Fidel Castro: Bamutega amabombe, amakaramu ariko ishano canke abagore bakundanye, ariko ararusimba

Fidel Castro

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Habaye integuro nyinshi cane zo kwica Castro, ariko nta n'imwe yigeze ishika ku ntego

Haraciye imyaka itanu uwahoze arongoye igihugu ca Cuba, Fidel Castro, ashengeye ku myaka 90, hari ku wa 25 Munyonyo (ukwa cumi na rimwe), inyuma yo kurongora iki gihugu mu kiringo kingana hafi inusu y'ikinjana.

Inyuma y'aho ubutegetsi bwa gikomunista busenyukiye mu bihugu bitari bike uhereye mu cahoze ari Repubulika Zunze Ubumwe z'aba Soviets, Castro wewe yabandanije n'intwaro yiwe ya gikomunista, n'aho umwansi wiwe rutura, Amerika, yabandanije amutera igitsure bikomeye.

Mu gihe uno musi abanya-Cuba bahimbaza imyaka itanu irangiye ashengeye, haribukwa ko yahatswe kugandagurwa incuro 638 zose, ariko akarusimba.

Ikizwi cane gushika ubu mu vyahatswe guhitana ubuzima bwiwe ni umusogoto w'itabi (cigar) yari yashizwemwo ubumara - ariko none izo ncuro 637 zindi ni izahe?

Hari imitego myinshi cane yategwa umuntu atari kwiyumvira ko yokoreshejwe, agahuzu ko kwogana, canke ibinini birimwo isumu vyanyegejwe mu mavuta yo kwisiga mu maso, nk'uko bivugwa n'uwahoze ari mu bamucungerera ubuzima mu gitabo yanditse.

Urwego rw'igendereza ryo hanze rwa Amerika CIA hamwe n'impunzi z'abanya-Cuba bari bahungiye muri Amerika bamaze hafi inusu y'ikinjana bategura imigambi yo kugandagura uyu mutegetsi yafatwa nk'umwansi ruhebwa kuri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Uyu mutegetsi wenyene ubwiwe yarivugiye igihe kimwe ati: "Iyaba gusimba urupfu kwari mu nkino za Olempike, mba naratsindiye umudari w'inzahabu".

Ariko gusa, hari integuro nyinshi zitashoboye gushirwa mu ngiro, nk'uko bivugwa n'uwahoze amuncungerera ubuzima, Fabian Escalante.

Inzandiko zashizwe ahabona n'ubutegetsi bwa Perezida Bill Clinton zerekanye ko igihe kimwe CIA yatanguye kwiga ingene bomugandagura hakoreshejwe ibifyera vyo mu mazi bizwi nka mollusque des Caraïbes / Caribbean molluscs.

Marita Lorenz
Insiguro y'isanamu, Uwahoze ari umukunzi Marita Lorenz yararungitswe kumwica, ariko vyaranse ko ashika ku mugambi

Integuro kwari ugufata kimwe muri ibi bifyera vyo mu mazi kidasanzwe, bakagipakiramwo ibibombe kugira ngo Castro aryoherwe ni yakibona, hanyuma, kubera yari umuntu akunda kwoga, bace bagituritsa agiye kugitora.

Ayandi mayeri afitaniye isano n'iki kwari ugukora umwambaro wo kwoga bari gushiramwo imigera kugira ngo bamutere ubumuga bwo mu mutwe. Ariko izi nteguro zompi yahavuye ihebwa.

Haciye imyaka mirongo, mu 1975, umurwi w'inama nkenguzamateka ya Amerika ujejwe amashengero washize ahabona icegeranyo ku nteguro n'imiburiburi umunani zo kugandagura Castro hakoreshejwe amayeri uyu murwi wavuga ko arengeye ukwiyumvira kw'umuntu.

Hari umugambi wateguwe ugahakwa gushika ku ntumbero incuro zibiri zose wabaye uwo gukoresha isumu/uburozi bakarungika imirwi y'abantu kuwushira mu ngiro, nk'uko iki cegeranyo kibivuga.

Igihe Perezida Kennedy yicwa - uyu akaba ari we yarekuye igitero carondera kugandagura Castro mu 1961 ariko kikaburizwamwo - niho, hafi muri uwo mwanya nyene, umukozi wa CIA yaha mugenziwe wa Cuba ikaramu y'isumu irimwo agashinge gatoya.

Mu gihe ari icitegererezo kuri bamwe, Castro na Cuba yiwe bari abansi rutura kuri Amerika

Ahavuye isanamu, AFP/Getty

Insiguro y'isanamu, Mu gihe ari icitegererezo kuri bamwe, Castro na Cuba yiwe bari abansi rutura kuri Amerika

Amakuru avuga ko uyu mukozi w'igendereza wa Cuba atishimiye iyi karamu akaba yaciye asaba ikindi kintu "giteguye neza gusumba".

Umwe mu bagore bahoze bakundana na Castro, Marita Lorenz, na we nyene yarakoreshejwe. Yahawe ibinini vy'uburozi kugira ngo abishire mu kinyobwa ca Castro.

Ariko Castro yaciye abihinyura, akavugwa ko yaciye amuha inkoho yiwe ngo apfume aba ari yo akoresha mu kumwica.

Uwo mugore Lorenz yabwiye ikinyamakuru New York Daily News ko Castro yamubwiye ati: "Ntushobora kunyica. Nta n'umwe ashobora kunyica".

"Yaciye yitwengera, abandanya yinywera itabi (cigar) ryiwe. Numvise n'impwemu zimperanye. Yaciye amfata arangumbira. Mbere turanarangura imibonano mpuzabitsina".

Posada (R)

Ahavuye isanamu, AFP/Getty

Insiguro y'isanamu, Umunya-Cuba yari yarahunze akaba yari umukozi wa CIA Luis Posada (i buryo) yarapfunzwe yagirizwa gutegura kugandagura Castro muri Panama mu 2000

Umugambi wa vuba uzwi cane wo kugandagura Castro ni uwo mu 2000, igihe yari muri Panama, maze bategura gushira ibibombe vyinshi munsi ya podium yategerezwa guhagararako mu gushikiriza ijambo. Uyu mugambi warateshejwe n'abari bajejwe kumucungerera umutekano.

Abagabo bane, harimwo umutama w'impunzi w'umunya-Cuba akongera akaba umukozi wa CIA Luis Posada, barapfunzwe ariko mu nyuma bagirirwa ikigongwe.

Hari kandi n'iyindi migambi yo guteza urubwa Castro, yari azwi kandi nka "The Beard" (umugabo w'ubwanwa bwinshi), aho kumwica.

Umwe muri iyi migambi kwari ukunyanyagiza umunyu wa thallium mu birato vya Castro mu rugendo yari yateguye hanze y'igihugu, aha bakaba bari bizeye ko ubwanwa bwiwe bwari guca buvunguka. Ariko Castro amaze guheba urwo rugendo, uwu mugambi waciye upfa.

Castro

Ahavuye isanamu, Keystone

Insiguro y'isanamu, Ubwanwa bwa Castro nabwo nyene bwarakoreweko mu migambi yaburijwemwo yo kurondera agahanga kiwe

Uwundi mugambi wari uwo gusukira ivyuka vy'uburozi bizwi nka LSD hafi yiwe agiye gushikiriza ijambo ku mboneshakure, bakibaza y'uko yari guca ata ubwenge ari kuri micro.

Castro azwi ko igihe cose yagumye yiyubara mu gufata ingingo zo kwikingira abariko barondera agatwe kiwe. Ariko mu 1979, igihe yari afashe indege agiye i New York gushikiriza ijambo inama ya bose ya ONU, yaratangaje abantu.

Abanyamakuru bari bamurindiriye ku ndege bamubajije nimba yari yambaye ishati idatoborwa n'amasasu, yaciye yugurura ibifungo yerekana igikiriza ciwe.

Ati: ''Jewe mfise ishati yo kwihagararako".