Romelu Lukaku ntaza gukina urukino ruhuza Ububiligi n'Ubwongereza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Vyitezwe ko umukinyi w'imbere w'Ububiligi ataza gukina mu rukino rukomeye rubahuza n'Ubwongereza mu gikombe c'isi.
Urwo rukino ruza kubera mu gisagara ca Kaliningrad ni rwo ruza kwerekana uhejeje ihiganwa ari uwa mbere mu mugwi G.
Urwo rukino rutegekanije kuba isaha zibiri z'ijoro mu masaha yo mu Rwanda no mu Burundi.
Uwo mukinyi w'imbere wa Manchester United w'imyaka 25 yababaye ku kuguru mu rukino rwo ku musi wa gatandatu rwabahuje na Tunisia aho bayitsinze ibitego 5-2.
Umumenyereza w'Ububiligi Roberto Martinez yavuze ko Lukaku bamupimye basanga ntashobora gukina urukino rubahuza n'Ubwongereza.
Martinez yavuze " Nibaza ko kugira akire bizofata akanya."
Lukaku amaze gutsinda ibitego bine mu gikombe c'isi mu Burusiya gushika ubu, akaba arushwa na Harry Kane w'Ubwomgereza igitego kimwe.
Mu gihe iyo migwi yose ibiri yamaze kuronka uburenganzira bwo kubandanya ihiganwa, kandi ikaba inganya amanota, ibitego bamaze kwinjizwa n'ivyo binjije, uko abakinyi baza kwigenza mu kibuga ni ko kuza kwerekana uwuza guheza ari uwa mbere mu gihe bonganya muri urwo rukino. Uwuza kuronka ikarata ni we aca aza kuba uwa kabiri.
Mu gihe na ho bonganya amakarata, bashobora guca batomboza hakoreshejwe udukaratasi mu gutora uwuza kuba uwa mbere.
Uwuza kuba uwa mbere mu mugwi G azohura n'uwuza kuba uwa kabiri mu mugwi H, uwuza gutahukana ikibanza ca kabiri na we azoca ahura n'uwabaye uwa mbere mu mugwi H










