Kubera iki Maduro yapfunzwe amaso n'amatwi igihe yafatwa?

Iyi ni yo foto ya mbere ya Nicolás Maduro yazungurutse isi yose, inyuma y'umwanya mutoya afashwe mu gitero c'ingabo za Amerika, ifoto itazova mu mitwe y'abatari bake.
Donald Trump ni we nyene ubwiwe yasohoye iyi foto ku rubuga hwaniro rwiwe rwa Truth Social, igihe uwari icegera c'umukuru w'igihugu ca Venezuela, Delcy Rodríguez, yariko asaba icemeza ko umukuru w'igihugu n'umugore wiwe bakiri bazima.
BBC News yegereye abahinga mu vyo kwivuna abansi n'ivya gisirikare ku bijanye n'ico umuntu yofata muri iyi foto ya mbere, aho Maduro aboneka yambaye umwambaro w'inkino, iminwe isa n'iyiboshwe amapingu, amaso n'amatwi vyiwe bizibiwe.
Ni uburyo busanzwe bukoreshwa
Nk'uko bivugwa na Mark Cancian, umukoroneli w'umukukuruke mu gisirikare kirwanira mu mazi akaba yahoze ari umujenama mukuru mu bijanye no kwivuna abansi be n'umutekano mu kigo Center for Strategic and International Studies, "reta ifata ihagarikwa ryiwe nk'ikibazo kijanye no kwubahiriza amategeko, ko atari igitero ca gisirikare, kandi ifata Maduro nk'impfungwa".
Yongerako ati: "Ibi bibonekera ubwa mbere mu majambo akoreshwa no mu kuntu afatwa: yarafashwe, ajanwa mu bigo vy'ibohero, kandi ibintu vyose bikorerwa umuntu uwo ari we wese yagirizwa icaha birakurikizwa kuri we".
Nk'uko abahinga babivuga, muri ico gihe, ubu bwoba ari uburyo busanzwe – cane cane muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika – aho mu bikorwa nk'ivyo bamupfunga amaso n'amatwi.
"Ubu ni ubuhinga busanzwe bwo gufunga umuntu mu bikorwa vy'igisirikare, bufasha mu kunumya umuntu no kumutandukanya n'abandi, ntashobore kuvugana n'abandi, no gukingira umutekano w'igikorwa mu kubuza uno muntu kumenya uburyo, abantu, ahantu, n'ubushobozi vyakoreshejwe muri ico gikorwa", bivugwa na John Spencer, umuhinga mu bikorwa vya gisirikare n'intambara zo mu bisagara, akaba kandi ari n'umukuru w'igisata cigisha intambara zo mu bisagara ku kigo Modern War Institute c'ahitwa West Point.

Ahavuye isanamu, US NAVY
Matthew Savill, umukuru w'igisata c'inyigisho za gisirikare ku kigo Royal United Services Institute (RUSI), aremera ko iyi migirwa iri mu mikenyuro ya gisirikare.
Kuri Maduro, agira ati: "Ahanini, bikorwa mu ntumbero yo kumutururuza kandi ntashobore no kwiyumvira gutoroka, ariko kandi no kugira ntibimworohere kumenya umuntu n'umwe mu ngabo za Delta Force zagise uruhara mw'ifatwa ryiwe".
Hagati aho, bamwe mu bihweza ibintu n'ibindi berekana ko kubona Maduro yambitswe ama-casques/headphones ari kubera urugendo rwa kajugujugu yagize igihe yajanwa ku bwato bw'intambara Iwo Jima, aho ubu buryo bwo gukingirwa ari ngombwa.
Ikindi kintu abantu bibaza ni rirya cupa ry'amazi Maduro yari afise mu minwe.
Cancian ashimangira ati: "Ndabifata nk'ingingo isanzwe y'ukubungabunga amagara n'umutekano ku bafashwe; bakeneye amazi. Ndibaza ko ari ingingo isanzwe cane".
Indokora buzima
Iyi sanamu kandi yerekana Nicolás Maduro yambaye ikintu kw'izosi.
Ku bw'abahinga BBC yabajije, ni icambarwa cuzuzwa impwemu co kurokora ubuzima (gillet de sauvetage/life jacket), nka birya bikoreshwa mu ndege no mu bwato nk'uburyo bwo kwikingira iyo bishitse ingenzi igakorokera mu mazi.
Iyi ndokora buzima isa n'iyifise uburyo bwo kuyuzuza umwuka n'ubundi bukoresha amacupa ya CO₂, buboneka nk'udupira dutoya twambitse kuri yo.
Vyongeye, bamwe mu bihweza ibintu n'ibindi baravuga ku tuntu tubiri kamwe gafise ibara ry'umucungwe uhishiye n'akandi kirabura, tuboneka inyuma y'ibiganza vyiwe.
Utu dushobora kuba ari udukoresho two kumurika mu gihe c'umwiza, tukaba twambikwa abantu iyo bari mu ngendo zo mw'ijoro kugira ngo vyorohe kumenya abo ari bo.
Yoba yatewe atiteguye?
Ariko kandi iyi foto ya Maduro ishobora kuba yerekana ingene ibintu vyari bimeze igihe yafatwa.
Uravye aho ibiganza vyiwe biri, birerekana ko ashobora kuba yari aboshwe amapingu, hanyuma impuzu na zo – umwambaro w'inkino - zerekana ko ashobora kuba yatewe atiteguye mu masaha yitereye y'ijoro.
Ibi birajana n'ivyavuzwe na Perezida Donald Trump yemeje ko Maduro n'umugore wiwe, bompi bafashwe bariko bagerageza kwiyugaranira mu cumba ntamenwa mu kirimba ca Fort Tiuna.
Trump yavuze ati: "Yariko agerageza kwinjira mu cumba ntamenwa, ariko kwari ukwihenda, kuko twari kumena urugi mu masegonda nka 47".
"Yaruguruye umuryango, ariko biranka ko awugara. Mu kanya isase yari yatururujwe ku buryo atashoboye no kwinjira muri ico cumba".










