Amerika yemereye imiriyoni 25 z'amadorari uwuzofasha mw'ihagarikwa rya Perezida Maduro wa Venezuela

Perezida Nicolas Maduro wa Venezuela

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Malu Cursino
    • Igikorwa, BBC News
    • Umwanditsi, Ione Wells
    • Igikorwa, South America correspondent

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko zemeye guha agashirukabute k'imiriyoni 25 z'amadorari y'Abanyamerika umuntu azotanga amakuru yofasha ihagarikwa rya Perezid Nicolás Maduro wa Venezuela, ku musi yarahirira ikiringo kigira gatatu c'iyindi myaka itandatu.

Ibirori vyo kurahira vyabaye ejo ku wa gatanu vyabaye amakungu n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bavumagura.

Abandi bemerewe udushirukabute ni abazotanga amakuru yofasha guhagarika cake kurengutsa umushikiranganji w'intwaro yo hagati Diosdado Cabello.

Eka n'uwuzofasha mw'ihagarikwa ry'umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi Vladimir Padrino na we nyene yemerewe agashirukabute k'imiriyoni zishika 15 z'amadorari y'abanyamerika.

Ubu bushirukabute Amerika yemereye abazofasha mw'ihagarikwa ry'aba bategetsi ba Venezuela bukurikiye ibihano Ubwongereza bwafatiye abategetsi bo hejuru 15 ba Venezuela, harimwo abacamanza, abari mu nzego z'umutekano hamwe no mu gisirikare.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw'Ubwongereza buvuga ko Venezuela yafatiwe ibi bihano kubera ihonyangwa "rya demokarasi, intwaro ishingiye ku mategeko n'agateka ka muntu".

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire David Lammy abadanya avuga ko intwaro ya Maduro ari iy' "ubusuma".

Ubumwe bwa Bulaya na bwo nyene bwavuze ejo ku wa gatanu ko bwongereje ibihano bwafatiye Venezuela "kubera ata ntambwe yigera itera …mu vyotuma demokarasi n'intwaro ishingiye ku mategeko bisubira gufata ikibanza". Uno muryango wafatiye ibihano abandi bategetsi 15 b'ico gihugu.

Eka na Canada yarafashe ibihano bishasha kubera ivyo umushikiranganji w'imigendranire wayo Mélanie Joly avuga ko ari "ibikorwa biteye isoni".

Joly avuga ko Canada itazokwihanganira itituka ry'intwaro rusangi canke agahahazo ku banyagihugu barondera guharanira uburenganzira bwabo.

Maduro na reta yiwe babandanya biyamiriza ibi birego bitangwa n'ibihugu vy'uburengero hamwe n'abategetsi batavuga rumwe na reta.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Amerika ivuga ko yafashe iyi ngingo yo gutanga utu dushirukabute kubera ibirego vyo kuva mu 2020 bijanye n'ibiyayuramutwe hamwe na ruswa.

Mu 2020, Amerika yagirije Maduro n'abandi bategetsi bo hejuru muri ico gihugu "iterabwoba hakoreshejwe ibiyayuramutwe".

Yabagirije irungikwa rya kokayine (cocaine) muri Amerika no gukoresha ibiyayuramutwe mu ntumbero yo guhungabanya ubuzima bw'Abanyamerika. Maduro ariyamiriza ibi birego.

Amerika kandi yasubijeho ibihano ku gitoro mu mwaka uheze, inyuma yo kubitezura mu kiringo gito yizigiye ko kumbure Maduro na we, mu gushima, yari gushobora gutegura amatora meza kandi yokorwa mu bwigenge..

Uno mukuru w'igihugu ca Venezuela yegeka isenyuka ry'ubutunzi bw'igihugu ciwe ku bihano cafatiwe n'amakungu arongowe na Amerika, akavuga ko biteye kubiri n'amategeko kandi ko ari ivy'agacinyizo.

Ejo ku wa gatanu, niho Maduro yarahira, aho mw'ijambo ryiwe yemereye abanyagihugu ko ikiringo ciwe kigira gatatu arahiriye kizoba "ikiringo c'amahoro, iterambere, uburinganire, na demokarasi nshasha".

Ivyo birori vyo kurahira ubwavyo cari ikintu gicungerewe bikomeye. Ibinyamakuru bisanzwe birekuriwe gukorera mu gihugu hafi vyose ntivyemerewe kwinjira ahabera ibi birori kandi n'abanyamakuru mvamakungu ntibari bemerewe guhonyoza ikirenge muri Venezuela.

Maduro abandanya ataramurwa ku rubuga mpuzamakungu, ubu akaba asigaranye incuti ziri ku rushi, harimwo Irani, Ubushinwa n'Uburusiya.

Abakuru b'ibihugu vya Cuba na Nicaragua ni bo bategetsi bonyene bari muri ibi birori.

Uno mukuru w'igihugu w'imyaka 62 ubu yatangajwe ko yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu yabaye muri Mukakaro umwaka uheze muri ico gihugu, ariko abatavuga rumwe na reta n'ibihugu bitari bike kw'isi harimwo Amerika, Brezili na Colombia, bariyamirije ivyatangajwe ko vyayavuyemwo, baca bemeza ko umukandida atavuga rumwe n'ubutegetsi, Edmundo González, ari we yemewe nk'umukuru w'igihugu yatowe.

González yarahunze Venezuela muri Nyakanga (9) akaba yari amaze igihe ari muri Espagne, ariko muri uku kwezi yatanguye kuzunguruza ibihugu vyo ku mugabane wa Amerika, mu ntumbero yo kurondera ko amakungu yomufata mu mugongo.

Reta ya Maduro yarasohoye umutahe wo kumuhagarika, inemerera amadorari 100.000 umuntu yotanga amakuru yofasha ihagarikwa ryiwe.

Ejo ku wa gatanu, umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres yateye akamo ko abo bose "bafunzwe ataco bazira" kuva amatora abaye barekurwa.

Vanessa Silva ari i Caracas muri Venezuela yaterereye muri iyi nkuru.