ABS: Menya ino ngwara y’amayobera ituma umuntu aborerwa atanyoye inzoga

Imbwa Mia ni yo ifasha Ray Lewis (i bubamfu) kugenzura ingwara yiwe ya ABS

Ahavuye isanamu, Yatanzwe na Ray Lewis

Insiguro y'isanamu, Imbwa Mia ni yo ifasha Ray Lewis (i bubamfu) kugenzura ingwara yiwe ya ABS
    • Umwanditsi, Fernando Duarte
    • Igikorwa, BBC World Service

Umubirigi umwe aherutse kuvugwa cane mu binyamakuru igihe yambikwa izera ku caha co kunyonga imodoka yaborewe incuro zitatu zose.

Abifashijwemwo n’abaganga, uno mugabo w’imyaka 40 basanze arwaye ingwara y’amayobera izwi nka syndrome d'auto-brasserie/auto-brewery syndrome (ABS), aho umubiri wo nyene ari wo wihingurira inzoga (alcool).

None ABS ni iki? Hanyuma ni gute imbwa ishobora gufasha umuntu guhangana na yo?

Ray Lewis yari azi neza ibintu bibiri kuri we igihe yikangura ari mu bitaro vy’ahitwa Oregon muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ica mbere ni uko yari mu bibazo inyuma yo kugira isanganya ariko anyonga ikamyo yari yikoreye isamaki zikiri nzima zishika 11.000 zegukira ikigo kijejwe amafi n’ibikoko vyo mw’ishamba, Department of Fish and Wildlife, ari naho yari asanzwe akora.

Ica kabiri, ni uko nubwo igipolisi camwagiriza ko yari afise urugero runini rw’inzoga mu mubiri, nta nzoga yari yanyoye mw’iryo joro agira iri sanganya muri Kigarama (12) 2014.

Uno mugabo w’imyaka 54 ubu, yibuka ati: “Nta n’ima ry’inzoga nari nigeze nkorakora kuko nari nzi ko nagomba mfate urugendo rw’amasaha abiri nyonga imodoka mu mabarabara yari yuzuye ibarafu”.

Amezi umunani inyuma y’iri sanganya, uno mugabo yarapimwe asanga afise iyi ngwara ya ABS aca abwirwa ko umubiri wiwe wamugize imborerwa.

(Inkuru yacishijwe ku mbuga hwaniro n’ikinyamakuru Fox 13 Seattle co muri Amerika yerekana ingene ikamyo yononekaye inyuma y’isanganya rya Ray mu 2014.)

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: BBC ntibazwa ibiva ku zindi mbuga.

Impera ya X ubutumwa

ABS ni iki?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

ABS canke syndrome de fermentation intestinale/gut fermentation syndrome (GFS), ni ingwara y’amayobera ituma urugero rw’inzoga mu maraso ruduga bigatuma umuntu agira ibimenyetso vy’uwaborewe, nubwo yoba yafashe utuyoga duke cane, canke ata na dukeya yanyoye.

Iba iyo udukoko tuzwi nka bagiteri (bacteries) tuba mu rura, mu dusaho tw’amasobe canke mu kanwa duhinduye indya z’ifu (amidon) canke isukari tukayigira inzoga, ikizwi nka production endogène d’alcool/endogenous alcohol production, twogereranya mu Kirundi n’ihingurwa ry’inzoga imbere mu mubiri.

Ibi bishobora gutuma umuntu avuga amajambo adatumbereye, akagenda azungazunga hamwe kandi no kugoyagoya mu mubiri.

Umwe mu bantu ba mbere batanguye gutorwako iyi ngwara yabonetse mu myaka ya 1940, igihe abaganga ku bitaro bimwe vyo muri Uganda bashira ahabona, babicishije mu kinyamakuru c’ubuvuzi British Medical Journal, ibipimo bafashe ku murwayi yari yapfuye kugira ngo bamenye icari camwishe.

Yari umurwayi nyabaki?

Umwana w’umuhungu w’imyaka itanu yishwe n’umushishito, igihe bamubaga “yaranuka cane …inzoga”.

Imikorobi nk'iyizwi nka fungus Saccharomyces cerevisiae ishobora guhingura inzoga ku rugero ruto cane mu mibiri yacu, ariko ku bantu bose ni gake cane iteza ingorane

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Imikorobi nk'iyizwi nka fungus Saccharomyces cerevisiae ishobora guhingura inzoga ku rugero ruto cane mu mibiri yacu, ariko ku bantu bose ni gake cane iteza ingorane

Ni nde ashobora guterwa n’iyi ngwara?

ABS ni ingwara iboneka gake cane.

Icigwa cakozwe mu 2021 casohorewe mu kinyamakuru American Journal of Gastroenterology kivuga ko abazwi ko bari bayirwaye muri Amerika bari musi y’ijana, nubwo abahinga bamwe bamwe bibaza ko hari abayirwara hanyuma ntibamenyekane.

Abaganga ntibaramenya igituma ifata abantu bamwe bamwe.

Umubiri w’umuntu uzwi ko uhingura urugero ruto cane rw’inzoga mu rura mu gihe c’ihoka (digestion). Ariko ku bantu hafi bose, iyo nzoga (alcohol) iva mu mubiri imbere y’uko yinjira mu maraso.

Dr Ricardo Jorge Dinis-Oliveira, umuhinga w’umunya-Portugal amaze kwandika ibitabo bitari bike kuri iyi ngwara, avuga ati: “Twese imibiri yacu irahingura urugero ruto rw’inzoga mu buryo kama, ariko umuntu afise iyi ngwara ya ABS umubiri wiwe uhingura nyinshi cane ishobora gushika mu maraso.

“Ariko ikibabaje, ni uko, kugira ngo umuntu anamenye ko arwaye iyi ndwara, habanza kuba igihe kibabaje c’aho yagirizwa icaha”.

Akenshi abarwaye ABS baza kumenya ingwara yabo bamaze gupimwa urugero rw'inzoga mu mubiri

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Akenshi abarwaye ABS baza kumenya ingwara yabo bamaze gupimwa urugero rw'inzoga mu mubiri

Avuga ko ABS ari indwara iterwa n’ibintu vyinshi biba mu mwanya umwe. Ica mbere nk’uko abivuga, ni uko umntu aba asanzwe arwaye izindi ndwara nk’igisukari, ubuvyibuhe burenze urugero (obésité) canke indwara y’ubushe bwo mu rura izwi nka maladie de Crohn.

Ikindi kigira kabiri gifitaniye isano n’imiti abayirwaye bakunze gufata, nk’imiti ivura indwara ziterwa n’imicafu (antibiotics) hamwe n’iyivura indwara zo guhagarika canke gukabura abasoda b’umubiri (immunosuppressants), iyi igashobora kugira ingaruka mbi ku binyabuzima biba mu rura - amabakteri n’utundi dukoko tuba mu rura.

Kubaho umuntu agendana ABS

Igihe umuforoma wo muri Amerika Joe Cordell atangura kuvuga amajambo ataroranye imbere yo guta ubwenge mu birori vya Thanksgiving, yibajije ko yari yariye inyama nyinshi za dindon/turkey.

Niho umugenzi bakorana mu bitaro vya Texas yari asanzwe akorera yamwagiriza ko atonda ku kazi yaborewe – icaha cirukanisha umuntu.

Cordell w’imyaka 75 yibuka ko bahora bamuvuga bati: “Bavuga ko nsohora impemu z’inzoga. Abantu bibaza ko nari imbonerwa.

“Nari ikimaramare kandi narumva ata mahoro mfise kubera nari umwe muri ba bantu batigera basiba umusi n’umwe ku kazi”.

Barbara Cordell yinjiye mw'isekeza ryo kurwanira abrwaye ABS inyuma y'aho umugabo wiwe Joe bayimusanzemwo

Ahavuye isanamu, Courtesy of Barbara Cordell

Insiguro y'isanamu, Barbara Cordell yinjiye mw'isekeza ryo kurwanira abarwaye ABS inyuma y'aho umugabo wiwe Joe bayimusanzemwo

Yaramaze igihe n’umugore wiwe, Barbara, amwikeka ko afise ingorane yo kuborerwa.

Nk’umuforoma mugenziwe, ntivyamworoheye kwemera ivyo yabwirwa n’umugabo wiwe.

Harageze n’igihe yasaka inzu yabo arondera ko ata macupa y’inzoga yari anyegejwe mbere akagumiza ijisho ku nzoga bari bafise muhira.

Ati: “Ubwa mbere narikeka Joe. Nashize ibimenyetso ku macupa y’inzoga twari dufise kandi nkayagenzura neza kugira ngo ndabe nimba ata mazi yongewemwo”.

"Hampande y’akaborerwe nagirizwa n’ukungene bancungera", Joe avuga ko yagumana ubwoba bw’uko bahava babona ko yari aborewe atavyiteze.

Ati: “Naguma numva ata mahoro mfise. Ingorane zo kuborerwa zaranteye ubwoba haba mu mutwe canke mu mubiri”.

Kugabanya imfungurwa zirimwo isukari bishobora gufasha mu kugenzura ABS

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kugabanya imfungurwa zirimwo isukari bishobora gufasha mu kugenzura ABS

Joe yatowe ko yari arwaye ABS mu 2010, inyuma y’imyaka ine atanguye kubona ibimenyetso. Yarashoboye kubandanya akazi ariko buri musi yama aja kwipimisha kugira ngo barabe urugero rw’inzoga afise mu maraso.

Ibi vyariko bimubako vyatumye umugore wiwe Barbara arondera ishirahamwe ryo gufatana mu nda, Auto-Brewery Syndrome Advocacy and Research, ryari rifise abanywanyi bababa 850.

Ati: “Imisi yose twama twumva abarwayi batubwira ko abaganga babirukanye.

“Ikibi muri vyose, barashinyagurirwa, bakamaramazwa, bakitwa ababeshi, bakagirizwa ko bavuga ngo bararwaye indwara z’ububeshi, canke ahandi naho bagafatwa nabi cane”.

Avuga kandi ko mu banywanyi benshi bakoranye na we bavuga kenshi ku ngorane bagira iyo batanguye gufata imiti.

“Buke buke niko bagenda bamenyera inzoga bakisanga baruhiye kunywa kugira ngo birinde kwiyumva ko batawe nk’akanuka”.

Joe avuga ko yagize ingorane z’inyota irenze urugero. “Vyabaye ngombwa ko ndondera ubufasha, ariko ubu maze imyaka cumi ata nzoga nywa”.

Ingene ABS ipimwa n’ingene ivurwa?

Mu ntango, abaganga barirengagiza izindi mvo zishobora guteza iyi ndwara. Mu nyuma bashobora gukora ibipimo vyo kwihweza amabagiteri ari mu bihimba vy’ihoka (système digestif) kugira ngo barabe nimba ata mikorobi idasanzwe izwi ko ituma umubiri uhingura inzoga.

Akenshi barasomborotsa umubiri bakoresheje isukari aho basaba umurwayi kurya indya zirimwo ifu n‘isukari nyinshi canke kunywa isukari mu nda nsa. Haciye amasaha makeya, abantu badafise ABS nta nzoga iboneka mu maraso, ariko abafise ABS ibipimo vyabo vyerekana ko urugero rw‘inzoga mu maraso rwaduze.

Dr Dinis-Oliveira avuga ko mu bisanzwe ABS ishobora kugenzurwa hakoreshejwe uruvangatirane rw’imiti n’imfungurwa zifise urugero ruto rw’isukari, umuntu agashirako n’imfungurwa nsahirizo (supplements) ibisanzwe biba mu rura.

Ibi ni vyo vyafashije Joe kandi mu kiringo c’imyaka mirongo nta ngorane yagize.

Ariko nubwo asanzwe afata imfungurwa zitagira isukari nyinshi agaheba n’inzoga, Ray aracahanganye n’ingaruka zimwe zimwe, nubwo ata ngorane yasubiriye kugira kuva mu 2020.

Yahavuye arondera iyindi nzira yomufasha kuba muri ubu buzima – mu gukoresha imbwa yitwa Mia.

Iyi mbwa yarigishijwe kwinukiriza kugira ishobore gutora impinduka z’ubumara mu mubiri wa Ray, harimwo iyo umubiri ukiri mu ntango zo guhingura inzoga. Iyo irinze yumva ko hari impinduka, ica ihagarara imbere yiwe ikamwihweza ishimitse.

Ray ati: “Imbere y’uko ntangura kwifashisha Mia, ni gake nava muhira kubera nama mfise ubwoba ko hari ikintu kibi cashobora kunshikira canke kigashikira abandi.

“Igihe ngira isanganya, amwe mu mahirwe nagize ni uko ata muntu nagonze, nkaba ari jewe jenyene nababaye”.

Abarwaye ABS bagira ibimenyetso bisa n'ivy'abanyoye inzoga, nko kuzungurirwa, kuvuga amajambo ataroranye no kugoyagoya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abarwaye ABS bagira ibimenyetso bisa n'ivy'abanyoye inzoga, nko kuzungurirwa, kuvuga amajambo ataroranye no kugoyagoya

Ray nta mahirwe yahawe yo kubandanya anyonga imodoka mu gihe abandi bobo baronse ano mahirwe bamaze kwerekana ingene amagara yabo yifashe.

Asigura ati: “Umucamanza yemeje ko ari jewe mbazwa ukungene inzoga yinjiye mu mubiri wanje.

“Mfise indwara, kandi nubwo sentare yafashe umwanzuro, igisigaye kuri jewe ni ukurwanira ivyo mfitiye uburenganzira”.

We n’umugore wiwe, Sierra, barunguruje urubanza. Nk’ingaruka y’icemezo ca sentare n’ikibazo afise ca ABS, Ray yatakaje akazi kiwe.

Ariko ntiyatakaje icizere canke ubugwaneza bwiwe.

“Abantu benshi bibaza ko abarwaye ABS bama baborewe ku buntu, ariko numva isoni zo kuvuga ko ari akantu gato cane kambayeko”.