Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Romelu Lukaku avuga ko umumenyereza wa Man Utd Jose Mourinho 'atigirisha'
Umukinyi w'imbere wa Manchester United Romelu Lukaku avuga ko Jose Mourinho atigirisha kandi atanyegeza uko yiyumva nk'abandi bamenyereza bo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.
Umumenyereza wa Mn United yasavye ibinyamakuru kwumwubahiriza inyuma y'ikiganiro n'abamenyeshamakuru caranzwemwo agashavu bivuye ku gutsindwa 3-0 na Tottenham ku kibuga ca Old Trafford mu kwezi kw'umunani.
Ariko Lukaku yavuze ko uwo munye Portugal ari nk'umugabo mu rugo, aratwenza abakinyi kandi arabagwanira, rero ko akwiye icubahiro.
Lukaku avuga ko "Abantu bazi uruhande rumwe rwiwe, ko ari we atsinda gusa."
"Ariko ico ndamukundira, ntanyegeza uko yiyumva. Ashavuye uramenya ko yashavuye. Anezerewe urabona ko anezerewe.
"Sinumva impamvu abantu badakunda ukuntu yigaragaza uko ari. Anshavuriye ndamenya ko anshavuriye, hanyuma nkagerageza gukora ivyo ashaka hanyuma agaca anezerwa."
Mu kiganiro yahaye Dion Dublin mu kiganiro ca Focus (ku wa gatandatu isaha 12:00 BST kuri BBC One), uwo mukinyi w'imbere w'Ububiligi yavuze uko yigiye umupira ku mukinyi w'imbere yahoze akinira Arsenal umufaransa Thierry Henry hamwe n'uwahoze ari umukinyi w'imbere wa Chelsea Didier Drogba, imigenderanire afitaniye n'uwahoze amenyereza wa Everton Ronald Koeman kandi ko yipfuza kurangiza gukina umupira w'amaguru atakarigangamuhogo afise.