Antonio Conte avuga ko ata kibazo afitaniye na Chelsea

Umumenyereza wa Chelsea Antonio Conte yipfuza kwitorera abakinyi

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Umumenyereza wa Chelsea Antonio Conte yipfuza kwitorera abakinyi

Umumenyereza Antonio Conte avuga ko ashimishwa n'imigenderanire yiwe n'umugwi wa Chelsea inyuma y'urukurukuru ko yoba amaze igihe atumvikana na nyene umugwi Roman Abramovich.

Conte, w'imyaka 48, yafashije aba Blues gutwara igikombe ca Premier League mw'ihiganwa riheruka, muri kino gihe uwo mugwi ukaba uri mu kibanza ca gatatu, amanota 15 inyuma ya Manchester City.

Bivugwa ko Abramovich yoba afise agashavu, bitewe nuko uwo mutaliyano yoba yavuze ko atitoreye abakinyi uno mwaka.

"Nonezegwa mbandanije nkorana n'abakinyi banje," niko Conte yavuze.

"Ndanezerezwa nukwama nitanga kubera kano kazi. Nonezerewe cane haje abakinyi bashasha.

"Nama nsubiramwo vya bindi - Ndi umumenyereza. Akazi kanje n'ugukorera ineza umugwi wanje, gutez'imbere abakinyi b'uyu mugwi."

Ku munsi wa gatatu, inyuma yo gutsindwa na Arsenal mw'ihiganwa EFL, Conte yabwiye abamenyeshamakuru ko umugwi "ariwo ufata ingingo ku mukinyi uwariwe wese" igihe co guhanahana abakinyi.