Kuri iri barabara rya Afrika y'Epfo Trump avuga ukutari kwo ngo ni 'itongo ry'abazungu bishwe'

Igandagurwa rya inasenge na se wabo ba Roland Collyer mu 2020 ni ryo ryatumye hashingwa icibutso c'igihe gito kigizwe n'imisaraba ari na co cerekanywe muri videwo ya Donald Trump ku wa gatatu
Insiguro y'isanamu, Igandagurwa rya inasenge na se wabo ba Roland Collyer mu 2020 ni ryo ryatumye hashingwa icibutso c'igihe gito kigizwe n'imisaraba ari na co cerekanywe muri videwo ya Donald Trump ku wa gatatu
    • Umwanditsi, Pumza Fihlani
    • Igikorwa, BBC News, Normandein

P39-1 ni ibarabara ry'ikaburimbo ritazwi cane, rifatanya ibisagara bito vya Newcastle na Normandein muri Afrika y'Epfo, urugendo rw'amasaha ane n'imodoka uvuye i Johannesburg.

Muri ino ndwi, iri barabara rica hagati y'amatongo ari mu misozi ya kure y'intara ya KwaZulu-Natal muri ico gihugu, ryabaye rurangiranwa, aho amaso yose y'isi arihuriyeko.

Ku wa gatatu, abanyagihugu benshi ba Afrika y'Epfo bari mu bariko barorera ikibiriraho igihe Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatega umutego mugenziwe wa Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa, akoresheje videwo mu kwerekana ko abazungu bo muri iki gihugu bariko baratuntuzwa. Imbere y'aha, yari yigeze kuvuga ko hari "ihonyabwoko" ryariko riraba.

Amashusho akomeye muri iyo videwo ni ayafatiwe mu kirere yerekana ibihumbi vy'imisaraba yera ku mpande z'ibarabara – Trump akaba yaguma avuga ngo ni "ikibanza gihamvyemwo" abanyagihugu b'abazungu, bazwi nka Afrikaners, barenga igihumbi bishwe muri iyi myaka ya vuba.

Perezida Trump ntiyavuze aho iri barabara ryari nubwo iyo videwo yihutiye kwerekana isano riri hagati yaryo n'igisagara ca Normandein.

Ariko abanyagihugu baba mu micungararo barazi neza gusumba abandi bose ko iki ari ikinyoma.

BBC yarashitse aho hantu ejo ku wa kane, umusi umwe inyuma y'uko aba bategetsi bahanganye muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika), ikaba yasanze iyi misaraba yo kuri iri barabara rya P39-1 yarahavuye kuva kera.

Nta kibanza co guhambamwo abantu kiri aho hantu, kandi iri barabara risa n'ayandi yose. Ku ruhande rumwe aho imisaraba yigeze kuba iri igihe gito, hubatswe urusyo rushasha rw'intete.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ico twahasanze ni abanyagihugu buzuye umubabaro wo kubona bashirwa mu majwi, hamwe n'ukuri ku bijanye n'imisaraba ihishura vyinshi ku bijanye n'ikibazo gikomeye c'uburinganire mu migenderanire hagati y'amoko muri Afrika y'Epfo.

Roland Collyer ni umugabo atahura ibi vyompi.

Nk'umurimyi w'umu-Afrikaner wa Afrika y'Epfo, arazi ko ari igandagurwa rya inasenge na inarume biwe Glen na Vida Rafferty, batewe bari muhira iwabo bagakubitwa amahiri gushika aho bapfa ubu hakaba haciye imyaka itanu, ari vyo vyatumye hashingwa iyo misaraba.

Igandagurwa ryabo babasanze muhira, ryakozwe n'abo bantu bivye ibintu vy'agaciro muhira iwabo, ryariyamirijwe bikomeye n'abanyagihugu b'abarimyi, bagenzi babo b'aba-Afrikaners baca bahashinga iyo misaraba bashaka kwerekana ubu bwicanyi bwari mu bundi bwakorewe abandi barimyi muri Afrika y'Epfo.

"Rero iyo videwo mwabonye mwa bantu mwe", niko ambwira duhagaze ku ruhande rw'ibarabara, "yabereye muri aka gace k'iribarabara".

Yerekana agasozi kari amaja mu kigwati aho imiryango myinshi y'abirabure isanzwe iba mu tuzu tw'ivyondo, asigura ati: "Hari imisaraba yashinzwe ku mpande zompi z'inzira, ishaka kwerekana ubwicanyi bwakorewe mu mirima, ubwicanyi bwo mu mirima. Kuva hariya epfo ku kiraro gushika hano duhagaze ubu.

"Iyi misaraba, cari ikimenyetso ku vyariko biraba mu gihugu".

Cyril Ramaphosa ni we yabaye umutegetsi wa mbere wa Afrika yakiriwe muri Maison Blanche kuva Donald Trump atanguye ikiringo ciwe kigira kabiri

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Cyril Ramaphosa ni we yabaye umutegetsi wa mbere wa Afrika yakiriwe muri Maison Blanche kuva Donald Trump atanguye ikiringo ciwe kigira kabiri

Umwe mu babanyi b'uno muryango wa Rafferty, umudandaza Rob Hoatson, yabwiye BBC ukungene yateguye ishingwa ry'iyi misaraba kugira ngo abantu babibone, kuko vyari biteye ubwoba kubera urupfu rw'abo babiri.

"Si itongo ry'abapfuye", ni ko asigura, avuga ko ivyo Trump yavuze kwari "ugushikuza", ariko akongerako y'uko ataco bimubwiye kubona isanamu y'iyo misaraba yarakoreshejwe. "Cari icibutso. Nticari icibutso c'ibihe bidahera cubatswe. Cari icibutso c'akanya gato".

Collyer abandanya arimira muri ako karere ariko akavuga ko abahungu babiri b'umuryango wa Rafferty bahavuye, inyuma y'aho aba bavyeyi babo bagandaguriwe. Umuhererezi, nk'uko abisigura, yimukiye muri Australia, imfura na yo ikaba yaragurishije itongo ryabo aca yimukira mu gisagara.

Abantu benshi bacarafise ubwoba kuri kazoza kabo muri Afrika y'Epfo nka kimwe mu bihugu birangwamwo ubwicanyi bwinshi kw'isi.

Mu 2022, abagabo babiri baba mu karere, Dr Fikane Ngwenya na Sibongiseni Madondo baragiriwe n'icaha co kugandagura uno muryango wa Rafferty, hamwe n'ubusuma, bakaba baciriwe umunyororo w'ubuzima bwabo bwose be n'uw'imyaka 21 kuri ivyo vyaha uko bikurikirana.

Ku banyagihugu benshi baba muri ako karere, cari igikorwa kidasanzwe c'ubutungane, mu gihe hari ubwicanyi ibihumbi n'ibihumbi butaratangwako umuco, muri iki gihugu kitarashobora guhagarika ubugizi bwa nabi bubandanya bwiyongera nk'uko Perezida Ramaphosa yavyemereye Perezida Trump.

Igandagurwa ry'umuryango wa Rafferty ryateje icuka kibi camaze igihe hagati y'abadasangiye urukoba muri ako karere.

Vyabaye ngombwa ko umushikiranganji w'umutekano agendera ako karere kugira ngo agerageze gusukamwo mabisi, aho imyiyerekano y'aba-Afrikaners yatumye bamwe mu birabure baba muri ako karere bidoga ko abarimyi b'abazungu babafata nabi.

Trump yafatiye kuri aya mahusho yerekana imirongo y'imisaraba kw'ibarabara ryo mu mitumba yakure

Ahavuye isanamu, YouTube

Insiguro y'isanamu, Trump yafatiye kuri aya mahusho yerekana imirongo y'imisaraba kw'ibarabara ryo mu mitumba yakure

Muri ivyo vyose, Collyer avuga ko naho iyo videwo y'icibutso c'umuryango wiwe yakoreshejwe mu buryo buzimiza, arashima ko Perezida Trump ariko arashira ahabona ibitero ku barimyi b'abazungu.

Ati: "Ibi vyose kwari ukugira ngo ibinyamakuru mpuzamakungu bikore kuri iki kintu, vyongere bitahure ivyo turiko turacamwo n'ubuzima tubayemwo hano ubu muri Afrika y'Epfo".

"Umuntu ategerezwa kuba yashitse mu nzu imbere y'uko bwira, utegerezwa kuba mu nzu y'uruzitiro rw'umuyagankuba. Ubu ni bwo buzima tubayemwo, nta muntu yipfuza kubaho mu buzima nk'ubwo".

Ubwoba afise abusangiye n'abandi benshi, mu moko yose, muri ico gihugu giharurwamwo ubwicanyi 26.000 mu mwaka uheze. Abenshi mu bagandaguwe ni abirabure, nk'uko bivugwa n'abahinga mu bijanye n'umutekano.

Perezida Trump yaremereye ubuhungiro aba Afrikaners bose, aho mu ntango z'uku kwezi umurwi wa mbere w'abantu 49 washitse i Washington.

Ariko Collyer avuga ko azoguma i Normandein kandi ko ata cipfuzo afise co kuva muri Afrika y'Epfo.

Agira ati: "Si ikintu coroshe kuri jewe gusiga ivyo dawe, ivyo sokuru, ivyo sokuruza wanje bakoreye, n'ukungene bitanze, kugira ngo nshobore kwegeranya ivyo nshobora guterera uyu musi.

"Ico ni co kintu kigoye, gutekera ngo ugomba ute igihugu umazemwo imyaka n'imyaka.

"Birababaje kubona abazungu b'aba-Afrikaners bikoreye umuzigo wo kuba ababoer (abarimyi) muri Afrika y'Epfo...ariko ubu sinokwiyumvira kugenda, ndacakunda cane iki gihugu".

Mu gihe twariko turasezerana, Collyer yanyeretse ko afise ukwizera kuri kazoza.

"Ndibaza ko dushobora gushira hamwe, kandi ndibaza ko hariho abantu benshi cane muri kino gihugu – abirabure n'abazungu – bipfuza gusubiza hamwe bagateza imbere kino gihugu".

Muri ako karere, hari abantu benshi babeshejweho n'uburimyi kuva kera na rindi.

Normandein

Igihe twariko dutera tuja mu gisagara ca Normandein, twarahuye na Bethuel Mabaso.

Uno mugabo w'imyaka 63 yakuriye muri ako karere akaba atubwira ko yakubiswe n'inkuba yumvise ukungene akarere kiwe kariko karavugwa mu binyamakuru mpuzamakungu - igisumbirije kakaba kariko gafatwa n'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika nk' "icemezo" c'ibitero bikorwa ku barimyi b'abazungu.

"Nta kintu nk'ico kiriko kirabera hano", niko avuga mu rurimi rwiwe rw'Ikizulu. "Twarababaye nk'abanyagihugu baba muri aka karere igihe ubu bwicanyi bwaba kandi twarababajwe n'uno muryango.

"Mbaye hano kuva nkiri umwana muto, aka ni akarere k'amahoro. Nta kintu nk'ico cahabaye kuva ico gihe".

Mu myaka iheze kuva umuryango wa Rafferty ugandaguwe, hari amakuru avuga ko abirabure bamwe bamwe baba muri ayo matongo bidoga bavuga ko abapolisi bo muri ako karere bananiwe no kwitwararika ibibazo vy'abirabura mu buryo bwihuta nk'uko vyagenze ku rupfu rw'uwo muryango.

Nabajije uwundi murimyi, Mbongiseni Shibe w'imyaka 40, ukungene imigenderanire yifashe hagati y'abarimyi b'abazungu n'abakozi babo ahanini bagizwe n'abirabure.

Agira ati: "Turatorera umuti ibibazo ivyo ari vyo vyose vyadutse tubicishije mu kiyago, ivyo bidakunze turatabaza igipolisi. Akenshi usanga ari nk'ibitungwa vyacu bija kwona mu mirima yabo igipolisi kigaca kidufasha kubikurayo, no ku rundi ruhande uko nyene".

Akahise ka Afrika y'Epfo karanzwe n'imvururu zishingiye ku budasa bw'urukoba ni ntibagiranwa kuri Shibe, kandi asanzwe azi ko ubudasa bw'urukoba ari ikibazo nkoramutima.

Agira ati: "Dufise kahise kagoye muri iki gihugu n'aba bazungu, ndibuka ivyo bihe vy'ikubagurwa nubwo nari umuhungu muto, cane cane muri aya matongo hano".

"Ariko ivyo vyose twarabirenganye, ntitwobikoresha ngo duhane umuntu uwo ari we wese".

Ed Habershon yaterereye muri iyi nkuru