Senegal iza ubwa mbere muri Afrika ku rutonde rushasha rwa Fifa

Umugwi nserukiragihugu wa Senegal, Lion de Teranga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umugwi nserukiragihugu wa Senegal, Lion de Teranga

Igihugu ca Senegal caduze mu kibanza ca 23 kivuye ku kibanza ca 32 ku rutonde rushasha rw'ishirahamwe mpuzamakungu ry'umupira w'amaguru kw'isi Fifa rwo mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Baciyeko kandi ibihugu vya Tunisia na Misri, gica kiba igihugu ca mbere kuri urwo rutonde ku mugabane wa Afrika.

Senegal igiye mu kibanza ca mbere inyuma y'aho umwigwi nserukiragihugu wa Lion de Teranga utsindiye inkino zibiri zabahuje na Afrika y'epfo mu kwezi kwa cumi na rimwe, bikaba vyatumye baja ku rutonde rw'abazoja mu nkino z'igikombe c'isi zizobera mu Burusiya mu mwaka uza.

Nigeria ni yo iri hasi mu bihugu vyaronse uburenganzira bwo kuja mu nkino z'igikombe c'isi, mu bihugu mirongo itanu vyo kw'isi harimwo umunani vyo muri Afrika.

Igihugu ca Burkina Faso ni co cateye intambwe igaragara muri Afrika kuko caduze ibibanza 11 mu kuja mu kibanza ca 44 kw'isi yose, n'ikibanza ca gatandatu muri Afrika.

Ibihugu biza imbere kuri urwo rutonde rwa Fifa kw'isi ni Ubudagi, Brezil, Portigal, Argentine n'Ububiligi.

Ibihugu cumi vya mbere muri Afrika bikurikirana gutya:

  • 1.Senegal (23)
  • 2.Tunisia (27)
  • 3.Egypt (31)
  • 4.DR Congo (36)
  • 5.Moroc (40)
  • 6.Burkina Faso (44)
  • 7.Cameroun (45)
  • 8.Nigeria (50)
  • 9.Ghana (51)
  • 10.Cote d'Ivoire (61)