Leta ya Uganda yemeje ko yumvikanye na Amerika kwakira abo yirukanye

Abimukira birukanywe muri Amerika bashikanywe n'indege y'igisirikare ca Amerika ku kibuga ca Ramon Villeda Morales muri Cortes, Honduras ku wa 31 Nzero(1) January.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abimukira birukanywe muri Amerika bashitse muri Honduras muri Nzero

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zashitse ku masezerano na Honduras na Uganda y'uko ivyo bihugu vyakira abimukira yirukanye mu mugambi wayo wo guhasha kuja muri ico gihugu mu buryo buciye kubiri n'amategeko, nk'uko biri mu nyandiko zabonywe na CBS, ikinyamakuru co muri Amerika gikorana na BBC.

Nk'uko CBS ivuga, Uganda yemeye kwakira igitigiri kitaramenyekana uko kingana c'Abanyafrika n'Abanya-Asia bari basavye ubuhungiro ku rubibe rwa Mexique na Amerika, mu gihe Honduras yemeye abantu amajana bazokwirukanwa bari basanzwe baturuka mu bihugu bivuga ururimi rw'iki-Espagnol.

Ivyo biri mu ntumbero y'ubutegetsi bwa Trump yo kugerageza ko ibindi bihugu vyinshi vyemera abimukira birukanywe basanzwe badaturuka muri ivyo bihugu nyene.

Ubushikiranganji bwa Uganda bujejwe imigenderanire bwemeje ku wa kane ko ayo masezerano yashitsweko nk'uko umunyamabanga ntayegayezwa wa bwo, Bagiire Vincent Waiswa, yavyanditse mw'itangazo kuri X (yahoze ari Twitter).

Amashirahamwe aharanira uburenganzirwa bwa zina muntu yariyamirije iyo poritike, avuga ko abo bimukira bashobora gusanga barungitswe mu bihugu aho bashobora kumererwa nabi.

Iryo tangazo rivuga ko Uganda yemeye kwakira abimukira birukanywe mu gihe ata kahise k'ivyaha baba bafise, batari kumwe n'abatarakwiza imyaka y'abakuze kandi baturuka mu bihugu vya Afrika gusa.

Ukwemeza ko ayo masezerano yashitsweko bishitse haheze umunsi umutegetsi muri ubwo bushikiranganji nyene ahakanye ivyari mu nkuru ya CBS ko Uganda yashitse ku masezeano na Amerika yo kwakira abimukira izoba yirukanye. Okello Oryem, umushikiranganji wa reta ajejwe imigenderanire yari yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko igihugu kidafise aho kwakirira abimukira bavuye muri Amerika.

''Ku vyo nzi neza nta masezerano nk'ayo twashitseko'', niko yabwiye Reuters mu butumwa bwo kuri terefone.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Honduras yemeye kwakira abimukira mu kiringo c'imyaka ibiri, harimwo n'imiryango iri kumwe n'abana, ariko inyandiko zerekana ko ishobora kwakira abasumba ngaho.

Ayo masezerano yompi ari mu ntumbero y'intwaro ya Trump yo kurondera ko yumvikana n'ibihugu ku migabane myinshi - harimwo n'ibisanzwe binegurwa mu bijanye no kwubahiriza uburenganzira bwa zina muntu.

Gushika ubu, ibihugu nibura hafi 10 biramaze kwemera abimukira birukanywe baturuka mu bindi bihugu.

Ku ndwi iheze, ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire bwamenyesheje ko bwumvikanye amasezerano na Paraguay ''yo gufasha guhangana n'ikibazo c'ubwimukira budaciye mu mategeko''.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika bigize igihe kandi biriko biraresha ibihugu vyinshi vyo muri Afrika, Urwanda rukaba rwavuze mu kwezi guheze ko ruzokwakira gushika ku bimukira 250 birukanywe muri Amerika.

Kimwe mu bisabwa muri ayo masezerano ni uko Urwanda ruzoba rufise ''ububasha bwo kwemerera canke kwankira umwe umwe mu bazoba bari ku rutonde rw'abirukanwa'', nk'uko umuvugizi wa reta yabibwiye BBC.

Urwanda rusanzwe ruhora runegurwa ku bijanye n'agateka ka zina muntu, harimwo ko abo bazoba barungitswe muri ico gihugu bashobora gusubira kwirukanwa bakarungikwa mu bihugu aho bashobora kugeramirwa.

Muri uyu mwaka, Panama na Costarica vyemeye kwakira amajana y'abimukira b'Abanyafrika n'Abanya-Asia birukanywe na Amerika.

Inyandiko za reta zerekana ko intwaro ya Trump yavuganye kandi n'ibihugu nka Equateur na Espagne kugira vyakire abimukira birukanywe muri Amerika, nk'uko bivugwa na CBS.

Kuva atanguye ikiringo ca kabiri, Trump yashize inguvu mu kwirukana abimukira batagira ivyangombwa - ikintu gikomeye yari yiyemeje mu gihe co kwiyamamaza kandi cashigikiwe cane.

Mu kwezi kwa Ruheshi(6), sentare ntahinyuzwa ya Amerika yemereye Trump kubandanya kwirukana abimukira barungikwa mu bihugu bitari ivy'amavukiro yabo atabahaye amahirwe yo kwerekana ko bashobora kugeramirwa.

Ico gihe, abacamanza Sonia Sotomayor, Elena Kagan na Ketanji Brown Jackson ntibahuje na benshi muri urwo rubanza, bavuga ko iyo ngingo ''ari ugukoresha nabi amategeko vyeruye''.

Abahinga ba ONU mu bijanye n'uburenganzira bwa muntu n'amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu nabo nyene bavuze ko kwirukana umuntu akarungikwa mu gihugu adaturukamwo bishobora guca kubiri n'amategeko mpuzamakungu.