Chris Sutton avuga ko umumenyereza wa Man United Jose Mourinho 'yigenza nk'umwana akuze'

Ahavuye isanamu, Reuters
Uwatwaye igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza, Chris Sutton avuga ko Jose Mourinho yitwaye "nk'umwana akuze" kandi Manchester United izotera intambwe ironse uwundi mumenyereza.
Manchester United imenyerezwa na Mourinho yatsinzwe n'umukeba wayo Manchester City 3-1 ku musi wa Mungu, bica bituma uwo mugwi ubarusha amanota umunani.
Inyuma y'urwo rukino, Mourinho yavuze ko City yatomboreye ku 'nkino za kivukanyi' zibiri yari yakinye, mu gihe United yari 'ikirushe' inyuma y'urukino rwayihuje na Juventus.
Sutton yavuze ko ivyo yashikirije 'bidatanga icubahiro' kandi ko 'ata shingiro bifise'.
City yatsinze Southampton 6-1 mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, yongera itsinda Shakhtar Donetsk 6-0 mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo imbere yo guhura na United, yari yatsinze Bournemouth 2-1 hamwe na Juventus 2-1 nyene.
Avugira kuri BBC 5 live mu kiganiro ca Monday Night Club, uwo mukinyi yahoze akinira Blackburn na Celtic, Sutton, yongeyeko ati:"United yararushijwe cane. Wamenga kwari ukurorera Manchester hamwe na Manchester y'abasubirizi.
"Hariho igihengeri kinini hagati yabo na City, kandi ibintu ntibigiye guhinduka kiretse gusa bahinduye umumenyereza.
"Icambabaje kuri jewe n'ivyo Mourinho yavuze inyuma y'urukino - atangura kwigenza nk'umwana. Ibi bizohagarara ryari?"
Mw'ihiganwa ryo mu mwaka uheze, United yari mu kibanza ca kabiri inyuma ya City, mu ci Mourinho akaba yagumye avuga ko uwo mugwi ukeneye abakinyi bashasha mu gihe boba bashaka ko batwara igikombe.
Umukinyi wo hagati w'umunye Brezil, Fred, ni we wenyene akomeye bazanye, ku miliyoni 47 z'amapawundi avuye muri Shakhtar Donetsk. Ayo mashetani atukura kandi yaraguze umukinyi w'inyuma akiri muto w'imyaka 19 Diego Dalot ku miliyoni 17.4 z'amapawundi avuye mu mugwi wa Porto, hamwe n'umunyegoli agira gatatu Lee Grant yahora muri Stoke.
Sutton yavuze ati:"Mourinho yagumye avuga ivyerekeye amahera ariko uko United imeze ubu vyokwihanganirwa uravye uko yari imeze mu mwaka uheze?"
"Yagumye avuga amahera City iriko irakoresha ariko bategerezwa kubanza gushikira n'imiburiburi Watford na Bournemouth ubwa mbere.
"Uravye na ho abakinyi bazanye, ni bangahe bamaze kwerekana ko bakome?
"Yoba yakoresheje amahera neza? Sindavyibaza. Kubera iki abarongoye umugwi wa United bamwizera ko azokoresha amahera neza mu kwezi kwa mbere?"










