Mourinho aracashigikiwe n'umugwi wa Man United n'inyuma yo gutsindwa na Tottenham

Jose Mourinho

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umumenyereza wa Manchester United, Jose Mourinho, aracizewe n'uwo mugwi n'inyuma yo gutsindwa na Tottenham ibitego 3-0.

Man United imaze gutsindwa inkino zibiri kuri zitatu za mbere zatanguriye ihiganwa ryo mu Bwongereza, incuro ya mbere kuva mu mwaka 1992-1993.

Ariko, abarongoye uwo mugwi bafise icizere ko Mourinho ashobora guhindura uko ibintu bimeze ubu umwanya n'umwanya.

Umumenyereza Jose Mourinho w'imyaka 55, yamaze umwanya muremure ku kibuga ca Old Trafford akomera amashi abakunzi ba Man United aranabashimagiza mu kiganiro yatanze ku mboneshakure.

Abajijwe ivyashikiye abakinyi b'inyuma mu kiganiro yatanze inyuma y'urwo rukino, yakirije intoke zitatu aca avuga:"Murazi ico ibi bisigura? ego bisigura ibitego 3-0, ariko kandi bisigura amahiganwa atatu yo mu Bwongereza - nkaba maze gutsinda menshi ndi jenyene gusumba abandi bamenyereza 19 bose ubashize hamwe. Atatu kuri jewe gusa. abiri kuri bose."

Mu gihe yari agiye kugenda, yabwiye umumenyeshamakuru:"Icubahiro! Icubahiro" Icubahiro wa mugabo we!"

Mu ndwi iheze, uwo mumenyereza w'umunye Portugal yavuze ko "ata kibazo " afitaniye n'icegera c'umunyamabanga wa United Ed Woodward vyanuganugwako ko batagicana uwaka.

Mourinho yagiye muri Unitd mu 2016, atsinndira igikombe ca League hamwe n'ica Europa mu mwaka wa mbere, mu gihe bari mu kibanza ca gatandatu mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Mourinho yatwaye igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza incuro zitatu zose amenyereza umugwi wa Chelsea, atwara ibikombe bibiri muri Portugal na kimwe muri Espagbe, akaba yaranatwaye igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa buraya incuro zibiri.