#1 Inkuru mwasomye cane mu 2024: Menya imvo umunani zituma abagore bamwe bamwe batarangiza mu mibonano mpuzabitsina

umugore

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ku bantu benshi, cane cane abahinga n’abaganga mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina, ikibazo co kurangiza ku bagore ni amayobera.

Hari vyinshi vyandikwa ku bijanye n’iki gihe c’uburyohe burengeje ku bagore.

Hagati aho, si bose bashika kuri iyi ntambwe. Hari mbere bamwe bavuga ko batigera bayishikako.

Hari vyinshi bigira uruhara mu kurangiza, harimwo ibijanye n’ibibazo vyo mu mutwe canke n’ibihe vy’umunezero canke vy’umubabaro umuntu arimwo, ibijanye n’umubiri canke n’inkaburamubiri.

BBC Mundo, igisata ca BBC gikoresha ururimi rw’iki-espangol, iraca irya n’ino imvo umunani zishobora gutuma umugore atigera ashika ku gihe c’aho arangiza (orgasme) mu mibonano mpuzabitsina.

Ibintu bibi yaciyemwo muri kahise

Nimba umugore hari ibintu vyamuhahamuye yaciyemwo muri kahise bikaba bimubera intambamyi mu mibonano mpuzabitsina yiwe, ni vyiza ko yobivugana n’umukunzi wiwe ku kungene yiyumva kugira ngo amutahure yongere amushigikire.

Ariko nimba ari ikintu mutipfuza canke mudashobora gukora, ni vyiza ko murondera umuhinga kugira ngo abafashe guhangana n’iri hahamuka kugira mushobore kugira amagara meza.

Ni nkenerwa ko yobimenyesha kugira ngo abahinga bashobore kumufasha bafatiye ku bibazo vyiwe bwite.

Ibibazo umuntu yaciyemwo bishobora gutuma umuntu adakora imibonano mpuzabitsina neza

Ahavuye isanamu, ISTOCK

Insiguro y'isanamu, Ibibazo umuntu yaciyemwo bishobora gutuma umuntu adakora imibonano mpuzabitsina neza
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Héctor Galván, umuganga akaba anarongoye ikigo kijanye n’inyifato hamwe n’imibonano mpuzabitsina ca Madrid, abwira BBC Mundo ati: "Mu bihe nk’ibi, ni vyinshi bisabwa gukorwa ku giti ciwe. Ni ibintu bikomeye cane kuko ibintu mwaciyemwo birashobora kubateza isoni n’ubwoba, mbere hamwe hamwe, birashobora kugutuma wankwa.

"Hariho abagore (kubera icoba carigeze kubahahamura) birinda kwikaburira igitsina, mbere, bakaniga icifuzo cose c'imibonano mpuzabitsina.

"Ni vyiza kumuhumuriza ukamutwara buke buke, ubanje gushira ku ruhande ibijanye n’imibonano mpuzabitsina kugira ngo amenyere umubiri wiwe, hanyuma buke buke we nyene akazokwiyumvamwo uburyohe bw’imibonano mpuzabitsina, hanyuma amaze gushika kuri uru rwego, ugaca rero umuhuza n’umukunzi wiwe".

Ni nkenerwa ko ari we nyene yokwifatira ingingo ku bijanye n’igihe be n’ivyo abona akwiye gusangiza abandi ku bijanye n’ivyamubayeko.

Uno muhinga mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina avuga ati: "Iyo umugore ageze kuri iki gihe c’aho yumva atagononokewe no kuvuga ivyamubayeko, ni vyiza ko yobwira umukunzi wiwe ko bimugoye gushira ahabona ibimurimwo kandi ko yipfuza kuzobitorera umuti we nyene ubwiwe atarinze kwinjira mw’ido n’ido. Haciye igihe, niho umuganga azokorana nawe mw’ibanga ntangere.

"Ikintu nyamukuru kwobaye ukubivugana yiyuguruye n’umukunzi wiwe, ariko ni vyiza ko umuntu yibikira ibanga mu mibereho yiwe bwite, ariko kandi agashobora no guteza imbere ubuzima bwiwe mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina, hako atokwigera abikora na rimwe".

Kwihuta no kwumva udatekaniwe

N’ubwo Galván yakiriye abagore bafise ingorane yo kurangiza kubera ukwiyorosha canke indero bahawe yo kwumva ko ariko zubakwa, avuga ko aba ari bake cane.

Imwe mu mvo nyamukuru yabonye mu bo yashoboye gufasha ni uko benshi baja mu mibonano mpuzabitsina badatekaniwe.

Guhuza akazi n’ubuzima ni kimwe mu bibazo bihanze abagore mu bisagara bitari bike kw’isi

Ahavuye isanamu, ISTOCK

Insiguro y'isanamu, Guhuza akazi n’ubuzima ni kimwe mu bibazo bihanze abagore mu bisagara bitari bike kw’isi

Uno muganga avuga ati: "Kugira ngo umubiri ushobore gushika ku rugero rwo kurangiza, ni vyiza ko umuntu aba atekaniwe ku rugero rukwiye.

"Umubiri urashobora kwumva ushaka imibonano kandi ushushe (ibi ni vyo bitegerezwa kuba imbere yo kurangiza) ariko ukaba ufise uburuhe canke hari ikintu gutuma udatekana mu mutima, ariko kugira ngo umuntu ashike ku musozo, ni ngombwa ko aba yirekuye".

Hanyuma kimwe mu bituma umuntu agira umutima uhagaze biravana n’ubuzima abantu benshi baba babayemwo, aho usanga bafise ubuzi buruhisha, urutonde ruremereyerw’ibikorwa, imisi y’akazi ibatuma baba kure y’iwabo, mbere rimwe na rimwe ugasanga bafise n’abana batunze.

Nubwo mu bihe nk’ibi abagore bamwe bamwe bashobora kugerageza kwifata nk’aho boba bashitse ku musozo kugira ngo gusa ntihabe imibonano mpuzabitsina y’umwanya muremure kandi ntibahave bababaza abakunzi babo, umuhinga mu bijanye n’inyifato ahanura ko badakwiye gukora gutyo.

Ni vyiza kubivuga no kwerekana ko uko ibintu bimeze ari ikintu co gukomeza.

Kurangiza n'ingoga

Kumbure dukwiye gufatira ku mvugo y’uko, mu mibonano mpuzabitsina, ata n’umwe ashobora kumenya akari ku mutima w’uwundi muntu.

Ariko gusa, urashobora kuvyibwira ufatiye ku bimenyetso n’amajwi, ariko ica nkenerwa kwari ukubwira uwundi ingene wiyumva.

Uno muhinga mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina avuga ati: "Abantu benshi ntibiborohera gusaba ingene bokora imibonano yabo, guhindura uku canke kuriya mu gihe c’imibonano mpuzabitsina.

"Iyo turiko turabumviriza, urashobora guhura n’umugore akubwira ko iyo ageze hafi yo kurangiza, umugabo/umukunzi wiwe aca ahindura umuvuduko, canke agaca asokora, ariko ntiyigera abimubwira".

Abahinga bahanura abagore kubwira abakunzi babo ikibaryohera gusumba n'ico bohindura mu mibona mpuzabitsina yabo

Ahavuye isanamu, ISTOCK

Insiguro y'isanamu, Abahinga bahanura abagore kubwira abakunzi babo ikibaryohera gusumba n'ico bohindura mu mibonano mpuzabitsina yabo

Kuri iyi mvo nk’uko bisigurwa n’uno muhinga, intego nyayo mu kumufasha ni ukubumvisha akamaro ko kuyaga, atari gusa imbere canke inyuma y’imibonano mpuzabitsina, ariko no mu gihe cayo.

"Hariho abagore babanza kuryohereza umugabo hanyuma nabo bagakunda gushika ku musozo ubwa nyuma mu kwiryohereza bo nyene".

Héctor Galván, wo mu kigo c'i Madrid c'inyifayo n'ibijanye n'imibonano mpuzabitsina

"Bategerezwa kumenya ko umukunzi adashobora kwibwira ingene biyumva mu mubiri n’ico bakeneye kugira ngo bashobore kurangiza".

Iyindi mvo Galván n’abo bakorana babonye mu gihe bariko bumviriza ababituye, ni ikibazo co kurangiza ningoga.

Uno muhinga ati: "Iki ni co kintu nyaco dukunze guhura naco.

"Kenshi na kenshi, umugore aza wenyene kubera atinya kubabaza umukunzi wiwe, hanyuma, mu mwiherero, akatubwira ko mu bisanzwe bamara akanya gato bari mu mibonano mpuzabitsina, ibi bigatuma ata kanya ashobora kuronka wewe ko gushika ku musozo.

"Iyi ni inkuru nziza kuko gutorera umuti ikibazo co kurangiza ningoga kiroroshe cane. Inyishu iroroshe gusumba iyo hari izindi ngorane".

Muri ico gihe nyene, umugore asabwa kubivuganako n’umukunzi wiwe.

"Ni nkenerwa kwiga ingene woshikiriza iki kibazo. Ntugishikirize nk’uko woba ushaka kumukengera canke kumwitwarira, ariko raba ingene ugishikiriza nk’inzira yo kugitorera umuti".

Kandi, nk’uko uno muhinga abivuga, guhindura imvugo gato gusa birashobora gufasha kugira ngo ntihabe icuka kibi hagati y’abubakanye.

"Mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina, abagabo n’abagore bafise ibintu vyabo basaba ku gatwe kabo, ingorane n’ibibazo vyabo", ni co gituma ari ngombwa kumenya ingene ukwiye kubikora.

Inkabuzo idakwiye

Ku bwa Galván, muri ino myaka ya vuba, yasanze harabaye akarusho hagati y’abakundanye ku bijanye n’umwanya bamara bariko barakaburana imbere yo gutangura imibonano yabo.

Ati: "Mu myaka mirongo, vyari bimenyerewe ko uruhande rumwe ari rwo rwiryohererwa, ko abagabo ari bo bironderera vuba vuba kuryoherwa, ariko ibi biriko birahinduka".

Ingorane si umwanya kanaka bamara bariko barakaburana, ahubwo igikenewe cane ni ukuvugana.

Hagati y’abagore/abakobwa bakundana bafise ibitsina bimwe, haraba ukuvugana kwisanzuye muri rusangi, ariko si ko ibintu bimeze hagati y’abakundana bafise ibitsina bitandukanye, nk’uko abahinga babivuga.

"Turiko turabumviriza, vyabonetse ko, baba abagabo, baba abagore, nta na bamwe bategura abakunzi babo uko bikwiye kuko, ubiravye, nta n’umwe atahura ingene uwundi yiyumva muri we".

gufata umwanya ukwiye wo gutegurana imbere y'imibonano mpuzabitsina ni kirumara

Ahavuye isanamu, ISTOCK

Insiguro y'isanamu, Gufata umwanya ukwiye wo gutegurana imbere y'imibonano mpuzabitsina ni kirumara

Igikenewe ni uko umugore asigurira umukunzi wiwe (umugabo canke umugore) igikwiye gukorwa, ingene cokorwa, umurindi cokorwako, n’igihimba c’umubiri cokorerwako.

"Kenshi abagore batubwira ko umugabo atazi gukabura imbezi [clitoris], hanyuma iyo tubabajije nimba babivugana n’abakunzi babo, baraduhakanira kuko banka kubababaza canke kubera bitabagononokeye".

Hanyuma muri ico gikorwa co gukaburana, ukwikinisha bishobora kugira uruhara rudasanzwe ku bagore benshi, atari gusa imbere y’imibonano mpuzabitsina mu ntumbero yo kwikabura no gutuma igitsina cabo kizana amazimazi (ikintu nkenerwa kugira ngo vyorohe ko umukunzi wiwe amwinjira), ariko kandi n’inyuma yaho.

"Hariho abagore babanza gukabura abakunzi babo (mu kubinjira) hanyuma bagashima gushika ku musozo mu kwikinisha bo nyene. Ubwo buryo bwose buremewe".

Kubura inambu y’imibonano mpuzabitsina

Igisata c’Ubwongereza kijewe amagara y’abantu National Health Service (NHS) kivuga ko inambu y’imibonano mpuzabitsina ishobora kugabanuka iyo urugero rw’imisemburo ya testosterone y’umugore rugabanutse.

Imisemburo ya testosterone ikorerwa mu dusaho tw’igi ry’umugore no mu kizwi nka glandes surrénales rero iyo ibi bice bidakora neza, bishobora kugira ingaruka mbi ku mugore, cane cane ku bijanye n’imibonano mpuzabitsina.

Ni co gituma ari nkenerwa ko yokwama yisuzumisha kwa muganga iyo agize ibibazo vy’imisemburo nkaburamubiri.

Iyo ari ikibazo gishingiye kw’igabanuka ry’imisemburo nkaburamubiri nk’izi za testosterone canke estrogen, umuganga arashobora kukwandikira imiti yo kuvura ibibazo bishingiye ku misemburo.

Ikiyago hagati y'umugore n'umukunzi wiwe ni kirumara mu bijanye n'imibonano mpuzabitsina

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ikiyago hagati y'umugore n'umukunzi wiwe ni kirumara mu bijanye n'imibonano mpuzabitsina

NHS isigura ko kubura inambu (ubushake) y’imibona mpuzabitsina bishobora kugira ingaruka ku bagore mu bihe bitandukanye vy’ubuzima bwabo.

Nk’akarorero, mu gihe afise imbanyi, inyuma yo kuvyara, mu bihe vy’ibibazo bibahagarika umutima, no mu gihe c’ubucamvyaro.

Agahinda, ihahamuka mu mutwe, ugufata imiti imwe imwe n'ingorane zishingiye ku misemburo nkaburamubiri bishobora kugira ingaruka ku mibonano mpuzabitsina be no ku bijanye no kurangiza.

Kwizigitira ku kazi

Abajijwe na BBC Mundo, uno muhinga mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina avuga ko iyo ikigo ciwe c’ubuvuzi gisesanguye umwidondoro wa bamwe mu bacitura, gisanga hari abafise kamere yo kwizirika, gukunda ikintu birengeje no kurondera kwama bari imbere muri vyose.

"Iyo bishitse umuntu asanzwe ashika ku musozo ntarangize – bikaboneka ko afise kamere yo kwihatira ku kintu – kuva ngaho, mu mibonano izokurikira, azoca atangura kwiraba, kugira ngo ahinyuze nimba koko ashobora gushika ku musozo. Inyifato nk’iyo ica ituma udashobora kubishikako kuko uba wamaze kwiteza uruhagarara muri wewe rushingiye ku bushobozi bwawe".

Muri ico gihe, kwiyorosha no kwinezereza bica bisubira kuba ngirakamaro.

Ububabare mu mibonano mpuzabitsina

Ububabare canke ingwara iyo ari yo yose ni ngombwa kubimenyesha umuganga kugira ngo abivure

Ahavuye isanamu, ISTOCK

Insiguro y'isanamu, Ububabare canke ingwara iyo ari yo yose ni ngombwa kubimenyesha umuganga kugira ngo abivure

Mu bijanye n’ibibazo vy’irondoka, hari ibindi bintu bigira ingaruka ku bushobozi bw’umugore bwo kurangiza.

Kimwe muri vyo ni icitwa vaginisme, ukwituna kw’imitsi yo hepfo y’igitsina c’umugore, "ibi bigatuma agira ububabare mu gihe c’imibonano mpuzabitsina canke mbere ntinashoboke", nk’uko NHS ibisigura.

NHS iti: "Ibi bishobora gushika iyo umugore afashe ko imibonano mpuzabitsina ari ububabare canke ikintu kibi, canke iyo hari ikintu camubabaje cane mu gihe co kuvyara, canke akaba yavyaye babanje gusasira".

Iyindi ngwara, nk’uko Galván abivuga, ni iyizwi nka dyspareunie, ituma abagore bumva ububabare bw’imbere cane, ubushe canke kutiyumva mu gihe c’imibonano mpuzabitsina, haba n’imbere canke inyuma y’imibonano mpuzabitsina.

Ku bwiwe, ibi birarwiriye cane gusumba vaginisme.

Dyspareunie ishobora guterwa n’ikibazo co mu mutwe canke ingwara, rero ni nkenerwa kuyivuza kuko "iyo ubwonko bufatanije imibonano mpuzabitsina n’ubu bubabare, bizogira ingaruka mu bijanye no gukumbura igitsina, ibizotuma ata mibonano mpuzabitsina ishobora kuba".

Iyo igitsina c’umugore kirwaye canke kikuma, ni nkenerwa kuja kwa muganga kugira uvurwe kuko ingaruka zishobora kuba nini gusumba ibijanye n’imibonano mpuzabitsina.

NHS isigura iti: "Ububabare mu gihe c’imibonano mpuzabitsina burakunze kwibonekeza mu gihe c’ubucamvyaro, kubera urugero rwa estrogen rugabanuka igitsina kikuma.

"Ibi bishobora kugira ingaruka ku mibonano mpuzabitsina ku mugore, ariko hari amavuta ashobora gufasha".

Ibibazo vy’umubano binyegeje

Imwe mu mvo za nyuma uno muhinga ashira ahabona ifitaniye isano ni umubano.

Uno muganga avuga ati: "Kenshi na kenshi, abubakanye baratwitura bafise ikibazo kijanye n’uko umugore atarangiza, kandi mu mwihwezo tugira, dusanga hari ibibazo mu mubano wabo".

Iyo biri uko, bisabwa ko bagerageza kwibanda ku gikorwa co gutorera umuti izo ngorane zitagira ingaruka ku mibonano mpuzabitsina gusa, ariko kandi no ku bindi bisata vy’ubuzima bw’abubakanye.