Ububiligi bwegereje kuja mu gice c'umunani inyuma yo gutsinda Tunisia 5-2

Lukaku yinjirije igihugu c'Ububiligi ibitsindo bibiri bahura na Tunisia
Insiguro y'isanamu, Lukaku yinjirije igihugu c'Ububiligi ibitsindo bibiri bahura na Tunisia

Romelu Lukaku na Eden Hazard bose binjirije ibitsindo bibiri igihugu c'Ububiligi bwaciye buja hejuru y'Ubwongereza mu muce G bukaba bushobora kugira amahirwe yo kwinjira mu gice c'umunani.

Igitsindo ca gatanu cinjijwe na Michy Batshuayi.

Mu gihe uwo mugwi umaze gutsinda kabiri urashobora kubandanya mu gice c'umunani, ariko ntibirarangira neza, ivyo bikazotuma bagerageza gushira inguvu nyinshi inyuma mu rukino rukurikira.

Mu gihe Ubuligi bwotsindwa mu rukino rwa nyuma buhura n'Ubwongereza bufise amanota atatu, munyuma Panama igatsinda Ubwongereza hamwe na Tunisia, iyo migwi ukwo ari itatu yoba inganya amanota 6, hakaba hobandanya ibiri ya mbere ifise ibitsindo vyinshi.

Umugwi wa Tunisia ata nota na rimwe ufise, ufise amahirwe make yo kubandanya.

Ku munsi wa gatanu, umugwi w'igihugu wa Nigeria ukaba warahesheje agateka Afrika mu gutsinda umugwi wa Islande ubaye ubwa winjira mu gikombe c'isi 2 kuri 0.