n'abasirikare 8.000 b'integabizoza.

Amahasa Carmen na María Santana, bari mu mugwi w'abasivire wa reta ya Venezuelabahawe inyigisho za gisirikare, bariko bariruka, bafise inkoho mu minwe, bari mu myimenyerezo y’igisirikare i La Guaira muri Venezuela, itariki 8 Gitugutu 2025.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kubera igisirikare kidafise inguvu, abahinga bavuga ko Nicolás Maduro na ba somambike biwe bariko bitegurira intambara ya kanyeshamba, ariko hari amakenga ku bijanye n'igitigiri c'abomushigikira
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Story yemeza yuko abasirikare ba Venezuela muri rusangi batagira imyimenyerezo canke ngo babungabunge ibikoresho vyabo, kandi ko benshi muri iyo mirwi y'abasivire bahawe inyigisho za gisirikare muri Venezuela batanafise ibirwanisho: "Hashobora kuba hariho imirwi imwe imwe ishoboye kurwana, ariko kuyifata nk'igisirikare c'intambara, nta ubuhinga buhagije ifise".

Avuga kandi ko igisirikare ca Venezuela "kidagifise inguvu nk'izo cari gifise kera", mugabo aremera ko gifise " ibikoresho bimwe bidasanzwe muri ako karere".

Naho igisirikare ca Amerika kiruta kure n'iyo igisirikare ca Venezuela, Caracas irafise ibikoresho vya gisirikare biteye imbere.

Hampande y'indege nka 20 za Sukhoi zaguzwe mu Burusiya mu 2006 n'uwahoze ari umukuru w'ico gihugu, Hugo Chávez, Venezuela yararonse indege zirenga cumi za Amerika zo mu bwoko bwa F-16 mu myaka ya 1980, igihe Caracas yari ikiri somambike wa Washington.

Story avuga ati: "Indege za Sukhoi ziraruta izindi zose zo muri ako karere kandi zimwe ziracakora. Mu ndege za F-16, mbona ko hoba hasigaye nk'imwe canke zibiri zigikora".

Ibisasu vya muzinga birasa indege, hamwe n'ama-drone

Mu gihe hari icuka kibi hagati ya Venezuela na Amerika, Maduro yemeje mu mpera z'ukwezi kw'icumi ko yarungitse ibisasu 5.000 vya muzinga birasa indege vyitwa Igla-S vyakorewe mu Burusiya ku "birindiro bikomeye vyo kwivuna ibitero vyo mu kirere".

Mu kiganiro caciye ku mboneshakure ikibiriraho , Maduro yongeye ati: "Ibisirikare vyose vyo kw'isi birazi ubukomezi bwa Igla-S".

Umwe mu bari mu mirwi y'abasivire bahawe inyigisho za gisirikare afise igisasu co mu Burusiya citwa "Igla-S" (SA-18) mu gihe c'imyiyerekano yo kwiyamiriza ibikorwa vya gisirikare vya Amerika muri Caraïbes, i Caracas, itariki 30 z'ukwezi kw'icumi mu 2025

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwe mu bari mu mirwi y'abasivire bahawe inyigisho za gisirikare afise igisasu co mu Burusiya citwa "Igla-S" (SA-18) mu gihe c'imyiyerekano yo kwiyamiriza ibikorwa vya gisirikare vya Amerika muri Caraïbes, i Caracas, itariki 30 z'ukwezi kw'icumi mu 2025

Ibisasu vya Igla-S bifasha kwivuna ibitero vyo mu kirere bishobora kurasa indege zigurukira hafi no kwivuna ibitero vy'ibisasu vya misire, indege zitajamwo abadereva (drone) hamwe na za kajugujugu.

Venezuela nayo ifise imodoka zo mu bwoko bwa VN-4 zitamenwa n'amasasu asanzwe zihingurirwa mu Bushinwa, kandi mu myaka iheze, ni co gihugu conyene co mu karere ka Amerika y'ubumanuko gifise amadrone ya gisirikare ashobora gukora ibitero, amadrone Nicolás Maduro yerekanye mw'ikarashishi mu 2022.

Indege zitwa Antonio José de Sucre 100 na 200 (ANSU-100 et 200) ni amadrone yahinguwe na Venezuela yisunze amadrone ya none yo muri Irani.

Venezuela kandi yarahawe na Irani ubwato buto bw'intambara bunyaruka cane bwo mu bwoko bwa Peykaap-III, bufise vya muzinga birasa ibisasu vya misire ku bundi bwato.

Hejuru y'ibi, hiyongerako n'ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Pantsir-S1 na Buk-M2E biherutse gutwarwa i Caracas mu ndege za Il-76, nk'uko bivugwa n'umushingamateka w'Uburusiya Alexei Zhuravlev, icegera ca mbere c'umurwi w'inama nshingamateka ujejwe ibibazo vyo kwivuna abansi.

Ariko vyinshi muri ivyo birwanisho biriho gusa kw'izina, nk'uko bivugwa na Andrei Serbin Pont, umuhinga mpuzamakungu mu bijanye na poritike yo hanze n'ukwivuna abansi, akaba n'umukuru w'ishirahamwe ry'ubushakashatsi mu vy'ubutunzi n'imibano mu karere (CRIES).

Mu kiganiro yagiranye na BBC Mundo, yavuze ati: "Hariho itandukaniro rinini cane hagati y'ibirwanisho Venezuela ifise hamwe n'ibigikora mu vy'ukuri".

Ubuhinga 'bworoshe' gusambura

Mu gihe hari amakuru yerekana y'uko mu vyotuma ibintu bishobora kwunyuka harimwo n'ibitero bitaziguye hagati muri Venezuela, ubu buhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere bw'iki gihugu co muri Amerika y'ubumanuko bwatumye bagira inyota yo kubumenya.

Ariko Andrei Serbin Pont avuga y'uko igice kinini c'ubu buhinga kitagikora, canke bushobora "gusamburwa bitagoranye" hakoreshejwe ubuhinga bwa Amerika, nk'ubuhinga bw'ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Pechora vyo mu Burusiya, ubuhinga bwo mu myaka ya 1960.

Ikamyo y'ingabo za Venezuela itwaye ibisasu vya muzinga vyakorewe mu Burusiya iri mw'ikarashishi ku musi mukuru y'ukwikukira wabereye i Caracas kw'itariki 5 z'ukwezi kw'indwi mu 2025

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ikamyo y'ingabo za Venezuela itwaye ibisasu vya muzinga vyakorewe mu Burusiya iri mw'ikarashishi ku musi mukuru y'ukwikukira wabereye i Caracas kw'itariki 5 z'ukwezi kw'indwi mu 2025

Venezuela na yo irafise ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Buk, bizungurutse umugwa mukuru Caracas, kandi birakomeye cane, ariko Amerika nta kibazo kinini yogira co kubisambura, nk'uko Serbin Pont abivuga.

Yongerako ati: "Ikindi kandi, ntibikunze kuboneka cane kubera ikena ry'ivyuma vyo gusubiriza ibishaje".

Ku bijanye n'ibisasu vya misire 5.000 vya Igla-S Maduro yahayagije mu mpera za Gitugutu (10), Serbin Pont aremeza ko iki gitigiri ari co.

"Ariko afise ibikoho vya muzinga nka 700 bishobora kurasa ibisasu vya Igla-S, igitigiri atari kibi kandi cotera impungenge, kuko mu gihe vyoba biri mu maboko y'imigwi y'abagwanyi ya reta, bishobora guteza akaga cane, atari gusa ku bikorwa vya gisirikare vya Amerika, ariko no mu bikorwa vya gisivire canke kuri kajugujugu iy'ari yo yose canke indege yoba igendera hafi".

'Ingwano idahera'

Nk'uko bivugwa na Pont, imikenyuro ya reta ya Maduro ubu ni ukwerekana ko mu gihe hoba igitero ca Amerika, ivyo birwanisho vyose bishobora guca binyanyagizwa mu banyagihugu.

Hari abafise impungenge ko bishobora kwisanga mu minwe y'imigwi y'inyeshamba nk'akarorero uwuzwi nka Armée de libération nationale (ELN) canke nk'abasirikare biyonkoye ku gisirikare ca Colombia (FARC) ubu bakorera muri Venezuela.

Intumbero y'uno mukenyuro yoba ari ugukangisha guteza intureka canke umutekano muke muri Venezuela ku butegetsi bwose buzokurikira muri kazoza.

Benshi mu bihweza ibintu n'ibindi bemera ko Maduro n'abamwegereye bariko bitegurira guteza intambara ya kanyeshamba (guerilla).

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu wa Venezuela, Diosdado Cabello, yagabishije muri Nyakanga (9) ko igihugu ciwe citeguriye "intambara y'igihe kirekire".

Inyuma y'aho gato, reta ya Maduro yategetse ingabo z'igihugu (FANB) kwigisha abantu b'amikoro make gukoresha inkoho.

James Story ntabona ko abanya Venezuela bashobora kuja inyuma ya Maduro muri uwo mugambi, akavuga ati: "Maduro si umuntu akunzwe cane, haba mu gisirikare canke mu banyagihugu ba Venezuela, ni co gituma ntabona ko abantu bazomukurikira canke ngo bamushigikire mu ntambara ya kanyeshamba".

Yongerako ati: "Nta n'amajwi miliyoni 4 yaronse mu matora aheruka!"

Nk'uko bivugwa n'umurwi w'igihugu ujejwe gutegura, Nicolás Maduro yaronse amajwi agera ku miriyoni 6.4, igitigiri ciyamirizwa n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi hamwe n'amashirahamwe menshi mpuzamakungu.

None Venezuela yiteguriye gute intambara?

Naho reta ya Venezuela iguma yihagararako mu majambo yo kuryosharyosha n'imvugo yo kurwanya Amerika, umuhinga Andrei Serbin Pont yemeza ko ingabo zayo zititeguriye intambara.

Asigura ko ingabo za reta (FANB) zagiye mu ngwano mu myaka 25 iheze zishingiye ku ciyumviro c'igisirikare c"ugushira intambara mu mice", zishingiye ku ciyumviro c'uko intambara izogenda irahinduka buhoro buhoro ikaja mu mice ishobora kugenzura.

Ubwa mbere, hoba igice c'intureka mu gihugu hagati, zoterwa n'ukwivanga kw'igihugu co hanze, hanyuma haze igice ca kabiri kirimwo igihugu kibanyi, ibi bikaba vyotuma haba "indyane hagati y'ibihugu bibanyi", ibi na vyo bikaba bishobora gutuma Amerika ivyinjiramwo.

Serbin Pont avuga ati: "Iki cotuma haba igice ca kane c'intambara ndende yo kwivuna, aho ingabo zavuye mu gisirikare n'iyindi mirwi y'abanyagihugu bogumana ibirwanisho vyabo hanyuma bakivangatiranya n'abanyagihugu kugira ngo bahangane na Amerika yoba yigaruriye igihugu cabo".

Yabandanije ati: "Mu ntambara yoyihuza n'igihugu kibanyi, nka Colombia cane Brezil, ibirwanisho Venezuela isanzwe itunze vyoba kirumara cane".

Ariko ashimangira ko ibi birwanisho atari ikibazo gikomeye kuri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.