Maurizio Sarri ni we yagenywe mu mabanga y'umumenyereza mushasha wa Chelsea asubiriye Conte

Maurizio Sarri

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Maurizio Sarri yashikanye Naples mu kibanza ca kabiri mw'ihiganwa ryo mu Butaliano muri uyu mwaka urangiye

Maurizio Sarri yavuze ko ashaka kuzana "urukino rw'umupira runezereza" muri Chelsea inyuma yo kugenwa kuba umumenyereza w'uwo mugwi mu kiringo c'imyaka itatu, akaba asubiriye Antonio Conte aherutse kwirukanwa.

Uwo mugabo w'imyaka 59 asubiriye mugenzi we w'umutaliyano Antonio Conte yirukanywe kuri uyu wa gatanu inyuma y'imyaka ibiri yari amaze muri Chelsea.

Sarri yashikanye umugwi wa Naples mu kibanza ca kabiri mu myaka itatu amaze mw'ihiganwa ryo mu Butaliyano, uherutse kugena Carlo Ancelotti ngo amusubirire mu kwezi kwa gatanu.

Sarri yavuze ati:"Ni ikiringo gihambaye mu kazi kanje."

"Ndizeye ko tuzokwerekana umupira unezereye ku bakunzi bacu kandi ko tuzohiganira ibikombe mu mpera z'uyu mwaka, ibikombe uyu mugwi ukwiye kuronka.

Maurizio Sarri's Serie A record at Napoli: 114 games, 79 wins, 22 draws, 13 losses
Insiguro y'isanamu, Umwimbu wa Maurizio Sarri mw'ihiganwa ryo mu Butaliyano amenyereza Naples

Abaye umumenyereza wa 13 azanywe na nyene uwo mugwi wa Chelsea, Roman Abramovich kuva awuguze mu 2003, harimwo na Jose Mourinho hamwe na Guus Hiddink incuro zibiri zibiri.

Igenwa rya Sarri ryari ryitezwe, ubona ko Chelsea yemeye kukuriha akenewe kugira agondozwe kuko yari asigaje imyaka ibiri muri Naples, kandi yagumye ku rutonde rw'abahembwa n'uwo mugwi inyuma yo kugena Ancelotti n'umumenyereza mushasha.

Gary Lineker tweet

Ahavuye isanamu, Twitter