Prezida w'imfatakibanza wa Venezuela yirukanye jenerali yari ashinzwe umutekano wa Maduro

Ahavuye isanamu, REDI
- Umwanditsi, Vanessa Buschschlüter
- Igikorwa, Latin America online editor
Jenerali yari arongoye igisirikire kirinda umukuru w'igihugu ca Venezuela, Javier Marcano Tábata, yarirukanywe ku mirimo yiwe haciye imisi mikeyi Prezida Nicolás Maduro afashwe n'ingabo za Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu gitero cagiriwe i Caracas, hanyuma ajanwa i New York kugira aburanishwe ku vyaha vyo gucuruza ibiyayuramutwe.
Igisirikare c'itwa "Honour Guard" ni co gifasha mu kurinda umukuru w'igihugu kikamuha n'abamugendanira .
Naho reta ya Venezuela itarashira ahabona ibiharuro vy'abapfiriye n'ivyononekariye muri ico gitero c'abakomando ba Amerika, bikekwa ko bamwe mu basirikare b'ico gisirikare bishwe mu gitero co gufata Maduro.
Itegeko ryo gusubiriza Gen Marcano Tábata ryatanzwe n'umukuru w'igihugu mushasha w'imfatakibanza, Delcy Rodríguez.
Rodríguez yarahiye ku musi wa mbere, arahizwa n'Inama Nshingamateka yiganjemwo n'abashigikiye leta ya Maduro.
Yari icegera ca Maduro kuva mu 2018, kandi afatwa nk'umufasha wiwe wa hafi cane, n'aho ubu Maduro ari mu mvuto.
Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yavuze mu kiganiro n'abamenyeshamakuru cakurikiye ifatwa rya Maduro ko Amerika izoza "gutwara" Venezuela, anavuga kandi ko bariko baraganira na Rodríguez.
Yanaburiye Rodríguez ko azohura "n'ingaruka ziruta izo Maduro yabonye" ni atakora ibisabwa na Amerika, harimwo n'ibijanye na peteroli.
Venezuela ifise ububiko bwa peteroli bushika kuri 20% vya peteroli idatunganyije iri kw'isi.
Ku wa kabiri, perezida wa Amerika yavuze ko Venezuela izofasha Amerika kuronka utugunguru twa petroli dushika ku miliyoni 50, ariko reta y'imfatakibanza ya Venezuela ntiragira ico ivuze kuri ayo majambo.
Ijwi rya Rodríguez ryagiye rirahinduka maze rija hagati yo kwanka n'ukwemera kuganira kuva abaye umukuru w'igihugu w'imfatakibanza abigizwe na sentare ntahinyuzwa ya Venezuela.
Yaneguye ifatwa rya Maduro aryita "kunyuruza bidaciye mu mategeko", ariko yanavuze ko reta yiwe yari "yaratumiye leta ya Amerika ngo bakorane mu migambi y'iterambere".
Ibikorwa vyiwe biriko birakurikiranwa cane haba hagati mu gihugu canke hanze yaco, kugira hamenyekane inzira azofata mu kurongora igihugu hamwe n'ibimenyetso vyose vyokwerekana amatati canke ukutumvikana muri reta yiwe.
Iyirukanwa rya Gen Marcano Tábata ni rimwe mu mpinduka za mbere zakozwe ku bategetsi bakuru bari no mu bo bari basanzwe bakorana na .
Uretse kuba yari ashinzwe igisirikare kirinda umukuru w'igihugu, Gen Marcano Tábata , yaranarongoye ishami rya gisirikare rijejwe iperereza no kugenzura abasirikare, rizwi nka DGCIM.
Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rivuga ko DGCIM ryagize uruhara runini mu kunyuruza no guhohotera abantu batemera ubutegetsi bwa Maduro.
Abahinga bigenga batumwe na ONU gutohoza ukuri , basanze iryo shami DGCIM ryarakoze ivyaha vyinshi bihungabanya agateka ka zina muntu kuva mu 2013.
Ryaravuze kandi ibijanye n'imanza nyinshi aho abafashwe " bakorerwa ihohoterwa ry'iyica rubozo, ihohotera rifatiye ku gitsina canke ibindi bikorwa vy'ubugome, n'ibindi bisuzugura ikiremwa muntu" ku cicaro gikuru ca DGCIM no muyandi mabohero y'ibanga ari hirya no hino murico gihugu.
Ariko, iyirukanwa ryiwe ntiriboneka ko rifitaniye isano n'ayo matohoza yabaye kuri DGCIM mu gihe yari ayirongoye kuko umuntu yashizeho ngo amusubirire nawe nyene yahora atwara ishami ry'iperereza ryagiye riragirizwa ivyaha nk'ivyo nyene.
Gustavo González López ni we yashizweho ngo asubirire Gen Marcano Tábata, kandi yamaze imyaka myinshi atwara ishami rijejwe iperereza rya Reta ya Venezuela rizwi nka "Sebin".
Sebin ni yo igenzura ibohero ryamamaye cane rya "Helicoide" riri ku murwa mukuru wa Caracas, aho ONU yanditse ko hakorerwa uguhohotera "abanyapolitike bari mu batavuga rumwe n'ubutegetsi, abamenyeshamakuru, abiyerekana n'abaharanira agateka ka zina muntu".
Abasesenguzi ba politike ba Venezuela bavuga ko kwirukanwa kwa Gen Marcano Tábata bishobora kuba bifitaniye isano nuko igisirikare c'umukuru w'igihugu cananiwe gukingira no kubuza ifatwa rya Maduro.
Cuba, igihugu kiri mu bafatanyabikorwa ba hafi ba Venezuela, kandi kimaze igihe kirekire gitanga imfashanyo mu bijanye n'umutekano n'iperereza kuri Maduro, cavuze ko abanyagihugu baco 32 biciwe muri ca gikorwa cagizwe n'ingabo za Amerika.
Benshi muri bo bivugwa ko bari basanzwe bakora mu gisirikare gicungera umukuru w'igihugu.
Igisirikare ca Venezuela cavuze ko abasirikare baco 23, harimwo naba jenerali batanu, bahitanywe n'ibitero vy'ingabo za Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Bamwe mu bashigikiye leta bavuze ko biyumvisemwo agasuzuguro gakomeye kubera ingene ingabo za Amerika zashoboye gutsinda mu gihe gito cane ukwikingira kwa Venezuela bongera baranatsinda abakingira Maduro, bagafata umukuru w'igihugu, hanyuma akajanwa yambitswe impuzu z'ibohero, amaboko aboshwe, yongera yerekanwa ku makamera.
Gusubiriza Gen Marcano Tábata bishobora kuba ari umugambi w'umukuru w'igihugu w'imfatakibanza wo kwikikuza abantu yizigira mu gihe yugarijwe n'iterabwoba ry'uko Amerika ishobora kugira ikindi gitero.
Ku wa gatandatu, Donald Trump yavuze ko ingabo za Amerika zari ziteguye gukora igitero ca kabiri, ariko hafatwa ingingo ko kidakenewe.
Ariko yagumye yumvikana kenshi asubiramwo ko kutubahiriza ico Amerika isaba vyotuma Rodríguez "ariha igiciro kinini cane".
Rodríguez si we wenyene muri reta y'imfatakibanza yoba aronderwa nico gitero ca kabiri.
Umushikiranganji w'umutekano, Diosdado Cabello, umwe mu bategetsi bakomeye cane, yabwiwe n'ubutegetsi bwa Trump ko akwiye kwumviriza kandi akisunga ivyifuzo vya Amerika, nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru Reuters gikoresheje amamasoko atashatse kwivuga, ariko avuga ko azi neza ivy'ico kibazo.
Amerika imaze igihe kirekire yagiriza Cabello kugira uruhara mu "mugambi wo kudandaza ibiyayuramutwe", ivuga ko yafasha abarwanyi b'aba-gauche kurungika kokayine muri Amerika.
Mu kwezi kwa mbere, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zongereje amafaranga ku muntu yotanga amakuru yotuma afatwa maze ziyashikana ku miriyoni 25 z'amadolari.










