Jurgen Klopp yabwiye Mourinho ko "ata co arondera muri Manchester United"

Liverpool irakina na Man United mu rukino rwa kivukanye mu kwitegurira ihiganwa ryimirije

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp avuga ko imwe mu ntumbero yiwe mu buzima bwiwe ari ugutuma umumenyerea wa Manchester United amwenyura, inyuma y'aho Mourinho avugiye ko Liverpool itegerezwa gutwara igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Mourinho yavuze ko uwo mugwi wa Liverpool ufise akaryo keza ko gutwara ico gikombe inyuma yo gukoresha imiliyoni 170 z'amapawundi mu kugura abakinyi mu mpera z'ihiganwa riheruka.

Ariko Klopp yiyamirije ayo majambo imbere y'uko haba urukino ruzobahuza ku musi w'Imana mu gisagara ca Michigan mu guhiganirwa igikombe mpuzamakungu.

Uwo mudagi yavuze ati:"Ni uburenganzira bw'uwo ari we wese, nta kibazo mfitaniye na Mourinho."

"Dukora uko dushoboye ngo tunezereze abakunzi bacu na ba nyene umugwi nta wundi muntu turaba kandi nta co ndondera muri Manchester United."

Izo nyishu za Mourinho zije zikurikira ivya Mourinho yari yashikirije ko Liverpool ishobora guca uwundi muhigo mu Bwongereza mw'ihiganwa ryimirje mu gukoresha imiliyoni 250 z'amapawundi mu kugura abakinyi mu mezi 12 aheze.

Muri ivyo biharuro harimwo umuhigo w'isi w'imiliyoni 66.8 z'amapawundi baguze umunyegoli wa Roma, Alisson, n'imiliyoni 75 z'amapawundi batanze mu kugura umukinyi w'inyuma Virgil Van Dijk wo muri Southampton mu kwezi kwa mbere.

Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp

Muriuyu mwaka, umukinyi wo hagati w'igihugu ca Guinee, Naby Keita, yaraje muri Liverpool avuye muri RB Leipzig ku miliyoni 50 z'amapawundi, umukinyi wo hagati wa Brezil Fabinho na we yaje avuye muri Monaco ku miliyoni zoba zishika 40 z'amapawundi, hamwe n'umukinyi w'imbere w'Ubuswise Xherdan Shaqiri yaguzwe imiliyoni 13 z'amapawundi.

Liverpool landi yararonse imiliyoni 142 z'amapawundi inyuma yo kugurisha Philippe Coutinho muri Barcelone mu kwezi kwa mbere.

Abajijwe ku kungene Liverpool yakoresheje amahera, Mourinho yavuze ati:"Nta mugwi wundi mbona wo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza izoshikira ayo mahera - umugwi washitse mu rukino rwa nyuma rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya, ni ngombwa ko umenya ko bitanga cane. ni Ngomba batsinde."

Abajijwe nimba ari ngombwa atsinde ihiganwa ryo mu Bwongereza uyu mwaka, Klopp yishuye ati:"Sindavyibaza. Nzoca nirukanwa ku kazi nintatsinda?Bizovana n'ingene tuzokina."