Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Maurizio Sarri ni we yagenywe mu mabanga y'umumenyereza mushasha wa Chelsea asubiriye Conte
Maurizio Sarri yavuze ko ashaka kuzana "urukino rw'umupira runezereza" muri Chelsea inyuma yo kugenwa kuba umumenyereza w'uwo mugwi mu kiringo c'imyaka itatu, akaba asubiriye Antonio Conte aherutse kwirukanwa.
Uwo mugabo w'imyaka 59 asubiriye mugenzi we w'umutaliyano Antonio Conte yirukanywe kuri uyu wa gatanu inyuma y'imyaka ibiri yari amaze muri Chelsea.
Sarri yashikanye umugwi wa Naples mu kibanza ca kabiri mu myaka itatu amaze mw'ihiganwa ryo mu Butaliyano, uherutse kugena Carlo Ancelotti ngo amusubirire mu kwezi kwa gatanu.
Sarri yavuze ati:"Ni ikiringo gihambaye mu kazi kanje."
"Ndizeye ko tuzokwerekana umupira unezereye ku bakunzi bacu kandi ko tuzohiganira ibikombe mu mpera z'uyu mwaka, ibikombe uyu mugwi ukwiye kuronka.
Abaye umumenyereza wa 13 azanywe na nyene uwo mugwi wa Chelsea, Roman Abramovich kuva awuguze mu 2003, harimwo na Jose Mourinho hamwe na Guus Hiddink incuro zibiri zibiri.
Igenwa rya Sarri ryari ryitezwe, ubona ko Chelsea yemeye kukuriha akenewe kugira agondozwe kuko yari asigaje imyaka ibiri muri Naples, kandi yagumye ku rutonde rw'abahembwa n'uwo mugwi inyuma yo kugena Ancelotti n'umumenyereza mushasha.