Papa avuga ko ukuryoherwa mu mibonano mpuzabitsina ari 'ingabire iva ku Mana'

Ahavuye isanamu, Getty Images
Papa François yavuze ukuryoherwa mu mibonano mpuzabitsina ari ''ingabire (impano mu Kinyarwanda) iva ku Mana'' ikwiye ''kwitonderwa mu kwihangana''.
Yagabishije kandi ko amasanamu n'amashusho y'imibonano mpuzabitsina (pornographie), atanga ''uguhimbarwa ata mibobonano [ibaye]'' kandi ko ashobora gutuma bicika ingeso yo kutihangana [kuyaraba].
Papa yariko avugira mu kiganiro rusangi yama atanga i Vaticano buri iminsi yose ku wa gatatu.
Iryo jambo, riri mu rukurirane rw'inyigisho ku bitabereye gukorwa n'ubugorotsi, ryashimikiye ku co Papa yise ''ishetani y'ipfa''.
Uwo mwungere wa Ekereziya yavuze ko ipfa ''rirengera imigenderanire hagati y'abantu,'' abandanya avuga ko ''amakuru ya buri munsi yerekana bihagije ukwo kuri''.
''Ni bangahe batanguye neza cane ariko mu nyuma imigenderanire yabo ikarangira nabi?'' niko yabajije.
Papa ivyo yabivuze mu gihe umukuru mushasha w'igisata c'inyigisho, Cardinal Manuel Fernández, yaneguwe cane kubera igitabo yanditse agasohora mu myaka ya 1990 citwa Mystical Passion: Spirituality and Sensuality.
Ico gitabo, ubu kopi zaco zose zamaze kugurwa, kivuga ku mibonano mpuzabitsina y'abantu kandi kikavuga ceruye ibiba iyo umugabo n'umugore bashitse kw'itsitso ryayo (orgasme).
Mu kiganiro yahaye Crux, ikigo gisohora ibitabo ku mbuga ngurukanabumenyi, Cardinal Fernández yavuze ko ico gitabo yacanditse akiri muto ko ''ivyo ari vyo vyose atoshobora'' kucandika ubu.
Abagendera mu nzira za kera bavuze ko ico gitabo ''gitaye umurongo'', umwe akaba yavuze ko cerekana ko Cardinal Fernández atari ''akwiye'' gushingwa amabanga y'inyigisho za Ekleziya.
Si ubwa mbere Papa canke Cardinal Fernández bavyura uburakari bw'abagendera mu nzira za kera mu muryango w'Abakatorika.
Mu kwezi kwa Kigarama (12), Cardinal Fernández yazanye inyandiko, mu nyuma yahavuye yemezwa na Papa François, isobanura ingingo abapatiri bazokwisunga mu guhezagira abarongoranye bafise ibitsina bisa vyari bigifatwa nk'uko ari igicumuro.
N'ubwo Cardinal Fernández yashimitse avuga ko izo ngingo zidasigura ko bene abo bantu bemewe mu maso ya Ekreziya Katolika, kuri benshi mu bagendera mu nzira za kera, akaba kari kamaze kuba.
Cardinal Gerhard Müller, yari umukuru w'igisata c'inyigisho ku gihe ca Papa Benoit XVI, yariyamirije iyo nyandiko ya Vaticano. Mu nyishu ndende yashize ku mbuga ngurukanabumenyi, Cardinal Müller yavuze ko umupatiri yohezagira abarongoranye bafise ibitsina bisa coba ari ''igikorwa c'isakirirego kandi gituka Imana''.
''Dufatiye ku cotuma bene uwo muhezagiro utangwa, aho ho n'ibitaro bikorora inda canke umugwi w'inkozi z'ikibi vyohezagirwa,'' niko yavuze.
Abihebeye Imana hirya no hino kw'isi nabo barasohoye amatangazo biyamiriza iyo ngingo, harimwo Abanyamerika bagendera mu nzira za kera, kuva kera bamye bateye ku biri n'imigambi ya Papa yo kuzana impinduka muri Ekereziya Katolika.
Icuka kiba cagiye gushika kw'isonga aho Papa yirukaniye umwe mu bamunegura cane, umukaridinari w'umunyamerika Raymond Burke akamukura mu nzu yabamwo i Vaticano akanamuhagarikira umushahara.










