Romelu Lukaku avuga ko umumenyereza wa Man Utd Jose Mourinho 'atigirisha'

Lukaku and Mourinho

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Romelu Lukaku yagiye muri Manchester United avuye muri Everton ku miliyoni 75 z'amapawundi mu 2017

Umukinyi w'imbere wa Manchester United Romelu Lukaku avuga ko Jose Mourinho atigirisha kandi atanyegeza uko yiyumva nk'abandi bamenyereza bo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Umumenyereza wa Mn United yasavye ibinyamakuru kwumwubahiriza inyuma y'ikiganiro n'abamenyeshamakuru caranzwemwo agashavu bivuye ku gutsindwa 3-0 na Tottenham ku kibuga ca Old Trafford mu kwezi kw'umunani.

Ariko Lukaku yavuze ko uwo munye Portugal ari nk'umugabo mu rugo, aratwenza abakinyi kandi arabagwanira, rero ko akwiye icubahiro.

Didier Drogba

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Lukaku avuga ko avugana buri musi n'uwo bahoze bakinana muri Chelsea Drogba

Lukaku avuga ko "Abantu bazi uruhande rumwe rwiwe, ko ari we atsinda gusa."

"Ariko ico ndamukundira, ntanyegeza uko yiyumva. Ashavuye uramenya ko yashavuye. Anezerewe urabona ko anezerewe.

"Sinumva impamvu abantu badakunda ukuntu yigaragaza uko ari. Anshavuriye ndamenya ko anshavuriye, hanyuma nkagerageza gukora ivyo ashaka hanyuma agaca anezerwa."

Thierry Henry

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Thierry Henry ni icegera c'uwaoze amenyereza Lukaku mu mugwi nserukiragihugu w'Ububiligi Roberto Martinez

Mu kiganiro yahaye Dion Dublin mu kiganiro ca Focus (ku wa gatandatu isaha 12:00 BST kuri BBC One), uwo mukinyi w'imbere w'Ububiligi yavuze uko yigiye umupira ku mukinyi w'imbere yahoze akinira Arsenal umufaransa Thierry Henry hamwe n'uwahoze ari umukinyi w'imbere wa Chelsea Didier Drogba, imigenderanire afitaniye n'uwahoze amenyereza wa Everton Ronald Koeman kandi ko yipfuza kurangiza gukina umupira w'amaguru atakarigangamuhogo afise.

Ronald Koeman

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ronald Koeman yabaye umumenyereza wa Everton mu 2016