Ramaphosa ntiyaguye mu mutego Trump yari yateguye kumutamwo

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Gary O'Donoghue
- Igikorwa, BBC News, Umunyamakuru muri Amerika y'uburaruko
Inyuma y'amezi atatu kuva Trump atanguye ikiringo ciwe kigira kabiri nk'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, abategetsi mvamakungu bakwiye kumenya ko urugendo bogira muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'ico gihugu), ikintu baba banyotewe cane, rushobora kuvamwo ugutukwa ku mugaragaro, akenshi ruhindukamwo ukugerageza guterwa ubwoba no kumaramazwa.
Umubonano wiwe ejo ku wa gatatu na Perezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y'Epfo wari muri iyo nzira, aho yarondeye kumuta mu mutego, amatara abanje kuzimwa hanyuma hakerekanwa videwo ndende hamwe n'ibirundo vy'ibihimba vy'impapuro z'ibinyamakuru.
Imbere y'amateleviziyo, inyuma kandi y'ikiyago cabaye mu bugwaneza, umunyamakuru yabajije Trump icokorwa kugira ngo yumvishwe ukungene ibirego bitagira ishingiro vy' "ihonyabwoko ry'abazungu" muri Afrika y'Epfo atari vyo.
Ramaphosa ni we yishuye ubwa mbere, avuga ko umukuru w'igihugu ca Amerika yari akwiye "kwumviriza ibivugwa n'abanyagihugu ba Afrika y'Epfo". Mu nyuma rero ni ho Trump na we yaca afata ijambo, aca asaba uwari ahagarariye ikiyago cabo "kugabanya amatara" no kwugurura televiziyo kugira ngo yereke umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo "ibintu bikeya".

Ahavuye isanamu, Shutterstock
Elon Musk, umuhanuzi wiwe akaba n'umutunzi ruhebwa yavukiye muri Afrika y'Epfo, yariko araraba atekereje aho yari yicaye inyuma.
Icakurikiye cabaye igitero kidasanzwe kandi cari categuwe neza, cari kigizwe n'ibirego vya Perezida Trump bijanye n'ugutotezwa kw'abazungu bo muri Afrika y'Epfo, ibi bikaba vyibutsa ukuntu Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yafashwe nabi igihe yagendera Maison Blanche muri Ruhuhuma (2).
Aya mashusho yerekana abanyaporitike bakomeye ba Afrika y'Epfo bariko baririmba ngo "Rasa umu-Boer", indirimbo yaririmbwa mu rugamba rwo kurwanya bwa butegetsi bw'ivangura bwarangwa muri ico gihugu.
Trump, umuntu akunze kuba atabona ryiza ibinyamakuru, yasa n'uwari aryohewe igihe aya mashusho atazwi aho yavuye yariko arerekanwa. Abajijwe aho imva zivugwa ko ari iz'abarimyi b'abazungu aho ari ho, yishuye mu majambo make ngo "Afrika y'Epfo".
Iyi ndongozi ya Amerika kandi yasa n'iyemera ko abategetsi ba poritike baboneka muri iyo videwo - ntibari no mu nama nshikiranganji ya Afrika y'Epfo – bafise ububasha bwo kwihagira amatongo y'abarimyi b'abazungu. Nta bubasha bafise.
Nubwo Ramaphosa yateye igikumu ku nteguro y'itegeko riteje impari ritanga uburenganzira bwo gufata amatongo ata ndishi itanzwe, hari mu ntango z'uno mwaka, iri tegeko ntirirashirwa mu ngiro. Eka mbere na Afrika y'Epfo yaritandukanije ku mugaragaro n'amajambo avugwa muri iyi videwo.

Ahavuye isanamu, Shutterstock
Ariko ino ncuti nkuru y'uwari umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo Nelson Mandela, akaba kandi ari we yamuserukira mu biganiro vyafashije kurangiza iyi ntwaro y'ivangura y'inkehwa z'abazungu muri ico gihugu, yagiye muri uwo mubonano yiteguye.
Rimwe na rimwe, Trump asa n'uwutabona neza uburyo bugaragara bw'ukungene abategetsi mvamahanga bagerageza kumuryosharyosha, kandi ico cabaye kimwe mu biri mu mikenyuro ya Afrika y'Epfo.
Nivyo, Donald Trump arakunda cane urukino rwa golf, ariko amayeri ya Ramaphosa yo kwitwaza abakinyi ba golf babiri bakomeye – Ernie Els na Retief Goosen – mu nama yerekeye ibibazo vy'imigenderanire n'ivy'ubudandaji, nta gitabo na kimwe ndigera ndabibonamwo mu bitabo vyose maze gusoma bivuga ibijanye n'imigenderanire mpuzamakungu.
Ariko rero, nta muntu n'umwe atabonye umunezero Trump yari afise wo kwakira aba bazungu babiri bo muri Afirika y'Epfo bakina golf.
Ibijanye na kazoza k'abarimyi b'abazungu vyahawe umwanya munini ku mboneshakure uhakwa kungana n'uwo umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo yitorewe n'abanyagihugu yahawe, ahanini yivugiye make kandi atuje.
Ariko biraboneka ko Ramaphosa ibi bizomunezera. Aba bakinyi ba golf, bari kumwe n'umushikiranganji w'uburimyi, umuzungu ava mu batavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi, muri reta y'ubumwe, ni ho bari, nk'inkinzo – aha ushaka ugashobora kuvuga ko bari nk'igisenge c'inzahabu mu bijanye n'imigenderanire, kandi ni umukenyuro wakoze.
Trump yagumye agaruka ku kibazo gihanze aba barimyi – mbere akaba amaze kwakira abaharurwa muri mirongo nk'impunzi muri Amerika. Ariko Perezida Ramaphosa ntiyaguye muri iyi mitego, mbere n'amajambo y'agasotoro yabaye ay'ubusa.
Harageze n'igihe afatira kuri aba bakinyi ba golf n'umutunzi ruhebwa w'umu-Afrikaner bari bagendanye na we, mu kubwira Trump ati: "Iyaba hari ihonyabwoko ririko rirakorerwa abarimyi b'aba-Afrikaner, ndabikwemereye, aba bagabo batatu ntibaba bari hano".
Gusa nubwo Perezida Trump atashoboye gucuvya uno mukuru w'igihugu ca Afika y'Epfo, si ukuvuga ko utwigoro twiwe twamaze ikiringo c'isaha irenga twagiye uko; nta nkeka twaragize ico tumara.
Uno mukenyuro mu bijanye n'imigenderanire ntiwerekeye gusa umushitsi wa Maison Blanche, ahubwo ugenewe cane cane abanyagihugu hagati muri Ameika.
Igihambaye mu mugambi wa Trump wa Make America Great Again (MAGA, twogereranya mu Kirundi na Subiza Amerika ububasha bwayo) ni ukubandanya ashira ahabona ibibazo biraje ishinga abanyagihugu, kandi Perezida Trump arazi ico abanywanyi biwe bashaka.
Nimba abategetsi mvamahanga bamwebamwe bariko baramenya ingene baca muri iyi mitego yiwe ataco babaye, Donald Trump bishobora kumubera ngombwa guhindura gatoyi umukenyuro kugira ngo abandanye ashika ku ntego ziwe.













