Amerika yoba iri mu mategeko mu kurungika inkozi z'ikibi z'abanyamahanga muri Afrika?

Indege y'ingabo za Amerika ihagaze ku kibuga. Izuru ry'iyo ndege n'imoteri zibiri kw'ibaba ry'i bubamfu ziraboneka hamwe n'abakozi b'indege bo hasi bambaye udukoti twa orange.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Indege za gisirikare zarakoreshejwe mu gutwara abimukira zibavana muri Amerika, zibajana mu bihugu nka Honduras
    • Umwanditsi, Priya Sippy
    • Igikorwa, BBC News

Ubutegetsi bwa Amerika bwahindukiriye kuri Afrika nk'ahantu hashasha ho kurungika abimukira ivuga ko ari inkozi z'ikibi zagiriwe [kwagirwa] n'ivyaha muri sentare.

Mu gihe abaharurwa mu mirongo bamaze kujanwa mu bihugu vyo muri Amerika yo hagati n'iy'epfo, abagabo 12 baturuka mu bihugu birimwo Mexique, Myanmar na Yemen mu kwezi guheze bararungitswe muri Eswatini na Sudan y'Epfo. N'umunya-Sudani y'Epfo umwe yarasubijwe iwabo.

Bivugwa ko hari n'ibindi bihugu vyo muri Afrika biriko birareshwa na Amerika kugira vyemere kwakira abantu ibihugu vyabo biba vyanse kwakira, nk'uko abategetsi ba Amerika babivuga.

Umugambi wa prezida Trump wo kwirukana abimukira ku bwinshi warashigikiwe cane mu gihe co kwiyamamaza mu mwaka uheze. Ariko ONU n'amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa zina muntu barahagaritswe umutima n'ivyashitse kandi bavuga ko uko kwirukana abantu ukabarungika mu gihugu kitari ico amavukiro yabo - bizwi nk'igihugu ca gatatu - birashobora guca kubiri n'amategeko mpuzamakungu.

Kwirukana umuntu akajanwa mu gihugu ca gatatu vyoba bihuye n'amategeko mpuzamakungu?

Kwirukana umuntu akajanwa mu gihugu ca gatatu birashobora guhura n'amategeko - ariko mu bihe bimwe bimwe.

''Vyose ni ukubitahura ushingiye ku kwumva mu buryo bwagutse icari co ubuhungiro,'' bivugwa n'umwigisha wa kaminuza Prof Ray Brescia, wo kuri kaminuza y'amategeko ya Albany muri Amerika.

''Hariho ingingo ngenderwako mu mategeko mpuzamakungu -kudasubiza iwabo (non-refoulement) - ni ukuvuga ko utosubiza umuntu mu gihugu ciwe mu gihe atahumva umutekano, aho igihugu ca gatatu kirashobora kuba amahitamwo,'' niko avuga.

Iyo ngingo uretse ko iterekeye igihugu uwo mwimukira aturukamwo gusa, yerekeye kandi igihugu ca gatatu ashobora kurungikwamwo.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu gihe ico gihugu kidatekanye, kwirukanwa ukakirungikwamwo bishobora kurenga ku mategeko mpuzamakungu - nk'igihe sentare ntahinyuzwa y'Ubwongereza yazibira umugambi wa reta y'Ubwongereza wo kurungika abarondera ubuhungiro mu Rwanda mu 2023.

Kwubahiriza ingingo zose z'uburenganzira bw'umuntu naco kirahambaye.

Abimukira bategerezwa kuronka amahirwe yo kurwanya imbere y'amategeko kwirukanwa iyo aho bagomba kurungikwa habangamye, bishingiye ku masoko yo kwizera nk'ivyegeranyo vya ONU canke ivyamenywe n'ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire. Amasentare ategerezwa gusuzuma mu bwitonzi ibishobora kubashikira.

''Sentare zitegerezwa kwihweza ico abimukira bazoshika baba imbere y'amategeko, niba bazoshika bapfungwa, n'uburaro bashika baronka uko bumeze,'' bivugwa na Dr Alice Edwards, intumwa idasanzwe ya ONU mu gutegura ivyegeranyo ku kuboreza igufa n'yanadi mahano akorerwa umuntu canke igihano bikamwambura agateka k'ubuntu.

Ariko benshi mu bimukira birabagora kuronka ubufasha bw'amategeko hakiri kare.

''Bisaba inguvu nyinshi no gushikira umushingwamanza ashobora kugira ico akoze vyihuta,'' niko Prof Brescia avuga.

''Iyo nzira y'amategeko si bose baronka amahirwe yo kuyicamwo.''

Kwirukana abantu ukabarungika muri Eswatini na Sudan y'Epfo vyoba biciye kubiri n'amategeko mpuzamakungu?

''Nta nkeka ko biciye kubiri nayo mu nzira zibiri,'' bivugwa na Prof David Super, wo mu kigo c'amategeko ca kaminuza ya Georgetown, Georgetown University Law Center.

''Nta cemeza ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziha abantu amahirwe yo kwerekana ko badakwiye kwirukanwa, kandi ntibarekuriwe kurungika abantu mu bihugu aho bashobora guhohoterwa.

''Sudan y'Epfo na Eswatini vyompi bifise ibibazo bikomeye mu bijanye no kwubahiriza uburenganzira bwa zina muntu,'' niko abwira BBC.

Igihe abimukira bari bashizwe kw'isango ryo kurungikwa muri Sudan y'Epfo ubwa mbere mu kwezi kwa gatanu, haciye hashingishwa urubanza muri sentare ya district ya Amerika igihe indege yari imaze guhaguruka.

Umucamanza yaciye ashinga ko ivyo kugerageza kwirukana abo bagabo bakajanwa ahandi vyari vyaciye kubiri n'ingingo yiwe ko abimukira bategerezwa guhabwa amahirwe yo kwerekana igituma banka kurungikwa mu bihugu vya gatatu.

Iyo ndege yaciye ikebanurirwa muri Djibouti, ku nkengera y'ubuseruko bwa Afrika, aho bivugwa ko abo bagabo baciye bashirwa mw'ikonteneri mu kurindira ko urubanza rwumvirizwa.

Urubanza rwahavuye rushikanwa muri sentare ntahinyuzwa ica itanga uruhusha rw'uko iyirukanwa ry'abo bantu ribandanya ariko ntiyatomora niba Sudan y'Epfpo cari igihugu gifatwa nk'igitekanye kuri abo bimukira.

''Ivyo twabonye ku bashikiwe n'ibisa n'ivyo ni uko abantu akenshi bankirwa ubufasha bw'amategeko igihe baba babukeneye, hanyuma imanza zabo zigatangura igihe cararenze cane,'' nk'uko Dr Edwards avuga.

''Nk'abo bari barungitswe muri Sudan y'Epfo, baja bari mu nzira bajanwa mw'ikambi y'igisirikare ca Amerika, iyo ni ingorane cane.''

Abandanya avuga ko sentare zitegerezwa kuguma ataho zihengamiye muri poritike, na cane cane iyo ari uburenganzira nkoramutima bugeramiwe.

Prof Brescia agabisha ko ingingo ya sentare ntahinyuzwa ishobora kuba akarorero kabi.

''Hari impungenge ko izotera intege ubutegetsi kurushirizaho kunyarutsa, imbere y'uko abantu vyerekeye bashobora gushikira amasentare,'' niko avuga.

Eswatini na Sudan y'Epfo vyoba bitekanye?

Uretse kudahabwa amahirwe y'uko inzira z'amategeko zikurikizwa neza, abimukira bariko barungikwa mu bihugu aho umutekano wabo ushobora guhungabana - biciye kubiri n'amategeko mpuzamakungu.

Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire ubu bugira inama abantu kwirinda ingendo zo muri Sudan y'Epfo, mu bibangamye bukavuga ubugizi bwa nabi, intambara y'ibigwanisho no kunyuruza. Muri uyu mwaka, ico gihugu, kimwe mu vya mbere bikenye kw'isi, cavuzwe ko kiri ku nkombe yo gusubira mu ntambara yo hagati mu gihugu.

''Hari impungenge zikomeye ku kwubahiriza amategeko muri Sudan y'Epfo - ku ntureka, kubura amaragamo, n'amatati abandanya,'' bivugwa na Dr Edwards.

Abirukanwa bakarungikwa muri Sudan y'Epfo bivugwa ko bashirwa mu kigo c'ibohero ku murwa mukuru, Juba, kizwi ku buzima bubi, nk'uko bivugwa n'uwuharanira uburenganzira bwa muntu, Agel Rich Machar.

Reta ntiyemeje aho abo bantu bari canke umwanya bazomara bapfunzwe.

Muri Eswatini, igihugu gitoya c'ubwami muri Afrika y'ubumanuko, abategetsi bavuga ko abimukira bashizwe mu kigo c'ibohero kandi ko bazosubizwa mu bihugu bamukamwo bifashijwemwo n'ishami rya ONU riraba abimukira Organisation Mondiale des Migrations (OIM).

Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire bwavuze ko amabohero ya Eswatini ahanzwe n'ibibazo vyo kugira abantu b'umurengera, kuba atagira akayaga gakwiye, kurya nabi n'aho kwivuriza hadashemeye.

''Ntitubona ko bazoguma ngaha umwanya munini kugira bamenyere biyumve mu kibano co ngaha,'' niko umuvugizi wa reta ya Eswatini Thabile Mdluli yabwiye BBC, atavuze neza na neza igihe bashobora kumara muri ico gihugu, canke ko bazobanza kumara ikiringo c'umunyororo baciriwe.

Reta ya Amerika yavuze ko abirukanywe bakarungikwa muri Eswatini bakoze ivyaha ''vy'ubunyamaswa'' birimwo gusambanya abana ku nguvu, kwica no guhohotera bishingiye ku gitsina.

Muri Eswatini abantu bariko bavyakira nabi.

Umugambwe wa mbere ukomeye mu yitavuga rumwe n'ubutegetsi muri ico gihugu, People's United Democratic Movement (Pudemo), uvuga ko amasezerano hagati y'ivyo bihugu bibiri ari ''urudandazwa rw'abantu rwinyegeje inyuma y'iciswe umwumvikano wo kwirukana abantu''.

Uwuharanira demokarasi Lucky Lukhele avuga ko igihugu kidakwiye kuba ''ikuburiro ry'inkozi z'ikibi''.

N'ubwo amategeko mpuzamakungu yarenzwe, Prof Super avuga ko Amerika ata bwoba bw'uko biyigirako ingaruka kuko isanzwe itemera nyinshi muri sentare mpuzamakungu.

''Ibi bisa n'uguca intege, kutanga ubutumwa ko uje muri Amerika utazokworoherezwa na gato,'' niko avuga.

Uretse ibijanye n'amategeko, kurungika abantu mu bihugu vya gatatu kenshi bishira abantu b'intege nke ahantu batamenyereye bataronka ikibashigikira canke ikibanza mu mategeko, nk'uko bivugwa na Dr Edwards.

''Ni ikintu kitiyumviriwe neza namba.''

Avuga ko abaharanira uburenganzira bwa zina muntu batariko baragerageza kuzibira kwirukana umuntu uwo ari we wese - banka aho abantu bashobora kugeramirwa n'uguca kubiri n'uburenganzira bwabo.

Ibihugu bibakira bihavana iki?

Vyinshi muri yo masezerano yo kwakira abirukanywe ahanini biri mw'ibanga.

Mdluli yabwiye BBC ko imvo za Eswatini zo kwemera kwakira abirukanywe ''ari amakuru gushika ubu ari mw'ibanga''.

Ariko, yaba Eswatini, yaba Sudan y'Epfo vyompi vyavuze ko imigenderanire ikomeye bifitaniye na Amerika biri mu mvo zikomeye.

Prof Brescia avuga ko bimwe mu bihugu bishobora gutinya ko Amerika yihora hamwe vyokwanka, nko mu gukaza amategeko yo gutanga impusha zo kwinjira muri Amerika (visa) canke mu kwongereza amakori.

Mu kwezi kwa Ndamukiza (4), Amerika yavuze ko izofuta visa zose zahawe abanya-Sudan y'Epfo aho imariye kuvuga ko itazokwakira umunyagihugu yirukanywe.

Ntibizwi niba ivyo ubu vyarahindutse, kuva aho yemereye kwakira abirukanywe muri Amerika.

Machar avuga ko Sudan y'Epfo kandi yemeye ayo masezerano kuko ishaka ko Amerika ikura ibihano ku cegera c'umukuru w'igihugu Benjamin Bol Mel.

Reta ya Amerika yafatiye ibihano Benjamin Bol Mel mu 2021 kubera ibiturire avugwako hanyuma ibivugurura uyu mwaka.

Ariko, ibindi bihugu, nka Nigeria, biriko birasubiza ibirenge inyuma.

''Dusanganywe ingorane zacu ziduhanze,'' niko umushikiranganji wa Nigeria ajejwe imigenderanire Yusuf Tuggar yavuze mu kwezi kwa Mukakaro (7), mu kwanka kwakira abanyororo baturuka muri Venezuela.

Dr Edwards avuga ko bene ayo masezerano akenshi ajana n'agashirukabute.

''Mu masezerano yabaye muri kahise ku bijanye no kwirukana abantu bakajanwa mu bihugu vya gatatu, amafaranga menshi, hamwe n'ugufashanya mu vya gisirikare n'umutekano, vyari mu vyumvikanywe,'' niko avuga.

Mu kwezi kwa Ntwarante (3), inkuru zavuze ko ubutegetsi bwa Trump bwari guha El Salvador miriyoni 6 z'amadorari ($6.000.000. hafi miriyaridi 18 mu mafaranga y'Uburundi) kugira yemere kwakira abirukanywe baturuka muri Venezuela.