Kenya: Igiciro c'ibitoro cadugijwe ku rugero rutigeze rubaho mbere

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kenya yatangaje iduga rikomeye kurusha irindi ryose ryabayeho mbere ku biciro vy’igitoro, bikaba bishobora kugira ingaruka ku bihugu bibanyi, bikeneye cane ibitoro biva mu karere.
Kuva saa sita z'ijoro ryakeye, litiro imwe ya 'diesel' canke mazutu yazamutseko amashiligi ya Kenya 40.3 (hafi 932Fbu canke 452Frw) igura 206Ksh
Naho litiro imwe ya 'essence' izamukaho hafi amashilingi 28 itangura kugura nayo nyene 206Ksh.
Iri duga rifitaniye isano n’intambara iri mu Burasirazuba bwo Hagati, cane cane irimwo Iran, Amerika na Israel.
Umuhora wa Hormuz, usanzwe ucamwo ibitoro vyinshi kw’isi (hafi ibice 20%), urugawe, bigatuma ibiciro vy’ibitoro vyiyongera kw’isi yose co kimwe n’amafaranga yo kubitwara.
EPRA ivuga ko igiciro co kuzana amazutu muri ico gihugu ciyongereye cane gushika ku 1,073 c’amadolari kuri metero kwadarato y’ibitoro, mu gihe kuzana “essence” bigeze ku madolari 823.87.
Kenya izamuye ibiciro vy'igitoro nyuma y'iduga ryo hejuru cane ry'ibi biciro muri Tanzania no mu Rwanda n'ahandi mu karere.
Hashize iminsi muri Kenya hibonekeza ibura ry'igitoro aho 'station' zaco zishika 20% zagiye zivuga ko ataco zifise.
Iri duga ry’ibiciro vy’ibitoro rishobora gutuma ubuzima burushiriza kuzimba no mu bihugu vyo mu karere kuko hari abadandaza bava muri ivyo bihugu baja kurangura ibicuruzwa muri Kenya.
Izindi nkuru wosoma :




