Perezida Ramaphosa yahamagaye Musk mu guhoyahoya Trump ku kibazo c'amatongo

Ahavuye isanamu, SA Presidency
Perezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y'Epfo yavuganye na Elon Musk mu twigoro two kurondera guhoyahoya ukutumvikana n'ubutegetsi bushasha bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Musk ni umujenama wa hafi cane wa Perezida Donald Trump, uyu na we ku wa Mungu akaba yagabishije ko ashobora guhagarika imfashanyo yose ihabwa Afrika y'Epfo ku birego vy'uko iriko iranyaga ubutaka no "gufata nabi cane abantu bamwebamwe".
Uno mutunzi ruhebwa yavukiye muri Afrika y'Epfo na we nyene yaraneguye perezida Ramaphosa aho yabajije ku rubuga rwa X igituma afise "amategeko y'ivanguraruhu ku bijanye n'amatungo".
Ibiro vya Ramaphosa bivuga ko muri ico kiyago yagiranye na Musk kuri terefone umukuru w'igihugu "yashimangiye ingingo ngenderwako zishingiye kw'ibwirizwashingiro rya Afrika y'Epfo zubahiriza intwaro ishingiye ku mategeko, ukuri, ubutungane n'uburinganire".
Mu kwezi guheze, Perezida Ramaphosa yateye igikumu kw'itegeko ryo gufata amatongo ata ndishi y'akababaro ihawe beneyo mu bihe bimwe bimwe.
Ikibazo c'amatongo kimaze igihe kirekire giteza impari muri Afrika y'Epfo mu gihe menshi ari mu minwe y'abazungu, inyuma y'imyaka 30 ubutegetsi bw'ivangura burangiye.
Abanyagihugu babandanya basaba ko reta itunganya gushasha ibijanye n'amatongo no gutorera umuti akarenganyo k'intwaro y'ivangura yo muri kahise.
Mu nyishu ya mbere yahaye Trump, uno mukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo yavuze ko reta yiwe "ata tongo na rimwe yigaruriye".
Ku wa Mungu, Trump yanditse ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social ati: "Nzohagarika imfashanyo zose ziri imbere zigenewe Afrika y'Epfo gushika amatohoza yuzuye kuri iki kibazo arangiye!"
Mu nyuma yabwiye abanyamakuru, ko "uburongozi bwa Afrika y'Epfo buriko bukora ibintu biteye ubwoba, ibintu vy'agahomerabunwa".
"Rero ibi biri mu matohoza ubu. Tuzofata ingingo, gushika tumenye ico Afrika y'Epfo iriko irakora - bariko baranyaga ubutaka no gufata amatongo, kandi mu vy'ukuri bariko bakora ibintu kumbure bibi kuruta ivyo".
Amategeko mashasha ya Afrika y'Epfo atanga uburenganzira bwo gufata amatongo ata ndishi beneyo bahawe ariko gusa iyo bikozwe mu "butungane, ata nkunzi kandi ari ku nyungu rusangi".
Aha harimwo ko iryo itongo ataco riba ririko rirakora kandi ata ntumbero irimwo yo kuryungukiramwo, canke iyo riteje ikibazo ku banyagihugu.
Ikibazo c'amatongo muri Afrika y'Epfo kimaze imyaka irenga ijana giteza induru. Mu 1913, abategetsi b'Ubwongereza batwara iki gihugu mu gihe c'ubukoloni bashinze itegeko ryaka abirabure uburenganzira bwo kugira itongo kandi ari bo bari benshi.
Itegeko rizwi nka Natives Land Act ryatumye igice kinini c'ubutaka bwigarurirwa n'inkehwa z'abazungu, riba n'ishingiro ryo kwirukana abirabure, maze bashirwa mu turere n'ibisagara bikenye mu myaka yakurikiye, gushika aho intwaro y'ivangura irangiriye, haraciye imyaka mirongo itatu.
Uburakari bwatewe n'iyi ngingo yo kubirukana mu matongo yabo bwatumye urugamba rwo kurwanya intwaro y'inkehwa z'abazungu rukomera.
Mu 1994, umukuru wa ANC Nelson Mandela yabaye umukuru w'iki gihugu wa mbere yitorewe n'abanyagihugu inyuma y'aho Abanya-Afrika y'Epfo bose baherewe uburenganzira bwo gutora.
Ariko imbere y'uko iri tegeko ryemezwa, reta yashobora gusa kugura itongo kuri nyeneryo hakurikijwe ingingo yavuga ko "hategerezwa kuba ukwumvikana hagati y'uwugurisha n'uwugura", ivyo bamwe babona ko vyatebeje impinduka mu mategeko agenga amatongo.
Mu 2017, icegeranyo ca reta cavuga ko mu matongo yari mu minwe y'abantu ku giti cabo, 72% yari afiswe n'abazungu. Rusansuma ya 2022 yerekana ko abazungu ari 7,3% mu gihugu.
Hagati aho, abanegura reta bafise ubwoba ko iri tegeko rishobora kugira ingaruka z'agahomerabunwa nk'uko vyagenze muri Zimbabwe, aho ukwigarurira amatongo yari mu minwe y'abazungu kwasenyuye ubutunzi bw'igihugu, abanyamitahe nabo bakagira ubwoba bagakura akarenge.










