Kardinali George Pell ati: Papa Francis ni ‘akaga’

Ahavuye isanamu, Vatican Media
George Pell, umukardinali atabonwa kumwe akaba aherutse gusandaba, yarasohoye urwandiko rutagira izina rya nyenerwo anegura uburongozi bwa Papa, aho yavuga ko ari “akaga”, nk’uko bivugwa n’umumenyeshamakuru yarusohoye.
Uyu mukardinali w’umunya-Australia yasandavye ku wa kabiri afise imyaka 81 yarabaye umwe mu bafasha ba Papa Francis/François bo hejuru imbere yo gutanga imihoho kugira ngo ahangane n’ibirego vy’ihohotera rishingiye ku gitsina yagirizwa ko yakoreye abana.
Uru rwandiko rwasohorewe ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Vaticano mu mwaka uheze ruriko izina atari ryo.
Rushira ahabona ivyo nyene kurwandika yita ko ari ivyo umupapa wa kino gihe yananiwe no kurangura hamwe n’urutonde rw’ivyokwisunga mu gutora uwuzomusubirira.
Muri uru rwandiko rutagira uwurwiyitirira, nyene kurwandika yavuze ko “Kristu ariko arigizwa kure” ya Ekleziya kuri Papa Francis kandi ko icubahiro ca poritike ca Vaticano cagabanutse gushika “ku rugero rwo hasi” ku burongozi bwiwe.
Uru rwandiko ruvuga ruti: "Abakunze gushikiriza ivyiyumviro vyabo ahantu hose, kumbure ku mvo zitandukanye…baremeza ko uburongozi bw’uyu mupapa ari ivyago mu buryo bwinshi canke hafi bwose; ni akaga”.
Rumwagiriza ko yinumiye ku bibazo bijanye n’inyifato ibereye – nko ku bijanye n’agateka ka zina muntu muri Hong Kong n’Ubushinwa hamwe n’igitero c’Uburusiya kuri Ukraine.
Uru rwandiko ruvuga ruti: "Ibikorwa nyamukuru ku mupapa mushasha kuzoba ugusubiza ibintu mu nzira nziza, kugarukana umuco mu kwemera no mu nyifato ibereye, kugarukana iyubahirizwa ry’amategeko no kwemeza ko ikintu ca mbere co gufatirako mu kugena abepiskopi ari ukwemera kugendera ku mico y’abatumwa”.
Umumenyeshamakuru w’umutaliyano, ari na we yasohoye uru rwandiko ubwa mbere, yabwiye Reuters ejo ku wa kane ko Kardinali Pell yari “yashatse ko ndarusohora”.
Patiri Joseph Hamilton, umunyamabanga wa Kardinali Pell, yaranse kugira ico ashikirije ku binyamakuru bitari bike vyamurondeye, akavuga ko ikimuraje “ishinga gusumba ibindi ari ikigandaro”. Umuvugizi wa Vaticano na we nyene yanse kugira ico ashikirije.
Ejo ku wa gatandatu niho Papa Francis azosezera ubwa nyuma Kardinali Pell mu misa yo gusabira abapfuye, nk’uko bisanzwe bimeze kuba kardinali.
Mu ntango z’ino ndwi, ikinyamakuru The Spectator casohoye inkuru kivuga ko yanditswe na Pell imbere y’uko apfa.
Muri iyo nkuru, Kardinali Pell yavuga ko ibiganiro Papa yagiranye n’abalayike (laïcs) ku bibazo nkoramutima, nko ku vyerekeye inyigisho za Ekleziya ku bijanye n’ubuzima mpuzabitsina hamwe n’uruhara rw’abakenyezi, nk’ “indoto z’ubumara”.
Kardinali Pell yagenywe nk’umushikiranganji w’ikigega kuri Papa Francis mu 2014, kandi akaba yafatwa nk’umutegetsi aza ubugira gatatu i Vaticano.
Ariko uyu mutegetsi w’Ekleziya yavuye muri ano mabanga mu 2017 aca asubira muri Australia kugira ngo arenguke imbere y’ubutungane ku vyaha vy’ihohotera rishingiye ku gitsina yagirizwa ko yakoreye abana.
Yarakubiswe intahe mu gahanga ariko mu nyuma arezwa abanje kwunguruza.
Niwe mutegetsi wa mbere mukuru wa Ekleziya amaze gupfungirwa ivyaha nk’ivyo.
Kardinali Pell ni we mutegetsi wo ku rwego rwo hejuru muri Ekleziya Katorika ya Australia, akaba yarabaye musenyeri mukuru wa Melbourne hamwe na Sydney imbere y’uko Vaticano imutumako.










