Mourinho yakurikiranywe ku majambo y'ibitutsi yasohoye bahura na Newcastle

Jose Mourinho uwa mbere (i buryo)

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Intsinzi kuri Newcastle niyo yarangije igihe United yarimazemwo ikinye inkino zine idatsinda

Umumenyereza wa Manchester United Jose Mourinho yakurikiranywe ku majambo yasohoye mu rurimi rw'i Portugais kuri kamera ya televiziyo bahejeje gutsinda Newcastle.

Bivugwa ko Mourinho yakoresheje imvugo "irenze urugero, yo gutukana, imvugo itabereye" inyuma yaho batsindiye 3-2 bavuye inyuma ku kibuga Old Trafford itariki 6 z'ukw'icumi.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ryakoresheje akuma gasoma ivyo umuntu yavuze, munyuma amajambo y'uwo mugabo w'imyaka 55 avugwa ko arayo gusotorana.

Mourinho amaze igihe ashinzw'ijisho n'abamugaba, hakaba amakuru avuga ko ashobora kwirukanwa.

Umugwi wiwe wari watsinzwe 2-0 na Newcastle imbere yuko igice ca mbere kirangira, ariko winjiza ibitsindo bitatu mu minota 20 ya nyuma bituma urukino ruhinduka.

Inyuma y'urukino, Mourinho yavuze ko "agiye kwihurira n'uwumuhama".

Igitsindo ca Alexis Sanchez co ku munota wa 90 catumye batsinda mu gihe bari bamaze gukina inkino zine zikurikirana badatsinda, bukaba ari ubwa mbere United itangura nabi ihiganwa muri ino myaka 29 irangiye.

Uwo mugwi ni uw'umunani ku rutonde rw'amanota.

Mourinho afise gushika ku wa gatanu isaha 18:00 BST ngo abe yagize ico avuga kuvyo yagirizwa.