'Amerika itegura intambara' - Maduro wa Venezuela, inyuma yo kurungika ubwato bw'intambara bwa mbere bunini kw'isi

Nicolás Maduro (i bubamfu) yambaye ikoti yirabura n'ishati yera hamwe n'ikaruvati itukura, ahagararanye na na Donald Trump (i buryo) wa Amerika yambaye ikoti iyabura n'ishati yera n'ikaruvati itukura, inyuma yabo hari ubwato bw'intambara buri mu mazi, hejuru yabo hari indege y'intambara
Insiguro y'isanamu, Nicolás Maduro (i bubamfu) wa Venezuela na Donald Trump (i buryo) wa Amerika basanzwe barabana nk'imbwa n'akagomba kuva kera
    • Umwanditsi, Kayla Epstein
    • Umwanditsi, Josh Cheetham
    • Igikorwa, BBC Verify

Perezida Nicolás Maduro wa Venezuela yagiriza Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko "ziriko ziremarema intambara", inyuma y'uko zirungitse ubwato bw'intambara bwa mbere bunini kw'isi mu karere ka Karayibe (Caraïbes/Caribbean).

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika Pete Hegseth yategetse ubwato USS Gerald R Ford bwikorera indege z'intambara, iyi ikaba ishobora kwikorera indege 90, kuva mu Kiyaga Mediterane nijoro ku wa gatanu.

Maduro yabwiye ibinyamakuru vya reta ati: "Bariko bararemarema intambara nshasha itazohera. Biyemeje ko batazosubira kwinjira mu ntambara, none bariko baremarema intambara".

Amerika yarongereje ibikorwa vya gisirikare mu karere Karayibe, mu kurungika amato y'intambara, ubwato bukoresha inguvu za nikleyeri hamwe n'indege y'intambara yo mu bwoko bwa F-35 mu vyo ivuga ko ari isekeza ryo guhiga abagurisha ibiyayuramutwe.

Imaze kandi gukora ibitero vyo mu kirere cumi ku mato mato mato ivuga ko ari ay'abakora magendo, harimwo na kimwe cakozwe ejo ku wa gatanu igihe Hegseth yavuga ko "abagabo batandatu bakora iterabwoba rishingiye ku biyayuramutwe" bishwe.

Iki gitero cabaye mu Kiyaga ca Karayibe, ku bwato Hegseth yavuze ko bwegukira umuhari w'inkozi z'ikibi uzwi nka Tren de Aragua.

Ibi bitero biriyamirizwa n'ibihugu vy'akarere ka Karayibe mbere n'abahinga baribaza nimba bidahonyanga amategeko.

Intwaro ya Trump ivuga ko iri mu ntambara yo kurwanya magendo y'ibiyayuramutwe, ariko iragirizwa n'abahinga hamwe na bamwe mu bashingamateka n'abakenguzamateka ko ari mw'isekeza ryo gutera ubwoba kugira ngo aburabuze reta ya Maduro.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Maduro ni umwansi wa Trump kuva kera, mbere uyu mukuru w'igihugu ca Amerika amwagiriza ko arongoye umuhari ukora magendo y'ibiyayuramutwe, ivyo yamirira kure.

Dr Christopher Sabatini, umushakashatsi ku kigo c'abahinga Chatham House co muri Amerika y'ubumanuko, yabwiye BBC ati: "Iyi ni inzira yo kurondera gusenyura ubutegetsi. Kumbure barashobora kudakora igitero, bizeye ko iki ari ikimenyetso".

Ku bwiwe, iki gikorwa co kwongereza ingabo n'ibikoresho vy'intambara muri ako karere gifise intego yo "gutera ubwoba" mu gisirikare ca Venezuela n'akarwi kegereye Perezida Maduro kugira ngo bikunde bamwikureko.

Mw'itangazo rya nijoro ku wa gatanu, Pentagon (ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika) yavuze ko ubwato bw'intambara USS Gerald R Ford buzokwimurirwa mu karere k'ubumanuko igisirikare ca Amerika gikoreramwo, aka nako kakaba karimwo Amerika yo Hagati na Amerika y'Epfo, hamwe kandi n'akarere ka Karayibe.

Izi ngabo z'inyongera n'ibikoresho vya gisirikare vy'inyongera "bizotsimbataza binongereze ubushobozi bwo gutuza magendo y'ibiyayuramutwe binasambure imirwi y'inkozi z'ikibi njabukambibe", nk'uko umuvugizi wa Pentagona Sean Parnell abivuga.

Irungikwa ry'ubu bwato bwa mbere bunini kw'isi bwikorera indege z'intambara muri ako karere bushobora gutanga uburyo nkenerwa bwo gukora ibitero ku bibanza vyo ku butaka. Trump ntahengeshanya ko ashobora gukora ico yita "igikorwa co ku butaka" muri Venezuela.

Mu ntango z'ino ndwi, yagize ati: "Ubu duhanze amaso ubutaka, kuko inyanja yoyo tuyifise mu minwe".

Ibi bibaye mu gihe imboneshakure CNN yo muri Amerika ivuga ko Trump ariko arihweza ingene yokora ibitero ku bigo vy'ikiyayuramutwe ca kokayine (cocaine) hamwe n'inzira za magendo y'ibiyayuramutwe hagati muri Venezuela, ariko gusa ntarafata ingingo ntabanduka.

Ubu bwato buheruka kumenyesha aho buherereye imisi itatu iheze igihe bwari ku nkengera ya Croatia, mu kiyaga ca Adriatic.

Irungikwa ryabwo ryerekana ingene Amerika yongereje inguvu zayo za gisirikare mu karere. Bishobora gutuma kandi icuka kibi ciyongera hagati ya Amerika na Venezuela, igihugu Reta ya Washington imaze igihe kinini yagiriza ko gitunze kigakingira abacuruza ibiyayuramutwe.

Ubu bwato burebure bushobora kwikorera indege nyinshi zirimwo iz'intambara n'izo kwunguruza ingabo n'ibikoresho hamwe n'izikoreshwa nka maneko. Bwatanguye kurungikwa kure cane mu 2023.

Ntibiratomoka amato azobuherekeza mu gihe buzoba buri muri ako karere, ariko bushobora kuba buzokorana n'ayandi mato, harimwo ay'intambara yikorera ibisasu vya misire n'ibindi bikoresho.

Muri izi ndwi ziheze, Amerika imaze gukora ibitero bitari bike ku mato mato mato, mu co Perezida Donald Trump avuga ko ari akigoro ku gutuza magendo y'ibiyayuramutwe.

Amerika ivuga ko yasambuye ubwato bwariko bukora magendo y'ibiyayuramutwe ejo ku wa gatanu

Ahavuye isanamu, Pete Hegseth on X

Insiguro y'isanamu, Amerika ivuga ko yasambuye ubwato bwariko bukora magendo y'ibiyayuramutwe ejo ku wa gatanu

Igitero ca nijoro ku wa gatanu cabaye ic'icumi gikozwe n'ubutegetsi bwa Trump ku bo bwita abakora magendo y'ibiyayuramutwe kuva mu ntango za Nyakanga (9). Vyinshi muri vyo vyabaye ku nkengera za Amerika y'Epfo, mu karere ka Karayibe, ariko ku wa 21 na 22 Gitugutu (10), yarakoze ibitero mw'ibahari Pasifike.

Bamwe mu bashingamateka n'abakenguzamateka, ku mpande zompi z'Abademokarate n'Abarepubulikani, barerekana impungenge zabo mu kwibaza nimba ibi bitero bikurikije amategeko, hamwe no ku bubasha bw'umukuru w'igihugu mu kurekura ibi bitero.

Ku wa 10 Nyakanga, abakenguzamateka 25 b'Abademokarate barandikiye Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika), aho bavuze ko ubutegetsi bwateye ubwato imisi mike imbere y'aho "ata cemeza ko abari muri ubu bwato bari bateje ibibazo Reta Zunze Ubumwe za Amerika".

Umukenguzamateka Rand Paul wo muri Kentucky, aka ari Umurepubulikani, avuga ko ibitero nk'ibi bitegerezwa gutangirwa uruhusha n'inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Trump avuga ko afise uburenganzira bwo kurekura ibi bitero, akavuga ko Tren de Aragua ari umuhari w'iterabwoba.

Ku wa gatatu, Trump yabwiye abanyamakuru bakorera muri Maison Blanche ati: "Turarekuriwe kubikora, kandi ni hagera ko dukora (ivyo) ku butaka, dushobora kuzosubira mu nama nshingamateka na nkenguzamateka".

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio yongerako ko "nimba abantu bashaka kudasubira kubona amato y'ibiyayuramutwe aturitswa, hagarike kurungika ibiyayuramutwe muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ".

Igitigiri c'abantu batandatu bapfiriye muri iki gitero catangajwe na Hegseth nijoro ku wa gatanu catumye abantu bose bamaze kwicirwa muri ibi bitero vya Amerika bagera kuri 43 nibura.

Brian Finucane, yahoze ari umunyamategeko mu bushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire, yabwiye BBC ko ibintu vyabaye ikibazo kw'ibwirizwa shingiro, kandi ko Inama Nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika, ubu zigenzurwa n'Abarepublikani, zitagaragaza ko ziteguye guhangana na Trump kuri ico kibazo.

Finucane, ubu akora mw'ishirahamwe International Crisis Group, agira ati: "Amerika iri mu ngorane zishingiye ku Ngingo ya mbere. Ni Inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika zifise ububasha bwo kugenzura ikoreshwa ry'inguvu za gisirikare. Ubwo bubasha bwatwawe na Maison Blanche, rero ni aho Inama nshingamateka na nkenguzamateka guhaguruka".

Ikarata yerekana ibirindiro cumi vy'amato y'intambara ya Amerika kuri Karayibe