'Afrika ifise akamaro kuri Trump, n'ubwo yahagaritse imfashanyo'- Massad Boulos

Ifoto ya Massad Boulos ari i Kigali, Rwanda kuwa 08 Ndamukiza, 2025.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Massad Boulos yavuze ko amakori yashizweho na Amerika, no guhagarika imfashanyo vyari bikenewe kugira habe gukorera ku mugaragaro.
    • Umwanditsi, Wycliffe Muia and Rob Young
    • Igikorwa, BBC News

Intumwa ya perezida Trump muri Afrika Massad Boulos yavuze ko perezida Donald Trump aha agaciro uwo mugabane, n'ubwo yatangaje ingingo zo guhagarika imfashanyo urukombamazazi, zagize ingaruka ku bahora bahabwa izi mfashanyo ku mugabane wa Afrika.

Trump yatangaje ko agiye guhagarika imfashanyo vy'agateganyo kuva ku munsi wa mbere agifata intebe yiwe y'umukuru w'igihugu mu kwezi kwa mbere, aho yisunze umurongo yihaye wo gushira imbere inyungu z'imbere mu gihugu - "America First".

Aho ni mu gihe ingingo ya Trump yo kuduza imitahe yateye impungenge ko guhanahana ibidandazwa hagati ya Amerika na Afrika bigiye guhagarara, kandi vyari mu nzira yo kuduza ubutunzi bw'uwo mugabane.

Boulos yabwiye BBC ko Afrika ari "kirumara cane" kuri Trump, ntiyaha n'agaciro ibivugwa ko Amerika ifise umugambi wo kwugara ibiro bimwe bimwe vy'ubuserukizi bwayo mu bihugu vya Afrika.

Boulos yagize ati "Yitayeho cane Afrika n'Abanyafrika."

Ingingo yo kugabanya imfashanyo yagize ingaruka ku migambi y'amagara y'abantu, harimwo iyo gutwara imiti yo kurwanya umugera wa SIDA.

Imigambi myinshi yari ifashwe mu mugongo n'ikigega ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu bihugu vyo hanze -USAID, cashigikira amagara y'abantu kigafasha no mu gutabara ibihugu biri mu kaga, kuva ico gihe yarahagaritswe.

Ibihugu umunani - birimwo ivyo muri Afrika, nka Nigeria, Kenya na Lesotho – vuba bishobora guheregwa n'imiti yo kurwanya SIDA inyuma y'ingingo ya Trump yo guhagarika imfashanyo mu makungu, nk'uko ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryitaho amagara y'abantu OMS/WHO, ryagabishije.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Hari impungenge ko abagera ku miriyoni zitandatu muri Afrika bashobora kugwa mu kaga k' ubukene kubera iyo ngingo yo guhagarika imfashanyo, nk'uko bimenyeshwa n'ikigo c'abahinga bo ku mugabane wa Afrika cishinze gukora ivyirwa ku bibazo vy'umutekano -ISS.

Ishirahamwe rifasha abana Save the Children rimenyesha ko mu ntango z'uku kwezi, abantu umunani barimwo abana batanu bapfuye bazize cholera aho bari bafashe urugendo rure rure bagana ahari ubufasha bwa muganga muri Sudani y'epfo, kubera amavuriro yo hafi y'aho baba yari yarugawe biturutse kuri iryo hagarikwa ry'imfashanyo.

Ariko Boulos yishuye ko izo mpfu zishobora kuba ataho zihuriye no guhagarika imfashanyo, aho avuga ko hakwiye kubanza kwihwezwa ko amafranga yakoreshwa neza.

Boulos yavuze ati: "Ni ngombwa cane ko [Amerika] isubiramwo kwihweza imwe muri iyi migambi kugirango itunga nywe mu buryo bwiza kandi burimwo umuco.

"Tubwirizwa kuraba ko [infashanyo] zishikira ibibanza zagenewe kandi ko turonka umusaruro twifuza".

Boulos, asanzwe ari bamwana wa Trump -sebukwe w'umukobwa wiwe Tiffany, yavuze ko amashirahamwe menshi yagaragaje icipfuzo co gucukura amabuye y'agaciro yo muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo inyuma y'urugendo rwiwe muri ico gihugu co hagati mu mugabane wa Afrika.

Republika ya Demokarasi ya Congo, igihugu kirwiriyemwo ubutunzi bwa Lithium, ari nabwo butare buronderwa cane mu gukora imodokari zikoresha umuyagankuba canke imishwarara y'izuba, kimaze igihe mu ntambara n'umuhari M23 ushigikiwe n'Urwanda nk'uko vyemezwa n'ishirahamwe ONU, reta ya Congo n'ibihugu bitari bike vy'Uburengero, wafashe ibice binini vy'ibirombe vyabwo muri uyu mwaka.

Perezida Félix Tshisekedi wa Congo yibaza ko uruhara rwa Amerika mu gucukura amabuye y'agaciro rushobora gufasha guhosha ubugizi bwa nabi bumaze imyaka 30 bwarashegeshe ubuseruko bwa Congo. Muri kino gihe, ibirombe vy'iki gihugu kibanyi c'Urwanda vyiganziwe n'amashirahamwe y'abashinwa.

Boulos yavuze kandi ko Amerika yoshobora gucukura amabuye y'agaciro mu gihugu kibanyi c'u Rwanda, ariko ahamagarira Kigali kubanza gukura ingabo zayo muri Congo, ikanahagarika gufata mu mugongo M23. Reta ya Paul Kagame irahakana uruhara muri iyo ntambara hagati ya M23 na Congo.

Abajijwe nimba Amerika irajwe ishinga gusa n'inyungu z'ubutunzi bwa Afrika kurusha imibereho y'abo kuri uwo mugabane, Boulos yavuze ati: "Igikorwa cacu ni ugushira imbere inyungu za Amerika no kwamamaza umugambi wacu wo gukorana n'ibindi bihugu".

Trump kandi yiteguye "kurangiza intambara zitandukanye no gusasagaza amahoro" mw'isi, niko iyo ntumwa yiwe ivuga, agatanga akarorero kuri Sudani nk'igihugu giteye umwitwarariko ubutegetsi bwa Amerika.

Boulos, yabaye intumwa y'ubutegetsi bwa Washington (ubutegetsi bwa Amerika) ku biraba ibihugu vy'Abarabu no mu Buseruko bwo Hagati kuva muri Kigarama, yaragendeye kandi ibihugu vya Kenya, Urwanda na Uganda muri uru rugendo yaherukamwo.

Afise n'inyungu z'ubucuruzi muri Afrika, zirimwo ikigo ciwe kiri muri Nigeria, kigurisha imodokari n'ibindi bikoresho mu burengero bwa Afrika.

Uyu mugwizatunga yavukiye muri Libani, avuga ko Trump yabonye ko hageze gushira iherezo kuco yise "uturusho turangwamwo akarenganyo" bikorwa b'abandi benshi bafise inyungu ku mugabane wa Afrika.

Nayo ku bijanye n'ingingo zo kwongereza amakori zatangajwe na Trump, Boulos avuga ko "ata na kimwe zizohindura" kuri vyinshi mu bihugu vya Afrika kuko biraba "ibidandazwa bike cane" bituruka kuri uno mugabane.

Ati: "Ibihugu vyinshi vyatonze umurongo birondera ibiganiro, kandi impera n'imperuka, dushaka kurwanya akarenganyo no kwaza hasi".

Igihugu gito co mu bumanuko bwa Afrika, Lesotho, nico cashizweko amakori akomeye gusumba ibindi -50% - imbere y'uko iyo ngingo iba irahagarikwa mu kiringo c'iminsi 90.

Lesotho ibicishije mu mugambi wa Amerika wo gushaka gufasha ubutunzi bwa Afrika kwisununura - umugambi uzwi nka African Growth and Opportunity Act (AGOA) - cabaye igihugu gishorera cane hanze impuzu zirimwo izo mu bwoko bwa Jeans muri Amerika. Uru rudandazwa rwinjiza 10% vy'umwimbu w'igihugu ca Lesotho.

Agoa yashizweho n'uwahoze ari perezida wa Amerika, Bill Clinton, mu 2000 kugira ngo ahimirize abashaka gushora imitahe muri Afrika, ariko abihweza utuntu n'utundi bafise ikebwe ko uwo mugambi ushobora kutabandanya ku butegetsi bw'ubu bwiganjemwo aba Repubulikani cane cane mu nama nshingamateka.