Ububiligi na Senegal batsinze inkino zo kwitegurira igikombe c'isi

Ahavuye isanamu, AFP
Romelu Lukaku ni we yatsinze ibitego bibiri mu rukino Ububiligi bwatahukanyemwo intsinzi y'ibitego 4-1 ca Costa Rica, na yo Senegal yatsinze 2-0 Korea y'Epfo mu nkiza z'ivyo bihugu za nyuma zo kwitegurira igikome c'isi.
Ububiligi buri mu mugwi G, aho buri kumwe n'Ubwongereza, ntibwari bufise umukinyi wabwo w'inyuma Vincent Kompany yababaye.
Umukinyi w'ico gihugu wo hagati Eden Hazard na we nyene ntiyagaragaye cane, akaba yaciye ava mu kibuga ku munota wa 70.
Bryan Luiz ni we yari yatanguye kwinjiriza Costa Rica ku munota wa 24 imbere y'uko umukinyi w'imbere wa Naple Dries Mertens yishura ico gitego.

Ahavuye isanamu, AFP
Mu nyuma Lukaku yinjije imbere y'uko baja kuruhuka.
Hanyuma yhawe umupira na Michy Batshuayi yinjiza igitego ca kane muri urwo rukino rwabereye mu gisagara ca Bruxelles.
Mu gikombe c'isi, Ububiligi buzobanza gukina na Panama ku musi wa mbere, hanyuma Costa Rica na yo ihure na Serbia mu mugwi wabo wa E ku musi w'Imana.
Umumenyereza w'Ububiligi Roberto Martinez yavuze ko Hazard yavuye mu kibuga kubera yababara ku kuguru, ariko yongerako ko:" Ntacotuma haba ubwoba.
"Nanezerejwe n'ingene akina. Yakurikira cane kandi yari afise inguvu, yakinye neza cane."
Igitego ca Luiz cavuye ku busamazi bw'umukinyi wo hagati wa Tottenham Jan Vertonghen.
Ububiligi ni bwo bwagaragaye cane muri urwo rukino aho abankinyi babwe Hazard, Kevin de Bruyne na Mertens basatiriye bikomeye Costa Rica.

Ahavuye isanamu, Reuters
Senegal yatsinze Korea y'epfo 2-0
Igihugu ca Senegal na co barangije kwitegurira igikombe c'isi mu gutsinda Korea y'epfo ibitego 2-0 mu rukino rwabereye ku kibuga kitagira abarorerezi muri Autriche.
Moussa Konate ni we yatsinze igitego ca kabiri inyuma y'aho abo bariko barakina bitsindiye igitego giciye kuri Kim Young-gwon ku munota wa 67.
Uwo mukinyi w'umugwi wa Amiens yinjije penalite bituma uwo mugwi umenyerezwa na Aliou Cisse utahukana intsinzi.
Mu gikombe c'isi, Korea y'epfo izokina urukino rwayo rwa mbere na Swede mu mugwi F itariki 18 z'ukwezi kwa gatandatu mu gihe Senegal na yo izokina na Pologne mu mugwi H ku musi wa kabiri.










