Urwanda rwakiriye aba mbere mu bimukira birukanywe na Amerika

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Urwanda rwakiriye abantu indwi ba mbere bahinzwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu gushira mu ngiro amasezerano bumvikanye n'ico gihugu.
Mu ntango z'uku kwezi kwa myandagaro (8) niho vyamenyekana ko Urwanda rwumvikanye na Washington 'kwakira abimukira 250' Amerika ishaka kwirukana
Reta ya perezida Donald Trump isanzwe imaze igihe iriko iravugana n'ibihugu bitari bike kugira vyemere kwakira abo yirukanye ivuga ko biba bikenewe iyo ibihugu baturukamwo vyanse kubakira.
Umuvugizi wa reta y'Urwanda, Yolande Makolo yavuze ko muri abo indwi, bane bonyene ari bo bazoguma mu ico gihugu, mu gihe abandi batatu bo bahisemwo kuzoca basubira mu gihugu c'amamuko yabo.
Iyo abo bantu baturuka ntihamenyeshejwe.
Ibindi bihugu bimaze kwemera kwakira abimukira birukanywe na Amerika birimwo Uganda na Honduras.
Ubushikiranganji bwa Uganda bujejwe imigenderanire ku ndwi iheze niho bwemeza ko ayo masezerano yashitsweko nk'uko umunyamabanga ntayegayezwa wa bwo, Bagiire Vincent Waiswa, yavyanditse mw'itangazo kuri X (yahoze ari Twitter).
Iryo tangazo rivuga ko Uganda yemeye kwakira abimukira birukanywe mu gihe ata kahise k'ivyaha baba bafise, batari kumwe n'abatarakwiza imyaka y'abakuze kandi baturuka mu bihugu vya Afrika gusa.
Abo ba mbere bakiriwe n'Urwanda nta kiramenyekana ku myirondoro yabo yerekeye ivyo.
Gusa kimwe mu bisabwa muri ayo masezerano Urwanda rwagiranye na Amerika ni uko ruzoba rufise ''ububasha bwo kwemerera canke kwankira umwe umwe mu bazoba bari ku rutonde rw'abirukanwa'', nk'uko umuvugizi wa reta yabibwiye BBC.
Amasezerano ya Amerika n'u Rwanda avugwa ubu arashusha n'ayo Urwanda rwari rwagiranye n'Ubwongereza ariko mu nyuma ahagarikwa n'ubutegetsi bushasha bwatowe muri ico gihugu mu 2024.
Ayo masezerano yari yariyamirijwe n'amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu avuga ko Urwanda ari igihugu gihonyanga ubwo burenganzira.
Ibindi bihugu bimaze kwakira abirukanywe ni Eswatini (cahoze kizwi nka Swaziland) hamwe na Sudani y'Epfo.
Muri Eswatini ico kibazo kirateye impari kuko hari abiyamiriza kuba reta yaco yemeye kwakira abantu bari basanzwe ari abanyavyaha.
Ishirahamwe riharanira demokarasi, Swazi Solidarity Network, ryavuze ko ari ibintu bibabaje.
Umuvugizi waryo Lucky Lukhele yabwiye BBC ko Eswatini idakwiye kuba ikuburiro ry'abanyavyaha, kandi ko abanyagihugu bategerezwa gukingirwa.
Iyo nkuru yateye umutima uhagaze mu bantu bibaza niba amabohero y'ico gihugu afise ubushobozi bwo kwakira abantu nkabo ku buryo ata mpungenge vyotera ku mutekano.
Benin, Angola, Guinee Equatoriale, na Moldavie navyo biramaze kuvugwa mu binyamakuru mu bihugu bishobora kurungikwamwo abimukira birukanywe muri Amerika.
ONU n'amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu asanzwe anegura ukwirukana abimukira bakarungikwa mu bihugu badaturukamwo na cane cane ibifise ivyo binegurwa muri ico gisata.
Urwanda narwo nyene ruhora runegurwa ku bijanye n'uburenganzira bwa zina muntu, kandi hari n'amakenga ko abarungitswe muri ico gihugu bashobora kwongera kwirukanwa bakarungikwa mu bihugu bidatekanye, ivyo imigwi iharanira uburenganzira isanga vyoba biciye kubiri n'amategeko mpuzamakungu.
Ariko reta y'ico gihugu ivuga ishimitse ko ishobora kubakingira.
Kuva atanguye ikiringo ca kabiri, Trump yashize inguvu mu kwirukana abimukira batagira ivyangombwa - ikintu gikomeye yari yiyemeje mu gihe co kwiyamamaza kandi cashigikiwe cane.
Mu kwezi kwa Ruheshi (6), sentare ntahinyuzwa ya Amerika yemereye Trump kubandanya kwirukana abimukira barungikwa mu bihugu bitari ivy'amavukiro yabo atabahaye amahirwe yo kwerekana ko bashobora kugeramirwa.
Ico gihe, abacamanza Sonia Sotomayor, Elena Kagan na Ketanji Brown Jackson ntibahuje na benshi muri urwo rubanza, bavuga ko iyo ngingo ''ari ugukoresha nabi amategeko vyeruye''.
Abahinga ba ONU mu bijanye n'uburenganzira bwa muntu n'amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu nabo nyene bavuze ko kwirukana umuntu akarungikwa mu gihugu adaturukamwo bishobora guca kubiri n'amategeko mpuzamakungu.













