"Lukaku akwiye guhagarikwa gukina kubera gutera umugere mugenzi we"

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi w'imbere wa Manchester United Romelu Lukaku yari akwiye guhagarikwa gukina kubera gutera umugera umunyezamu wa Brighton, Gaetan Bong, nk'uko bivugwa n'umusesenguzi wa BBC Ian Wright.
Ivyo vyabaye igihe uwo mugwi watsinda igitego 1-0 ku musi wa gatandatu , ariko umuhagarikizi Neil Swarbrick ntiyabibonye.
Akanama kajejwe umupira w'amaguru mu gihugu c'Ubwongereza kafashe ingingo ko adakwiye gufatirwa igihano na kimwe.#
"Nibaba basubiyemwo kuraba, kubera iki batabonye ko ivyabaye ari ikosa ryategerezwa guhanwa? nIVYO ". Wright ni ko yabwiye Radio BBC 5 Live.






