Kubera iki Trump yatumiye abakuru b'ibihugu bitanu muri Maison Blanche

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Abdou Aziz Diédhiou & Yūsuf Akínpẹ̀lú & Brandon Drenon
- Igikorwa, BBC News, Dakar & Lagos & Washington DC
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yarakiriye inama ku mugwa mukuru Washington DC imuhuza n'abakuru b'ibihugu bitanu vya Afrika, ikintu Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'ico gihugu) bifata nk'akaryo "kadasanzwe" mu vy'ubudandaji.
Aba bashitsi ba Trump ni abakuru b'ibihugu vya Gabon, Guinea-Bissau, Liberia, Mauritania na Senegal – ibihugu vyose bifise abantu bake kandi n'ubutunzi bwavyo atari ikirenga.
Iyi nama ijanye ahanini na poritike ya Trump y' "ubudandaji, si imfashanyo", aho vyose vyadugirijwe imisoro ku rugero rwa 10% ku bidandazwa vyavyo birungika muri Amerika, bikaba vyitezwe ko aba bategetsi bose bagiriranira amasezerano na we kugira ngo ayigabanye.
Mu birori vyo gutanguza iyi nama ku wa gatatu muri Maison Blanche vyerekanywe ku mboneshakure, aba bategetsi barashimagije Trump banahimiriza ugukorana hagati ya Amerika n'ibi bihugu mu bijanye n'ubutunzi.
Perezida Mohamed Ould Ghazouani wa Mauritania ni we yatanguye gufata ijambo muri iyo nama, aho yagize ati: "Mu kanya gato gusa kuva ugarutse ku butegetsi, washitse ugarura amahoro mu mezi make gusa aheze.
"Wihutiye gutorera umuti ikibazo kimaze igihe kirekire muri Afrika", niko yavuze, ashaka kuvuga amasezerano y'amahoro hagati ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo n'Urwanda yahagarariwe na Maison Blanche.
Ibi yavuze vyasubiwemwo n'aba bategetsi bandi ba Afrika, abenshi muri bo bakaba bashikirije amajambo yo gushigikira ko Trump yohabwa agshimwe k'amahoro kitiriwe Nobel.
Perezida Bassirou Diomaye Faye wa Senegal yashimagije ubuhinga bwiwe [bwa Trump] bwo gukina golf, aca amutumira ko yoja kwubaka ikibuga ca golf muri Senegal.
"Murakoze cane. Biraryoshe cane. Murakoze. Sinari nzi ko nobonwa neza gutya. Birahimbaye", niko Trump yishuye. "Mbona twoshaka tukibandaniriza uku umusi wose".
Aba bategetsi ba Afrika bafashe aka karyo mu kuvuga ibijanye n'imitungo kama y'ibihugu vyabo, harimwo ubutare bwa 'terres rares'. Bamwe muri bo baciye baha ikaze abanyamitahe b'Abanyamerika n'umukuru w'igihugu cabo.
Faye yavuze ku mugambi wo kwubaka "igisagara c'ubuhinga" i Dakar gitanga akaryo ko "kuratira ijisho ibahari", yongerako ati: "Nashaka ntumire abanyamitahe b'Abanyamerika baterere muri uno mugambi".
Perezida Brice Oligui Nguema wa Gabon yabwiye Trump ko igihugu ciwe gifise "umutungo kama munini cane", harimwo n'ubutare bwa 'terres rares'.
Ati: "Turabatumiye rero muzane imitahe, ahandi ho ibindi bihugu birashobora kubatanga".

Ahavuye isanamu, Présidence de la République Gabonaise/X
'Ni impa nguhe, akira nanje nakire'
Babacar Diagne yahoze aserukira Senegal i Washington, avuga ko ubu butumire kuri aba bategetsi ba Afrika bwerekana impinduka zikomeye mu ngendo nshasha ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku bijanye n'ukuntu ifata umugabane wa Afrika.
Kuva atanguye ikiringo ciwe ca kabiri nk'umukuru w'igihugu muri Nzero (1) uno mwaka, Trump yagabanije imfashanyo yahabwa uno mugabane, avuga ko ryari isesagura kandi itari ijanye na poritike yiwe ya "America First" (twogereranya na "Amerika imbere ya vyose").
Mu gihe Trump n'umugambwe w'Abarepubulikani ari bo baramutswa igihugu, hari amakenga nimba mu mpera z'uno mwaka izobandanya n'itegeko ryayo rya AGOA riha akaryo ibidandazwa bimwe bimwe vya Afrika kwinjira muri Amerika bitarishe amakori.
Diagne yabwiye BBC News ati: "Si co kimwe n'imbere y'aha ku Bademokarate. Hari ibintu bibiri bikomeye kuri bo: kugabanya ubukene hamwe n'ibijanye n'iterambere, biciye muri AGOA n'ibindi bikorwa. Ivyo vyose biraheze".
Abona ko ingendo nshasha ya poritike ubutegetsi bwa Trump bushobora gufata ishobora gusa cane n'iyo bwafashe kuri Prezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine iri mu ntambara.
Diagne ati: "Ni urudandazwa gusa. Ni impa nguhe, akira nanje nakire. Twarabibonye kuri Ukraine. Tera igikumu ku masezerano y'ubutare hanyuma natwe tuje ku ruhande rwawe, atari uko naho, vyose uraheba".
Amasezerano yo mu kwezi guheze yateweko igikumu i Washington hagati y'Urwanda na Congo ni akarorero – imigenderanire yubakiye ku bucuruzi azoshobora guha Amerika akaryo ko gushikira ubutare.
Nkako, Nicaise Mouloumbi, umukuru w'ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya poritike muri Gabon, igihugu gitunze igitoro, avuga ko ubutegetsi bwa Trump bwibanda kuri Afrika kubera ibihugu vy'abakeba ba Amerika - harimwo Ubushinwa n'Uburusiya – vyongereje akariro mu kurwanira amatungo kirumara ya Afrika.
Yabwiye BBC News ati: "Ibi bihugu vyose [vyatumiwe] bifise ubutare bukomeye: inzahabu, igitoro, manganese, gaze, ibiti na zircon – cane cane Senegal, Mauritania na Gabon".
Gabon ifise hafi ica kane c'ubutare bwa manganese kw'isi yose – ikaba kandi iha Ubushinwa 22% vy'ubu butare bukoreshwa mu gukora amabateri n'ivyuma bitagwa ingese.

Ahavuye isanamu, Gamma-Rapho/Getty Images
Mouloumbi yongerako ko Amerika ishobora kuba ishashaye gutsimbataza ubucuti na Gabon, atari uko gusa ifise ubutare bukomeye nka manganese na uranium, hamwe kandi n'igitoro, ariko kandi kubera iri ahantu heza, ku Kigobe ca Guinea, ikaba ifise kandi n'umweha upima ibirometero vyababa 800.
Irashobora kwakira ikigo ca gisirikare Amerika itegura kwubaka muri ako karere, nk'uko bivugwa na Mouloumbi.
Diagne aravuga ikintu nk'iki ku bijanye n'ubusuma bwo mu mazi, aho avuga ko "iterabwoba ryo mw'ibahari mu Kigobe ca Guinea ryabaye ikibazo gikomeye cane" kuri Amerika.
Amato afise ingunguru nyinshi zitwaye igitoro na gaze aca mu Kigobe ca Guinea, kizwi ko ari akarere kaberamwo ibitero vyo mu mazi kuva imyaka itari mike.
Kuri Mauritania na Senegal, ikibazo c'abimukira kiri mu bibazo nyamukuru vyategerezwa kuganirwako nk'uko bivugwa na Ousmane Sene, umukuru w'ikigo West African Research Centre (WARC).
Yabwiye BBC News ati: "Ntitwibagire ko hagati ya 2023 na 2025, urwaruka rwa Mauritania rurenga 20.000 rwagiye muri Amerika ruciye muri Nicaragua, hamwe n'amajana y'urwaruka rw'abanya-Senegal".
Yongerako ati: "Ibi bihugu vyose niho abimukira baca mu buryo buteye kubiri n'amategeko.
"Iki ni ikintu gihambaye cane muri poritike [ya Trump] ijanye n'abimukira, kandi buri musi abantu bama basubizwa inyuma ku mipaka".
Mauritania ni co gihugu conyene muri ibi bitanu kitagira ubucuti n'igihugu ca Israel gicuditse na Amerika - kikaba cahagaritse iyi migenderanire mu 2009 kubera igitero ca Israel kuri Gaza - kandi amakuru yahawe ikinyamakuru Semafor avuga ko kugarukana ubu bucuti bishobora kuba ikibazo giteza ingorane mu masezerano ayo ari yo yose muri Maison Blanche.
Ikindi kibazo categerezwa kwigwa ni ikijanye n'abarenza ibiringo vy'ama-visa - cane cane kuri Gabon na Liberia, bifise ibitigiri binini gusumba ivy'Uburundi, aho mu kwezi guheze bwafatiwe ingingo, ikibazo c'abarenza ibiringo vya visa kikaba ari kimwe mu mvo nyamukuru.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Liberia nayo ishobora kuba iriko irihweza integuro ya Trump kugira ngo yemere kwakira abantu birukanwa na Amerika, harimwo n'inkozi z'ikibi. Bivugwa ko ico gihugu gifitaniye ubucuti kama na Amerika cashizwe ku rutonde rw'ibihugu Amerika yari yituye.
Iki gihugu casinzikajwe n'intambara yo hagati mu gihugu yamaze imyaka 14, kuva mu 1989 gushika mu 2003, be n'ikiza ca Ebola, haraciye imyaka cumi, kirakeneye cane amahera kuko cakozweko n'ingingo ya Amerika yo kugabaya imfashanyo.
Igisata cakozweko cane ni ic'amagara y'abantu, aho mu mafaranga cakoresha, 48% yatangwa na Amerika.
Guinea-Bissau, igihugu casinzikajwe n'ama-coups d'Etat, amwe yakunze ayandi agapfuba, biravugwa ko irondera cane ko ubuserukizi bwa Amerika bwosubira kwugurura ibiro vyabwo ku mugwa mukuru Bissau, inyuma y'aho vyugariwe mu 1998 biturutse ku kaguma katewe n'igisirikare.
Perezida Umaro Cissoko Embaló yarishimye cane kubona Guinea-Bissau itumirwa muri Maison Blanche, inyuma y'imyaka itari mike yari imaze Amerika na ONU biyifata nk' "igihugu c'ibiyayuramutwe" kuko cigeze kuba inzira ikomeye y'ikiyayuramutwe co mu bwoko bwa kokayine (cocaine) cava muri Amerika y'Epfo kija i Bulaya na Amerika y'uburaruko.
Imbere y'uko afata uru rugendo rwamushikanye i Washington, yasubiwemwo avugira ku kibuga c'indege ati: "Guinea-Bissau yarahindutse iba igihugu nyaco aho kuba igihugu c'akajagari. Abanyamerika ntibapfa gutumira igihugu uko gusa mu gihugu cabo – batumira gusa igihugu citunganije neza".
We na bagenzibe - Brice Clotaire Oligui Nguema wa Gabon, Joseph Boakai wa Liberia, Mohamed Ould Ghazouani wa Mauritania hamwe na Bassirou Diomaye Faye wa Senegal – bagiye bizeye ko bari bafise ivya nkenerwa kugira go bagiriranire amasezerano na Trump.
Nta nkeka ko batashaka ko ivyabaye mu kwa gatanu bisubira, mu mubonano hagati ya Perezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y'Epfo na Trump muri Maison Blanche, inama ata kintu kinini yashitseko mu kworosha imigenderanire.
Nkako, uwo mubonano waragize ingaruka mbi cane kuko muri ino ndwi iki gihugu ca mbere gitunze kurusha ibindi vyose ku mugabane wa Afrika camenye ko kuva mu kwezi kuza ibidandazwa gishora muri Amerika bizotozwa ikori rya 30%.













